Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge: Uruhombo ni rwinshi kubw’ivyondo biri mw’isoko
Kamenge: Uruhombo ni rwinshi kubw’ivyondo biri mw’isoko
jeudi 26 Nyakanga 2013
Muri iki gihe c’imvura, abasumira mw’isoko ya Kamenge co kimwe n’abadandariza muri iyo soko, ntiborohewe na rirya iyo soko iriko irasubirwamyo. Abadandaza co kimwe n’abasumyi bagasaba ko ibikorwa vyo muri iyo soko vyorangira vuba kuko bahagirira ingorane zidasanzwe ziturutse ku mvura.
Abandandaza rero bakaba bavuga ko muri iki gihe c’imvura, bagira uruhombo runini, ari naco gituma bipfuza gusubira mu bibanza vyabo vuba. Mw’isoko mfatakibanza babaye barajamwo, abandandaza babaye barubaka akantu koba karabafasha mu kubakingira izuba, ariko rero imvura iguye irabanyagira atacamira. Ivyo rero bigatuma imvura iguye ibikorwa vyose muri iyo soko bica bihagarara, kuko bamwe baca banura ibidandazwa vyabo, abandi nabo bakihutira kubipfuka kugira babikingire imvura, eka abandi kubera kwanka ivyondo usanga vyuzuye mu mabarabara, baca bahitamwo kwigumira muhira.

Bamwe rero mu badandaza bo muri iyo soko, bavuga ko iki gihe c’imvura kibabangamiye na rirya isoko yabo itarahera. Bavuga ko igihe c’imvura ari ciza ku bantu bose, ariko iyo conona ibikorwa, abantu baheza bakidogera ico gihe. Ivyo rero usanga bitangaje cane nk’uko abo banyagihugu babivuga, koko bobo barizwa n’imvura ibabuza kudandaza, mu gihe umurimyi we ariko aratamba aho ari, kuko aca nawe ashira isuka hasi. Abadandaza nabo rero bakavuga ko igihe c’imvura kigeze babara kuko ibikorwa vyabo biheza bigahagarara.

Ibikorwa vyo gusanura iyo soko yo mu Kamenge bikaba bitegekanijwe kurangira mu kwezi kwa Ruhuhuma mu mwaka uza w’2014, hamwe atagihindutse. Abadandaza rero bakaba bariko barategura ahoza haraca amazi mu gihe c’imvura. Bagire batangure guca imifurege, ikazotuma abo badandaza ibintu vyabo bitinjiramwo amazi ava mu mazu yo haruguru mu Kamenge.
Abasumyi rero mu gihe c’imvura baragabanuka cane, ivyo bigaca bituma abadandaza nabo bagira uruhombo. Muri iki gihe, aba bashorero gusa, ni abavyeyi bakibandanya kugura ibikoresho vy’ishure vy’abana babo, nayo abandi bakaba batinya kuja mw’isoko kubera baba batinya kunyagirirwayo n’imvura, n’’ivyondo biba vyuzuye mu mabarabara nka yose.

Aristide Nizigire