Accueil > Amakuru > u Burundi > "Igiti " Inzoga igisibije mu ntara ya Bururi
"Igiti " Inzoga igisibije mu ntara ya Bururi
mardi 29 Ndamukiza 2014
Mu ntara ya Bururi inzoga itemewe n’amategeko yitwa IGITI iratuma umutekano mu ngo n’imibano uhungabana. Igituma idatuzwa bivugwa ko hoba hari abaporisi hamwe n’abarongoye imitumba basanzwe bakorana n’abo bakora iyo nzoga.
Iyo nzoga bita Igiti iragisibije muri iyo ntara ya Bururi. Mu nama yari yatunganijwe na buramatari w’intara ya Bururi Gloriose Nimenya, basanze igituma iyo nzoga idatuzwa, bitumwa n’uko abaporisi n’abarongoye imitumba boba bakorana n’abagenga iyo nzoga.
Iyo nzoga rero ivugwa cane cane ku mitumba ya Mugina, Nyavyamo , Mibira, Burarana, Burunga, Kiremba na Gasanda yose ikaba iri mu makomine y’intara ya Bururi. Mu gukora iyo nzoga bakoresha inanasi, isukari ,levure hamwe n’icayi.
Iyo babuze isukari, baca bakoresha merasi bagaca bahonderamwo amatafari kugira ihindure ibara. Abanyoye iyo nzoga rero nibo akenshi usanga biraye mu mirima y’abarundi baja gusahura. Bamwe bavuga ko iyo nzoga igoye gutuza cane, kuko akenshi abayikora usanga bakorana n’abaporisi bamwe bamwe, hamwe n’abajejwe imitumba.
Abari muri iyo nama basavye ko abayikora bodomwako urutoke, ndetse bagahanwa hakwirikijwe amategeko.
Floxella Karire
Messages
29 Ndamukiza 2014, 15:25
��������������������������������������kumbwaje nibazayuko bokoranya aboba porisi baka bumvisha yuko iyonzoga ikwiye gutuzwa kand ari neza ya twese bagakorana na bajejwe imitumba mugutanga impanuro
30 Ndamukiza 2014, 00:26, par Nwari
Reka umuntu anywe icashaka kuko nabategetsi munywa WISKY ETC ntawubafata kandi mushwana kureza ?kubera izoga zizi,butse zabantu bato bato muca muzigwanya muzisesa biraba je kandi atuwusesa izanyu birabanje
30 Ndamukiza 2014, 12:02, par Keza
Jewe sinumva ingene babuza kunywa ico umuntu yifuza atawe atutse.
Nibareke abantu bakuze binywere ico giti,ariko babuze abana batarakwiza imyaka 16 kunywa iyo nzoga.Ni inzoga y’abakene; abatunze banywa vyeri n’ibindi.