Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitigiri c’abarundi birukanwa muri Tanzaniya kiguma ciyongera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igitigiri c’abarundi birukanwa muri Tanzaniya kiguma ciyongera

Igitigiri c’abarundi birukanwa muri Tanzaniya kiguma ciyongera

lundi 9 Nyakanga 2013

Igitigiri c’abarundi birukanwa mu gihugu ca Tanzaniya kibandanya ciyongera, ndetse abenshi muribo bataha atakintu na kimwe bafise, aho usanga baratandukanye n’imiryango.

Ivyo bikaba ari ibimenyeshwa n’umukenyezi basanze ariko ararima ari kumwe n’akana kiwe baca bamusaba gutaha mu Burundi vyihutirwa, ntibanamuha n’akanya ko kuja muhira gutora utwana tundi twari dusigayeyo, ubu akaba afise n’ubwoba ko utwana twiwe dushobora kuba tutakiriho.

Abarundi bamaze kwirukanwa mu gihugu ca Tanzaniya ubu bararenga amajana icenda. Aho bari mu ntara ya Kirundo, babayeho nabi, bakaba bafise icizere c’uko bazoronka ico bahereza amaboko, bashobore guhembwa, na rirya abenshi muribo basanze amatongo yabo yaragurishijwe n’incuti zabo.

Ubu abenshi usanga babeshejweho n’ugusaba kuko ivyabo vyose babisize mu gihugu ca Tanzaniya. Ubu Leta ikaba yatanguye kubafata mu mugongo mu vyerekeye imfungurwa.

Abandi 16 birukanywe mu gihugu ca Tanzaniya barashitse mu ntara ya Cibitoke, nabo nyene bakaba babayeho nabi cane .

Ku makuru ajanye nayo nyene, igihugu ca Tanzaniya kiguma cirukana abarundi babayo, abashitse ubwa nyuma bakaba bagera ku 111, abo bakaba bakiriwe muri komine Mabanda.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.