IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igitoro "Essence" cagabanutse amafaranga 120 kw’iritiro

Igitoro "Essence" cagabanutse amafaranga 120 kw’iritiro

vendredi 19 Kigarama 2014

Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi bwafashe ingingo y’ukugabanura ibiciro vy’ibitoro. Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko bagabanuye, kuko no kw’isiko mpuzamakungu ibiciro vy’ibitoro vyagabanutse.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu kane, ibiciro vy’ibitoro vyagabanutse amafaranga kuva kuri 50 y’amarundi gushika kw’ijana na mirongo ibiri (120 Frs Bu). Iritiro y’igitoro co mu bwoko bwa Essence ryavuye ku mafaranga y’amarundi 2340 y’amarundi gishirwa ku mafaranga 2220 (iritiro rimwe ryagabanuweko amafaranga y’amarundi 120). Iritiro y’igitoro Gasoil ryavuye ku mafaranga 2200 y’amarundi, rishirwa ku mafaranga 2150 y’amarundi.
Igitoro ca pétrole cavuye ku mafaranga 2020 y’amarundi gishirwa ku mafaranga 1920.

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi bamenyesha ko ivyo biciro vyagabanuwe kuko no kw’isoko mpuzamakungu cagabanutse. Rikaba rigize kabiri ivyo biciro vy’ibitoro bigabanuwe mu kiringo c’ukwezi kumwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • None iyo Mana ivuye he? Ahubwo ni basubire bagabanure kandi, erega ryari ryabaye ibara. Gusa nuko umuntu atazi ko bizobandanya. Bihute kandi kugabanura ibiciro vyo kwiytunguruza

  • Imana ikoneze guhabwa icubahiro cayo ibihevyose, hanyuma iyobigenzegurtyo muturabireko nibiciro vyagabanutse kubiyunguruza ubonako abarundi dukundacane kwunguka vyumurwngera kandi abodishakako ubwobutunzi bahangayitse bimyebiboneka, Imana ikoneze guhezagira u Burundi.

  • Erega Leta yacu n’umuvyeyi naho hariho abatavyemera."imbere ni heza."

  • Ntaco muragabanura ubu kwisoko mpuza makugu igiciro kigeze musigato kwibeye cahorako haciye imwaka itanu(5ans) nn namwe wumva ariko mwabigeje? Ewe DD urawishe nabi.

  • Huhuhuhuhuhu!!!!natco bakoze 12ofbu nkaho usanga kwisoko mpuzamakungu hoho bagabanije canegose.ariko ntaco .hariho ivyizigiro ko Uhoraho Azoduha Indongozi Nziza Cane .Koko Iyo Ahezagiye Uburundi Bishikira Muntoke Z’indyadya .Humura D Lorld is coming to lift up burundi

  • jewe ndatangara cane gose, iyo igitoro kiduze, amahere yo kwiyunguruza kubakoresha transport en commun(Bus) ubwonyene aca aduga. batebeje kuyaduza, bene ama bus baca bagira greves. ariko iyo igitoro kimanutse amahera ya bus ntamanuka kugirango umwene gihugu atore agahengwe, nne ivyo vyobazwa nde?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.