IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ijambo rya Petero Nkurunziza ku munsi mukuru w’abakozi n’akazi

Ijambo rya Petero Nkurunziza ku munsi mukuru w’abakozi n’akazi

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yatuzigamye gushika kuri uyu musi mukuru w’abakozi n’akazi, wama uhimbazwa kw’isi yose igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe.

2. Twifatanije n’abakozi n’abakoresha bose bo mu Burundi n’abo kw’isi yose, mu guhimbaza no mu kwibuka ingene uwo musi uhambaye mu buzima bw’abakozi watanguye, ingene wagenze n’inyungu abakozi bakuyemwo n’ubu tukinezererwa. Nkako, muribuka ko hari mu mwaka w’i 1886 i Chicago aho abakozi batsindira gukoreshwa runtu amasaha 8 ku musi, bahora bakoreshwa nk’abaja.

3. Kw’izina rya Leta turongoye no kw’izina ryacu nyene, turipfurije abakozi bose umusi mukuru mwiza n’amagara meza abashikana kw’iterambere rirama.

4. Icivugo c’uno mwaka naco kikaba ari : Duhuze umutima n’inama, dushigikire twongere dushire mu ngiro umugambi mukuru wo kuvuza abanyagihugu, kuko amagara ari inkingi y’iterambere rirama.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’uburundi,

5. Ku musi mukuru nk’uyu, ni akanya kuri twese dufise ico dukora kikatubeshaho kwirimbura tukaraba ivyo twashoboye n’ivyatugoye canke bikatunanira mu ntumbero yo gukomeza ivyiza no gukosora ivyatugoye.

6. Ico dukwiye kumenya, ni uko kugira dushikire iterambere bidusaba umutima wo gukunda ibikorwa. Akamaro nako karigaragaza, kuko haca haboneka iterambere rirama, ubukene bukagabanuka mbere bugahera, abantu bagafashanya kandi bagatekana, bigatuma banagira imigambi yo ku mwanya muremure.

Ivyo rero umwe wese, mu gisata ajejwe, agize umutima wo gukunda ibikorwa, bivyara iterambere mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu.

7. Abarundi rero turakwiye gukunda ibikorwa mu gukorera igihugu catwibarutse. Nidukure amaboko mu mpuzu, dukore duhuje umutima n’inama. Aya majambo arakomeye kuko igihe abakoresha n’abakozi, abikorera ivyabo, abanyagihugu bose bakoze bahuje umutima bivyara iterambere, ubutunzi, amahoro, umutekano n’umunezero. Bitagenze uko, twarabibonye ibikorwa biradindira, nazo ingaruka mbi nyinshi zikigaragaza, ni nk’inzara, ubukene, umwikomo, ishari, ubwicanyi n’ayandi mabi. Nta muntu rero n’umwe akwiye kwigira sindabibazwa kuko turakeneraniye.

8. Iyo tugiye inama imbere yo gutangura igikorwa runaka, bituma haba ishaka, umwimbu ukagwira. Nayo hatabaye kuja inama n’ingingo mu kazi, turasubira inyuma mw’iterambere. Umwe wese rero yohimiriza abandi mu buzi butandukanye ngo bame bahuza umutima n’inama mu kuja ku bikorwa, kuko arivyo soko ry’iterambere rirama.

9. Ni muze rero twese tuve hasi, dukunde kandi dukorere igihugu cacu, tugiture amaboko, umutima n’ubuzima, nkuko ururirimbo ruhayagiza Uburundi bwacu rubivuga.

10. Turashima ko benshi bamaze kubitahura, ikimenyamenya bikaba ari ibikorwa rusangi vyaranguwe aho hubatswe amashure mato mato, ayisumbuye na Kaminuza, amavuriro n’ibitaro, ibiro vy’indongozi, ibibuga vy’lnkino, amasengero, ingoro z’imigambwe, amazi ya rusengo, n’ibindi bitari bike kandi biteye igomwe.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’uburundi,

11. Uburundi ni umurima w’isangi. Twese dukwiye guhaguruka tugakora tutaravye ibidutandukanya, vyaba ivya politike, ivy’imibano, ivy’amadini, ubwoko, intara n’ibindi.

12. Leta turongoye, yarakoze ibitari bike mu bijanye n’abakozi n’akazi, na cane cane mu bijanye no kugwiza akazi hamwe no kuvuza abanyagihugu. Ibi bibonekera mu mwiteguro ugeze kure wo gushiraho umugambi mukuru w’igihugu wo kugwiza akazi, ishirwaho ryimirije ry’urwego rwo kugwiza no kugenzura akazi, kugira tumenye ku musi ku musi ubuzi buhari n’ababukeneye, naburya muri Leta akazi katakiboneka ku rugero runini.

13. Turasavye cane cane urwaruka kuja mu mashirahamwe kugira Leta n’abayifata mu mugongo biborohere gushigikira imigambi y’iterambere urwaruka ruzoba rwakoze. Tukarusaba no kutinenaguza akazi naburya ahacu turiko turorohereza abashinga amashirahamwe n’imitahe.

14. Leta kandi ibicishije mu mu gambi PRODEFI iramaze kuronsa ibikorwa urwaruka rushika 20.000 mu makomine 4 gusa, uwo mugambi ukaba ugiye kuzokwira igihugu cose mu myaka iri imbere.

15. Ahandi akazi kariko karaboneka ni mu bikorwa vyo gusanura no kwubaka amabarabara, hamwe no mu gisata c’ubutare.

16. Leta yaratanguje umugambi w’ishure shingiro ihinyanyura kandi inyigisho zo muri Kaminuza, kugira abahejeje ayo mashure bashobore kwibeshaho, kuronka akazi mu Burundi, mu bihugu vyo mu karere turimwo, eka mbere no mu makungu, ubu no muri kazoza.

17. Tubandanya kandi kugwiza amashure y’imyuga, kuko abayahejeje biboneka ko bashobora kuronka akazi canke bakikorera ivyabo, bakagwiza akazi bakoresheje ubuhinga bize muri ayo mashure.

18. Twomenya kandi ko n’abagendana ubumuga batibagiwe, kuko babandanya bategurirwa inyigisho zisunze ubumuga bafise, kugira nabo nyene bashobore kurangura imirimo ishobora kubateza imbere.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’uburundi,

19. Nk’uko twabivuze, Leta yaritayeho umugambi mukuru wo gushigikirana no gutegekaniriza kazoza abanyagihugu. Nkako, Urwego rw’igihugu rujejwe gushira mu ngiro uwo mugambi rwaragiyeho, mbere rukaba rwaratanguye kurangura imirimo yarwo, kugira umurundi wese ahari, ashobore cane cane kwivuza no kuvuza umuryango wiwe. Turusavye gukorana umwete n’ubwira bwinshi, kugira abanyagihugu baronke ivyiza vyawo ningoga.

20. Uyu mugambi ukaba ugiye wiyongera ku yirangurwa n’amashirahamwe INSS, Mutuelle na ONPR. Twagira duce tuboneraho akaryo ko gushimira ishirahamwe SOCABU ku bitaro vya kijambere " KIRA HOSPITAL" ririko rirasozera kwubaka bizopfunyiriza urugendo benshi bahora baja kwivuza hanze.

21. Ku yindi migwi y’abanyagihugu naho, Leta isanzwe yaramaze gufata ingingo zo kuvuza ku buntu mu bitaro n’amavuriro vya Leta abana batarenza imyaka 5 n’abakenyezi bibungenze bayibarukiramwo.

22. Haratanzwe kandi agakarata ko gufashanya ko kwivurizako(CAM) ku mafaranga abayabaye 3.000 ku mwaka. Turashimiye intara ya Cankuzo yitavye neza cane ako kamo, kuko bashitse ku rugero rwa 90%, duhamagarira n’abo mu zindi ntara kwitabira ico gikorwa kandi twumve ko tutabanza kurwara hanyuma ngo tukagure.

23. Leta iratanga imisegetera ku buntu kugira ngo abanyagihugu bikingire malariya, abana nabo bararonka incanco zitegekanijwe, kugira bakure bafise amagara meza. Si ivyo gusa, kugira imiti izimbuke, Leta yarakuye amakori n’amatagisi yatangishwa ku miti n’ibikoresho vyo kwa muganga biriko birinjira bivuye kurangurwa hanze.

24. Leta kandi yarorohereje abashaka kwugurura amashirahamwe y’abigenga yo kwivuza n’ayo kuziganya kugira abanyagihugu bashobore gushigikirana mu kuvuzanya no mu kwitegekaniriza kazoza. 25. Imigambi nk’iyo rero, Leta yiyemeje kuyishigikira bimwe biboneka, kuko ari imigambi ifasha abanyagihugu mu kubaronsa ubuzima bwiza. Mu misi ya vuba, tukaba tugiye gushiraho itegeko rigenga ivyerekeye gutegekaniriza no kuvuza abanyagihugu.

26. Turashimiye abakozi bose baranguye neza ivyo bajejwe, bagafasha na benewabo bahuye n’ivyago vy’imvura i Bujumbura n’ahandi, tubasaba kubandanya bafise uwo mutima wamye uranga abarundi.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’uburundi,

27. Ku bijanye n’ibwirizwa nshingiro, twashaka kumenyesha icese ko hagumye iryatowe n’abanyagihugu mu mwaka w’i 2005. Ibitashobotse guhinduka naho bimwe bitari bikijanye n’ibihe tugezemwo, bizohinyanyurwa inyuma y’amatora yo mu 2015. Turahumurije rero abarundi n’amakungu, tubabwira ko ata nzu iriko irasha, amatora azogenda neza gusumba ayo twatunganije mu 1993, 2005 no mu 2010 naho bigaragara ko hariho abatagishaka demokarasi mbere bipfuza no gusenyura inzego. Abo nabo baciyumvira uko, turabakebuye kuko ntaho bitaniye n’ukwiyahura. Vyiza, ni batekereze batekane kuko nivyo bizobagirira akamaro, bo n’ababo. 28. Twashaka kandi kugira ico dushikirije ku bimaze imisi bivugwa kuri raporo zatanzwe mu kinyegero. Twihweje ico twashikirije abaserikira ibihugu vyabo igihe twipfurizanya nabo umwaka mwiza w’i 2014, twaraberetse ko Leta turongoye irajwe ishinga no gusubiza hamwe no kunywanisha abarundi kugira akabi kashitse muri kahise ntikazongere kuvugwa mu gihugu cacu c’uburundi.

29. Turasubiye rero guhumuriza abarundi n’amakungu. Nibasubize umutima mu nda. Leta igiye gukora ibishoboka vyose kugira tugwanye kandi dutuze abo bose bashaka gusubiza abarundi mu kahitiye aho vyoturuka hose, haba mu majambo, mu binyoma, mu marementanya, mu nzandiko canke mu bikorwa bigayitse vy’ubwicanyi n’amacakubiri, abo bose bamenye ko uwuzorukarisha ruzomumwa kandi ata ntambwe azoduterana, nayo abatega imitego Leta ni bo bazoyirwamwo.

30. Ingingo zose zishoboka Leta izozifata kugira ikingire Uburundi n’abarundi. Ntituzokwihanganira na gato umuntu n’umwe yaba umurundi canke umunyamahanga arota aryanisha kandi acanishamwo abonse rimwe.Nkuko twaraye tuvyiyemeje mu nama yahuje inzego nkuru nkuru z’umutekano, intwaro n’ubutungane yabereye i Muramvya ejo hahise ku wa 29 Ndamukiza 2014, turasavye abarundi bose ngo bakurikiranire hafi bongere badome urutoke kandi bashengeze abo bose bagifise agatima k’amacakubiri muri bo kugira ntibadusamburire ubumwe, amahoro n’umutekano twaronse bivuye kure, nibacire birarura.

31. Twashaka kandi gusaba abarundi kudasamazwa n’ibivugwa cane cane muri ibi bihe twimirije amatora. Nimwigumire nyabuna ku bikorwa, tunabibutse ko amatora atariyo abeshaho benshi. Ni co gituma tubasavye ngo mugume ku kivi,murondere nyabuna ibizobatunga be n’imiryango yanyu. Ico amatora adufasha, ni ukuronsa igihugu inzego zo kugitunganya zihuye n’ugushaka kw’abanyagihugu n’imigambi ibashimisha biciye mu matora.

32. Tuboneyeho akaryo ko gusaba amakungu n’amashirahamwe mpuzamakungu ngo barungike abarorerezi boza vuba gukwirikirana amatora kuva ubu agitegurwa, agitunganywa, ariko araba n’inyuma yayo, kugira bime amatwi babandi baterekwa demokarasi n’amatora, maze ikinyoma gikubitirwe ahashashe.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’uburundi,

33. Twashaka gusaba abakozi n’abakoresha ngo bubahirize amasaha y’akazi, bakire kandi batunganirize ababituye bafise ibibagoye.

34. Dusabe Imana ngo muri bino bihe itwongerereze ubwenge, ubukerebutsi, ingabirano yo gutandukanya icatsi n’ururo no gutahura, kuko ivyo arivyo vyubaka kandi bigakomeza igihugu n’ubumwe mu banyagihugu.

35. Banyagihugu, mwime amatwi ba gateranya cane cane abamunzwe n’amacakubiri ayariyo yose, abamenyereye muri kahise gukamisha umugumuko, umugararizo no gucanishamwo abonse rimwe. Musenyere nyabuna ku mugozi umwe mu bikorwa vy’iterambere rusangi, gurtyo hame haba ihiganwa, maze ibinebwe bibure icicaro i Burundi.

36. Tuboneyeho akaryo ko gukeza abamaze imisi batera iteka igihugu cacu nka Nyakwubahwa umuhuza w’abarundi, Umuhinga Benjamin BIKORIMANA ku gashimwe aheruka kuronka kajanye no guhingura amakara mu myavu, Nahum Barankiriza kuba yatowe nk’umurundi wa mbere mu kwitwararika iterambere mu gihugu no muri Afrika, Abakinyi bamaze imisi baronka ubushimwe mu nkino, haba muri Taekwondo, umupira w’amaboko Tenis, mu mupira w’amaguru ku bana bo mw’ibarabara.

37. Turabasavye kandi ngo mumenye ibihe tugezemwo navyo bikaba ari ivy’amahoro. Vyongeye mumenye ko dutegerezwa gukamisha amahoro ibikorwa, tugasiganwa n’iterambere, tugacunguza umwanya umwete naburya twatakaje vyinshi muri kahise bikaba vyatuviriyemwo ubukene nabwo mukaba muzi ko ari agatukisha, ari ukwiha amenyo y’abatwenzi.

38. Tuboneyeho akanya ko gukebura abanyeshure bo mu makaminuza bari muri yegereyegere. Banyeshure, turabinginze mutere intambwe, mugaruke mu vyigwa, maze ibindi bibazo tubiganire muri ku mirimo. Kazoza kanyu n’ak’igihugu kabahanze amaso.

39. Burya abarundi bose bari ku kivi si uko bafise ivyo bipfuza vyose. Barazirikana uko twifashe, bagashima ivyo bagezeko natwe tukarondera ibindi tukabironka uko dukora dutera imbere. Ibibazo abarundi dufise bizotorerwa umuti cane cane mu gukunda igihugu cacu no kugikorera ntabwo ari mu bunebwe, no kwicara, ahubwo ni ugukovya tugakora, tukiga n’ingene twobivamwo, atari uko, vyose tuzobibura dusigare twicuza.

40. Dusavye ubushikiranganji bubijejwe gusubira gutanga itariki yo gutangurirako ivyigwa kandi bizoce bitangura koko ku bazoba baje, maze abandi bazobasange ku kivi.

41. Imbere yo kurangiza, twashaka dushimire ubushikiranganji bw’akazi no gutegekaniriza kazoza abakozi ku gikorwa co kurenganura mu vy’imishahara n’ibisa navyo abashikiwe n’akarenganyo ko mu rwimo rwo 1972. Aba nabo turabakeje cane kubona barihanganye batekereje imyaka irenga 40, ese bobera akarorero abandi bakarindirana ivyizigiro gutunganirizwa, nakare kwihangana gushikana ku ntsinzi no kunesha ibibazo.

42. Twashaka dushimire kandi abo bose bama badushigikira mw’itegurwa no mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere, tukabasaba ko bobandanya badufata mu mugongo mw’irangurwa ry’imigambi mikuru ibiri : Umugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene n’umugambi w’ingene twipfuza ko igihugu coba kimeze mu mwaka w’i 2025.

43. Turakeje kandi intara ya Gitega ihimbarijwemwo ku rwego rw’igihugu uyu musi mukuru kubera ariyo yabaye iya mbere mu bikorwa vy’iterambere rusangi uyu mwaka uheze. Kukaba nkako, bigiye kuba ingendo aho umusi mukuru nk’uyu uzokwama uhimbarizwa mu ntara izoba yabaye iya mbere.

44. Tukaba turangije dusubira kubipfuriza umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze muzirikana ko igihugu ari icacu, kandi ko cubakwa n’abenegihugu baco bagikunda kandi bafise amagara meza yo kugikorera. Twame rero duhuza umutima n’inama, dushigikire twongere dushire mu ngiro umugambi mukuru wo kuvuza abanyagihugu, kuko amagara ari inkingi y’iterambere rirama.

Murakoze,

Umusi mukuru mwiza mwese.


Egide Nduwimana

Messages

  • - Iri jambo rya Pita ririmwo ibintu bikomeye kubijanye namatora
    - Kugace ka 27: ibwirizwa shingiro ryaramunaniye guhindura, amakungu nayo amaze kumugabisha ko adashobora kwitoza ubwagatatu aca ara bivamwo, ariko NYABENDA PASCAL atwara CNDD FDD yari yavuze ko ijambo ryanyuma rifise inama nshingamateka inyuma yaho aba CNDD FDD banse kwemera ivyari vyavuye muri ATELIER DE KIGOBE EN DATE DU 19/12AU 20/12/2013
    - Baheje kunanirwa kurihindura aca avuga ngo ni REFERENDUM, ariko vyose vyahavuye vyanka.ECHEC
    - QUESTION: None VISA DE L’ACCORD D’ARUSHA NA ART302 bari bafise intumbero iyahe ko arivyo baribakuyemwo?
    27... Hariho nabatagishaka democratie mbere bipfuza no gusenyura inzego"", abo nabo YARAKWIYE KUBADOMAKO URUTOKE TUKABAMENYA HAKIRI KARE
    ...kUKO NTAHO BITANIYE NUKWIYAHURA""" irijambo risigura vyinshi cane kwiyahura nibaza ko ari ukwiyica
    28-...kahise kabi ntikazongere kuvurwa mu BURUNDI, UNE TRES BELLE PHRASE ? ESE vyogenda uko abivuze nyene, abo birirwa baratanga ibirwanisho mu MBONERAKURE akabafatira ibihano, ntibiherere mumajambo nka bimwe vua TOLERENCE ZERO
    - 29...ABO BOSE BAMENYE KO UWUZORUKARISHA RUZOMUMWA...ABATEGA IMITEGO ARIBO BAZOYIRWAMWO.AMEN bize bigende uko nyene ubivuze nyakubahwa , kuko abatega imitego nibaza ko na CNDD FDD itarikure
    - 30...Nkuko twaraye tuvyiyemeje munama yahuje inzego nkuru nkuru z’umutekano... ariko inama mwagiranye n’IMBONERAKURE I NGOZI ubitubariyeko kabaye akanywababo, suspect
    - ...amahoro n’umutekano twaronse biciye kure...nibacire birarura, OK aho niho CNDD FDD yari yihendeye mugihe mwashaka kugira CONSTITUTION NSHASHA A VOTRE MESURE ET TAILLE, une leçon!!!
    - 32...kugira bime amatwi bamwe baterekwa democratie , maze ikinyoma gikubitirwe ahashashe.OK subiza imigambwe beneyo mureke guturatuza abayitwara , NDITIJE? RWASA et CONSORT aho niho uzoba werekanye ko uri umu DEMOCRATE SINON UKO NUGUHENDA ABARUNDI NAMAKUNGU KUKO AMA SLOGANTS TURAYAMENYEREYE.

  • Izininkina mico muzindi ubu abarundi barakuvumbuye sinkakera wiyambika igishato cintama niwivugire nubu ntuvuze kwibintu bimeze neza ariko bwacakabiri ngibigega bimezenabi nurye amarira ya benewanyu uzewererw

  • Ese nono kutavuze kukwitoza kukiringo kigira 3?aho wohura utinya kubivuga kuko ufise agatima ko gusubira kwitoza?sha genda abarundi bamwe bamwe twaguhaze pe.uko rera kugitsure cabo urongoye.uratinya imbonera kure kandi arurwaruka rwawe?za uratanga amategeko. Ukoze ikosa afurwa bareke kugutukisha mumakungu.

  • Ese nono kutavuze kukwitoza kukiringo kigira 3?aho wohura utinya kubivuga kuko ufise agatima ko gusubira kwitoza?sha genda abarundi bamwe bamwe twaguhaze pe.uko rera kugitsure cabo urongoye.uratinya imbonera kure kandi arurwaruka rwawe?za uratanga amategeko. Ukoze ikosa afurwa bareke kugutukisha mumakungu.

  • Abarundi nibobavugango akaryoshe ntigahoramwitama! oyantibabeshe! uyumu perezida Nkurunziza iyabatarukubera turimugihe ca democratie twomugumeje kuntebe wubukuru bwigihugu cacu cu Burundi! nayabavugango ubuhoho ngobaramuhinyuye nubundi kuvatorewe kuba umukuru wigihugu ntajwi bigeze bamuha icotubazaba twebwe twamwitoreye nibaduhamahoro maze tubatwareneza. Hanyuma kubavuze ngontiyavuze ivyokwitoza ikiringo kigira 3 jewe nibazako uyumusi ntabwowari uwa meeting yokwiyamamaza, harihuwuvuzengo abarundi bamwebamwe ngobamuhaze jewe murantangaza wewe urahimba ibiryo utigeze urya?! ahonshatsekuvugako mutigeze mumushaka kwaba perezida ariko nubwomutamutoye ubujwibwanyu bwakomeje kubabuke maze abamutora bakababeshi twebwerero twamutoye ntahotwagiye nitwebwe mugumamwumva tuvugango tsinda kuri Ndadaye twacatwongerako ngo (urukombamazi),uburero dukomezatumwira Nkurunziza tuti:tsimbatara, ziryezose, shirira, ekaturamushigikira kugezanaho abobavugako bamuhimvye bacababona mengotwambaye ibirwanisho mazebakacabiruka kubesha ONU ngo turevye ukuntu aribeshi bashigikiye Nkurunziza ngontakibuza nibirwanisho barabifise! ngocanecane Bubanza na Bururi!!! Ariko murirusangi Perezida Nkurunziza abarundi baramukunda bimwebirenze ngoseeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeee!!!!!!!!!!!!!

  • Birori,wewe ntabwo mumutwe wawe ari hazima,uzokwamana ako gatima kabi kugeza ryari?urihenda cane kuko ivyifuzo vyawe birashaje bikuri mumutima abarundi twiteguye kumuhunga amajwi mwemera mwanka,

  • Jacques ahubwo niwwe urindurubuzi ahubwonkeka ntiwasomye neza yavuze katabwirizwashingire rizosubirwamwo kubindi yavuze ninkazankina mico yamayavuze abafasha uburundi arihabori koharibitagendaneza agiye kubikosora gushika nuwumunsi ntanakimwe arakora nubu ururirimbo nirwarundi ahubwo uvuze konasaze ego ariko naw utabona amanyanga yirirwakora asambagura imigambwe imbonerakure gutanga ibirwanisho kunigagura abobatavugarumw ubunyonyezi bwabategetse kuryibiturire
    kadafata inkozi zibibi kutigengakubutabera etc ahubwo wwe nsanze urumuswa egobas

  • Burundi haaaa uriburonke ikigugu ni ryarya zigutwara !!!%/())ashimiye abantu bishe1972 ,yongera agabisha abatari muriDD ko atazobihaganira nagato ko arivyo yaraye avuganye nabakuru ba police?,ashimira intara yagitega kubikogwa rusangi vya DD ?mbega ijambo ryuyumusi yari imyiyama mazo ya DD ncanke ryari irya barundi bose?ewe burundi urababaje ::Wewe MAMA wavuze ko umukunda goseeee urangenda akurongore

  • NAMA NKURIKIRA UYU YIYITA MAMA AVUGA GUSA IBIHAYAGIZA DD NA NKURUNZIZA !!!MBE AYO MAJAMBO AGAYITSE NGO ZIRYE ZOSE NI IBINDI BISHEGU NI UKUVUGA IKI!!!ARIKO NIMBA UTAGABURIRWA NA NKURU CANKE BUNYONI CANKE ADOLPHE N ABANDI BABANDI NTAVUZE WOBONA KO ARI DESORDRE TOTAL ..ARIKO IVYIGIHUTUHUTU NTIBIGIFASHE KUKO HARIHO ABAHUTU BAZI UBWENGE NAYO ABO BA REBLLES BO NUKO ARI IGIHUGU C ANALPHABETES BARENZE KO KANDI BAKENYE...

  • Nkuyu ngo ni Mama yeebabawee!!ahonivyo uraboniyuja?asha nibakureke waraturubuye hayagiza amajambo yubusuma ubuho iyindi migambwe izobayarikanuye
    sinzi komuzokoroherezw mukuyiba naw watanguye kubona kimbere wanyu mwaba dd harigifuka mwitond wagomba uhere kwibwirizwa shingiro ryarabataye kuwamazi egobasi urumuswa

  • Erega iryo sijamambo .yasomye bibiriya yokwiyamamaza kwa dd ,iryoterabwoba naryo yama ariko aragira ubunaho abwiye abanyeshure kunguvu baje kwiga ,ubu yabonye ko bamaze gutunga amahera bYarose yokuba mugisagAra ariko iyontwaro ninyabaki???kabisa harageze kutuvako

  • Erega uwo sugi yiyita mama ntari mu burundi nico gituma atazi ingorane barimwo.uravye ivyo yandika nukwitonesha,gusega,...ariko igihe cagiye.ko mwa mutoye ceni ko itarerekana ivyegeranyo gushika nubu uri gugu,rofa,

  • Mon cher ami Alexis SINDUHIJE, comme je suis membre du parti MSD depuis sa création , j’ai découvert que tu n’étais pas digne d’être le Président de la République du Burundi depuis que tu t’es donné le pouvoir d’insulter les officiers Généraux d’un pays qui tu cherchait àdiriger. Ce qui c’est passé dernièrement découle de ta manque de maturité politique. Mon cher président de notre parti, rappelez la veille du désordre que tu as dirigé àBujumbura je t’ai dis que semer le désordre dans un Pays que nous contons diriger est une mauvaise option , tu m’as répondu avec arrogance que le pouvoir des HUTUS ne doit pas continuer dans la tranquillité. Rappelez vous que un autre compatriote proche de vous vous a dit aussi que la lutte politique ne devrait pas être fondée sur une idéologie de ségrégation ethnique, tu lui a répondu qu’il n’y a pas de HUTU qui peuvent nous élire , et pourtant le Burundi n’est pas pour une seule ethnie des TUTSI.
    Nous qui sommes dans le Pays et qui ne soutiennent le désordre fondé sur la ségrégation ethnique, alors que nous nous souvenons du passé des années 1965,1969,1972,1988,1993,2003 nous nous insurgeons contre la politique divisionniste , nous voulons vivre en harmonie avec nos frères HUTUs, je lance un appel àtous les politiciens burundais de se désolidarisé avec les gens qui cherchent ànous entrainer dans des situations de violence . c’est le moment de développer notre pays , et d’ailleurs la démocratie n’est pas le désordre.

  • Mbega yemwe ko ijambo rya No1 kubanyeshure ba univestè na ENS riduteye ubwoba,ubwo aba delegues ntibagiye kuronderwa n,Imbonerakure muri wamugambi wa "SAFISHA"????Uhoraho atabare uburundi!

  • @ King, Jewembamu Burundi! ariko beshi harigihe bibazankawe ngosimbamu Burundi kubera mfise imiryango mubihugu bitandukanye hiryanohino kw’Isi nudukorwansanzwenkora keshituratuma ntabonekakeshi imuhira, ivyovyose biratuma ntaboneka keshi imuhira. Nayo uwitwa Nwari, ivyoyandika bizomuhumira naboyita kwashigikiye, Ariko urevye jewe ukwongana ubona ivyumvuzeko vyaribikwiye koko!? Ntiwishimire iy’Isi gusa, ariko iconokubwira ivyuvuga witegureko bigiyekukugirira ingaruka icowarikwiyekumenya nuko iyumvuga ibintu nkivyo ntukwiyekwibazako ubabaza jewe cankabandi, ahubwomenya ko ubabaza iyakuremye, IMANA YO NTIKINA MUMWANYA URUPFU RWOKUJANA WEWE UVUGA IBISUNITWE NUMUYAGA, MBEMUGEZI RABAKO IYOMVUGOYAWE IUBONA IMURIKIRA ABANDI? ICUMWAMI YEZU AGUSHAKAKO WEWE NANJE NUKOTWOMUGUMAKO, MUGIHE TURIMUMAGORWARERO CANKE MUMAHIRWE TWIRINDE KUROGOTA. Jewerero ijwiryanje mugihecamatora narihaye Nkurunziza kandi yaratsinze amatora, izongorane mwibazakontabona ziringaha mugihugu jewendazibona nkeka nokubasumvya kandi mubazitera namwe murimwo! Kukontakuntu uzofata umu polisi wigihugu ngumwambure umwambaro wigihugu ngohanyuma bagenziwe bareke kumutabara!? Ndakubwirako namba abasuma ninkozizikibi zigiriranira ubumwe kandintiziba zivamubwokobumwe canke mumigambwe imwe nintarazimwe,None nigute aba polisi batogiriranira ubumwe? mugutabarana mugihe abantubashatse kugirira nabi umwe womuribo?! Wewe urumu polisi wigihugu wobona mugenzawe arikwarakubagurwa hanyuma ugahagararauakarebera ngonikobimeze muntwaro rusangi?. Hanyuma uwavuzeko nshigikira reta gusa na CNDD FDD none kukebuye njewe ubonye arijewe nanditse ngahanabi ngusumba NWARI!? Gerageza usubirinyuma urabe ivyoyanditse urabeko utifata kumunywa, arikojewe gushigikira reta numvatutobipfa? Amabinayo akorwa mugihugu nababwiyeko twese tubifisemwo uruhara igikenewe sukubwira reta ngoyikebuke ahubwo nitwebwe dukwiyekwikebuka!.Wewe wok ko ugiyeguhigura nasowawe yakuvyaye mururworugo hakazopfahabaye amahoro!!!????

  • Kuyu ngoni Mama ngukuntungana unganiki?wumvumariyiki igihugu atashoboye kuvugukuri ngibibiba twese tubifisemwuruhara?ahowovyemeza neza?yuuu!! Nibakureke nimba utarumutegetsi urimuribamwe mudandaza ivyubusuma bitariha namakori abasuma ntibarihake muri dd ivyoturabizi ngurimugihugu?kuki uvuze katamwanya uronka ariko uwuronka wogutumwanya ngaha wandika ibitagirakamaro uwuronka?wokujagutabariza benewanyu ukawubura?iyo Mana uvuga wumvuyizi?imiduga yo mubwoko bwa Prado zama fime zitagira nimero zirirwa zitwarabantu bagatorwa aribiziga nimbatarikwisamazi ntazurabona?urakoriki?bureka kujjishabantu wicceker Iyomwijuru niyihishije vyinshi mureke kwikika inyuma yijambo ryimana Rirya ninkota yakumuriro ntukabuvyina ahavyikiye ukurikurajwi

  • We mama uratwenzakweli wamuvuga ururirimbo rumwe nkarumwe rwa peter ikibishe nukudahanurwa ukuri murakuzi kandi murakubona ikibananira nikugushira mubikorwa ngo nkarwaruririmbo ngo tolence zero
    nonubigeze?Manance yatanguye kwerekana abasuma wobawibuka agahembe bamushimiye atanindwi iheze peter nakakarwibababavuga gafuka mye munda igihugu ntacibaja ibubanza ngobaramukuye ntakirumugumyabanga?ngoni kimenya banga?ariko iyoni yoya Mana uvuga musenga?ahurayizi kko?buretsesha ijomboryimana rirabitomora neza ngo ntawukorera abamibabiri Imana ni faranga ntamutunzi aroja mwijuru ahorero uburekudakebura incutizaw ntumbaz kuva Manase ashiriye ibintu kumugaragaro iyobaheraharya ubu igihugu kibagihagaze neza none miwirambire uwukwanka kwandureko kimwe buvugukuri kandi ukurintikuvuga uwukuze kuvuguwukuzi

  • Nzomukunda Nkurunziza ninyuma yokuba perezida maze uwuzoshaka azondege tuburane nanzingomwarazobereye mukurementanya kurijewe Mama niteguye kubatsinda 100% nayokuwavuze ngo ndimubutegetsi canke mubinziza ibintu bugihugu ntatanze tax urazotara ikirego cawe muri
    OLUCOME nanzingobazi kwubahuka kundambikanya kurijewehoho
    Mama niteguye kubamaramaza mubutungana bwaribwobwose bwomw,Isi niyaba bitabaye ivyo nibundeke mumpamahoro, jewe sinzigeranshigikira ahatarintsinzi ijwiryanye rirazimvye,ariko muravye nkukuntungana bubona Mama mubona noshigikira
    MSD? nimundeke jewenshigikire uwonshaka muzontege haruwo jewensavye ikibanza murubwobutegetsi wirirwa murarwanira ivyonarabirenganye iconobasaba nimumpe amahoro nibandanirize udukorwatwanje twabageze muzabukuru ntekanye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.