Accueil > Amakuru > u Burundi > Igitigiri c’abarundi birukanwa muri Tanzaniya kiguma ciyongera
Igitigiri c’abarundi birukanwa muri Tanzaniya kiguma ciyongera
lundi 9 Nyakanga 2013
Igitigiri c’abarundi birukanwa mu gihugu ca Tanzaniya kibandanya ciyongera, ndetse abenshi muribo bataha atakintu na kimwe bafise, aho usanga baratandukanye n’imiryango.
Ivyo bikaba ari ibimenyeshwa n’umukenyezi basanze ariko ararima ari kumwe n’akana kiwe baca bamusaba gutaha mu Burundi vyihutirwa, ntibanamuha n’akanya ko kuja muhira gutora utwana tundi twari dusigayeyo, ubu akaba afise n’ubwoba ko utwana twiwe dushobora kuba tutakiriho.
Abarundi bamaze kwirukanwa mu gihugu ca Tanzaniya ubu bararenga amajana icenda. Aho bari mu ntara ya Kirundo, babayeho nabi, bakaba bafise icizere c’uko bazoronka ico bahereza amaboko, bashobore guhembwa, na rirya abenshi muribo basanze amatongo yabo yaragurishijwe n’incuti zabo.
Ubu abenshi usanga babeshejweho n’ugusaba kuko ivyabo vyose babisize mu gihugu ca Tanzaniya. Ubu Leta ikaba yatanguye kubafata mu mugongo mu vyerekeye imfungurwa.
Abandi 16 birukanywe mu gihugu ca Tanzaniya barashitse mu ntara ya Cibitoke, nabo nyene bakaba babayeho nabi cane .
Ku makuru ajanye nayo nyene, igihugu ca Tanzaniya kiguma cirukana abarundi babayo, abashitse ubwa nyuma bakaba bagera ku 111, abo bakaba bakiriwe muri komine Mabanda.
Floxella Karire