IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikarata ndangamuntu zishasha zishobora kuboneka imbere y’amatora ya (...)

Ikarata ndangamuntu zishasha zishobora kuboneka imbere y’amatora ya 2015

samedi 4 Nzero 2014

Mu Burundi indangamuntu zishasha (les cartes biométriques) za mbere zizotangwa mu gihe hazoba hamaze kwiyandikisha abantu 60000, vyamenyeshejwe na Therence Mbonabuca, umuyobozi mukuru ajejwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mu gihe yariko arashikiriza aho imyiteguro y’indangamuntu nshasha igeze, Mbonabuca avuga ko abantu bagera ku 37.725 aribo bamaze kwiyandikisha gushika kw’igenekerezo rya 31 kigarama 2013, na cane cane imbere y’amatora yo mu 2015, dutegura kuzotanga ama karata imiriyoni zitandatu ku wa 15 Ntwarante umwaka w’2015.’’Ariko rero avuga ko abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura batitaba cane ico gikorwa co kwiyandikisha, kugira bazoronswe ikarata ndangamuntu nshasha kuko batinya gutanga amabanga asabwa kuri iyo karata ndangamuntu.

Therence Mbonabuca arabahumuriza kuko hari amakuru azoja ahabona hamwe n’ayandi azoguma mu bubiko bukuru bw’inyabwonko mu co bita (carte mémoire) ayo mabanga akazobonwa n’uwubijejwe gusa. Kubera iyo mvo abanyagihugu ntibari bakwiye kugira ubwoba mu gutanga ayo makuru, kuko atari ibintu bizosomwa ku jisho nko ku ndangamuntu zindi zahahora, bibandanya bivugwa na Therence Mbonabuca.


Floxella Karire

Messages

  • None nabali mumahanga nabo bazozilonka gute?Uwufise umugole w’umunyamahanga we bizogenda gute?Izondangomuntu zizodufasha gusafira?

  • Ayo mabanga mubaza abantu n’ayahe? Nizere ko mutatubaza ubwoko ?

  • Ndashaka munsobanurir neza ivyiyo ndangamuntu.non abantu tutaba i burundi tuziyandkisha heh?muri Embassy zaho tuba.zizotangwa ryari?mr6.

  • Ndabaza; nibihe bisabwa kuriyo ndangamuntu bituma Abarundi batitabira "kwiyandikisha aribeshi?,Mubihungu5 vyishize gukorerahamwe, arivyo: U Burundi, Tanzania,U rwanda, U ganda, kenya, (kombona, urwanda, uganda,kenya, vyatanguye gukoresha, karagamuntu1....!) Bitandukanye gute niyo gwacu mu Bundi?, or Tz,Bdi. Bite ko mutatubwira ngo tumenye ivyanyu???

  • Ayo mabanga badashaka gushira ahabona ni nyabaki? ubwo ntibagomba gushirako ubwoko bikazohava bidukwegera akarambaraye kumwe kumwe vyaba mu Rwada 1994 ? canke ivyo bavuga ko bizogumizwa munyabwonko ntimwumvako hagize hagize ico uja gusaba bagasanga mu machine uri ?????? utazokironka ivyo bintu vyari bikwiye kwitonderwa hakagira ivyo tutobazwa kuko vyotera ingoane.

  • Natwe abarundi tuba hanze dusaba ko reta yodutunganiriza uburyo tubona indangamuntu kuko tukiri bene Burundi.Please reta itubwire aho twiyandikisha kubavyipfuza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.