IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi mu Burundi

Ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi mu Burundi

mercredi 1er Rusama 2013

Hisunzwe icivugo « Dushire hamwe, twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere rirama. Duhinduke tumemenye ko iterambere ridukomokako rikatugarukako », mu gihugu c’Uburundi bifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umusi mukuru wahariwe abakozi n’akazi, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 01 Rusama 2013.

JPEG - 6 Mo

Mu gisagara ca Bujumbura, ibirori vyari vyatewe iteka na Nyakwubahwa icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Thérence Sinunguruza, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi, umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara, uwahoze arongoye igihugu c’uburundi, Sylvestre Ntibantunganya, abashikiranganji batandukanye, abashingamateka n’abakenguzamateka, n’abandi banyecubahiro bo mu bisata bitandukanye vy’akazi ka Leta.

JPEG - 5.9 Mo
JPEG - 5.5 Mo

Abakozi bahurikiye mu bushikiranganji butandukanye hamwe n’amashirahamwe yaba aya Leta canke ay’abikorera ivyabo, nibo bari bitavye iryo sango, bashajije, bitwaje n’ivyapa vyerekana ivyo bakora n’ivyivugo vyabo.

Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi yasavye abari ngaho kwisunga icivugo catowe muri uyu mwaka, abarundi bakijukira ibikorwa kuko vyofasha guha akazi urwaruka rwinshi rutagafise kandi rwarize amashure, na Leta igaheza igashobora kurangura neza imigambi yiyemeje harimwo uwo kuvuza abana bari munsi y’imyaka itanu n’abavyeyi bibaruka. Ingeso y’ubunebwe yocibwa mu barundi, eka noneho ba sokuru barayamaze bati « Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo », kandi « Uwutarimye ntamira. »

JPEG - 5.3 Mo

Uwo musi mukuru mpuzamakungu w’abakozi n’akazi ushitse mu gihe abanyamitahe n’abarundi muri rusangi bari mu bukene. Ni muri iyo ntumbero mbere Leta y’Uburundi yafashe ingingo zorohereza abashaka kuzana imitahe yabo mu Burundi.

Erariya Nibizi, icegera c’umukuru w’urunani rw’abakozi mu Burundi, ari nawe yavuze kw’izina ry’abakozi, yashimiye Leta yo yashimye kwifadikanya n’amakungu mu guhimbaza uwo musi uha akaryo abakozi n’abakoresha ko kuja hamwe bakaganira ku ntambwe bamaze gutera mu kazi ka misi yose. Muri uno mwaka, Nibizi Erariya abona ko Uburundi bwasubiriye inyuma kuko ubuzi bwinshi bwa Leta bwugaye. Ivyo bikaba vyunyuwe n’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye kandi ariyo yari itunze abarundi batari bake.

JPEG - 5.4 Mo

Yasavye Leta ko coba icirwa, igategekanya ingene amasoko akingirwa, ibibanza navyo biriko birubakwa bikazotangwa ku mugaragaro, atawurenganijwe. Leta y’Uburundi yayisavye kurenganura abakozi ba Leta bakuwe mu kazi ariko mu nyuma bikagaragara ko ivyo bavuga batarira busema.
Kubwa Erariya Nibizi, abakozi bakoze bakarwiza umwimbu, Leta nayo yosabwa guca ifata ingingo zihasha ba kaboko, gutyo umwimbu wavuye mu nguvu z’abarundi ntuherere mu mifuko no mu nyungu za bamwe bamwe.

Mu bisata vy’akazi ka Leta harabonetse ihagarikwa ry’akazi, bivuye ku ngingo zitaba zahurijweko n’abakozi n’abakoresha, canke n’abakozi na Leta. Ingendo yagaragaye yo gushaka gukoresha umukazo, Ereri Nibizi yasavye ko yahagarikwa hakisungwa ikiyago kuko « Ibigiye inama bigira Imana ». Yasavye Umukuru w’igihugu ko atotera umukono ku tegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru batabanje kuritosora, na cane cane ko vyabonetse ko ryazanye impari nyinshi kuko abo ryega batabihurujeko na Leta.

Mu kurangiza, yasavye Leta ko yovavanura n’ibivurwa ko akazi gatangirwa mu migambwe, maze ashimira abashoboye kurwiza umwimbu, kumwe n’uwaserukiye abakoresha yashimiye amashirahamwe mpuzamakungu nka Banki ya Afrika ijejwe iterambere, ishirahamwe PNUD, ibiro mpuzamakungu bijejwe akazi batahengeshanyanije gufata mu mugongo imigambi yo mu Burundi.

JPEG - 4.9 Mo

Uwahagarariye ivyo birori kw’izina rya Leta, Therence Sinunguruza yamenyesheje ko Leta itazohengeshanya gufasha mu migambi y’iterambere, kurwanya ubukene, no gushigikira abafise imigambi yo kwiteza imbere. Yasavye abari ngaho gukura amaboko mu mpuzu, bijukire ibikorwa, gutyo abarundi biteze imbere.

JPEG - 5.3 Mo

Abafashe amajambo bose barangije bipfuriza abarundi umusi mukuru mwiza w’akazi, ibirori bikaba vyasozerewe n’umurisho w’ingoma, n’intambo z’imirwi ndangakaranga.

JPEG - 6.1 Mo
JPEG - 5.6 Mo

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.