IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu bahitanywe n’imvura y’isegenya bararenga 150

Abantu bahitanywe n’imvura y’isegenya bararenga 150

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Igitigiri c’abakomeretse n’abitavye Imana mu mvura yaguye mu Gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco kiguma ciyongera, abantu barenga ijana na mirongo ine bakaba bamaze kumenyekana ko aribo bitavye Imana.

Iyo mvura yo mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma ikaba yarononye ibitari bike, tutibagiye ubuzima bw’abantu barenga ijana na mirongo ine bakaba bamaze kuhasiga ubuzima. Abacitse kw’icumu nabo n’ubu ntibagira aho bakika umusaya kubera iyo mvura y’isegenya. Reta rero iriko irita ku rutare kugira ibafashe mu maguru masha, abo banyagihugu baronke aho bakika umusaya.

Umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Firipo Nzobonariba akaba yaciye atangaza ko Reta y’Uburundi yatanze ikigandaro c’iminsi ibiri mu gihugu cose, ndetse amabendera yose akabwirizwa kumanikwa gushika hagati. Kuri uyu wa mbere ku muhingamo rero, abitavye Imana bahitanywe n’iyo mvura 35 bakaba baciye bashingurwa, kuko ibibanza vy’uburuhukiro vyari vyarengewe. Muri ivyo birori umukuru w’igihugu, icegera ciwe ca kabiri n’abarongoye inama nshingamateka na nkenguza mateka, bakaba bari bahashitse, mu kwifatikanya n’abandi babuze.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uburundi buhuye nivyago nki vya haiti bikongera bikaba nki vyabaye muri cagihe ca nowa mana tabara abavandimwe bacu bari muvyago kandi uhe iruhuko ridashira abitavvimana.

  • Ababuze mwihangane!!Ariko ntitwibagireko bimwe vyavugwa muri bibiliya biranga iminsi yiherezo.nyamugigima,indwara z’ibiza ivyago vy’uburyo bwose(matayo igice ca23)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.