Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’itangwa ry’ikibanza c’ahahora isoko kirigwa mu nama nshikiranganji - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’itangwa ry’ikibanza c’ahahora isoko kirigwa mu nama nshikiranganji

Ikibazo c’itangwa ry’ikibanza c’ahahora isoko kirigwa mu nama nshikiranganji

mercredi 25 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Inama nshikiranganji iriga kuri uwu wa gatatu namba yokwemeza ko ikibanza cahoramwo isoko nkuru ya Bujumbura cohabwa ishirahamwe ryo mu Bushinwa "Sino African Trading and InvestmentInitiatives Co Limited, ryahawe imyaka 50 yose yo gukorera muri ico kibanza, ivyo bikazokorwa abasanzwe badandariza ku mpande z’iyo soko babanje kwirukanwa.

Mu gihe ico kibanza c’amahegitari atatu n’ibice 68 cahoramwo isoko nkuru ya Bujumbura cohabwa iryo shirahamwe ry’abashinwa, hazoca hubakwa ivya nkenerwa muri ico kibanza kizokorerwamwo n’iryo shirahamwe imyaka 50, abadandariza ku mpande z’iyo soko babanje kwirukanwa. Muri sendika y’abadandaza SYGECO bamenyesha ko amategeko atazoba yubahirijwe hamwe iyo soko y’ugutanga ico kibanza yokwemezwa n’inama nshikiranganji, kuko bitigeze bishirwa ku mugaragaro kugira abantu canke amashirahamwe yo mu Burundi ahiganirwe guhabwa ico kibanza.

Muri sendika SYGECO bakamenyesha ko bazoca bashengeza Reta mu butungane, kuko inyungu z’abadandaza zahonyanzwe, kandi batigeze bagishwa inama kandi bari bafisemwo umutahe munini.

JPEG - 94.3 ko
Audace bizabishaka arongoye SYGECO

SYGECO isaba ko kurya umukuru w’igihugu c’Uburundi yama asaba abarundi gukunda igihugu cabo, n’inama nshikiranganji nayo yokunda igihugu hamwe n’abarundi, ntibahirahire kuguza inyungu z’abantu bamwe n’inyungu z’isinzi ry’abanyagihugu bakeneye ico kibanza.

Muri OLUCOME naho basaba abarundi kuba maso, mu gihe hari amasoko ariko aratangwa mu kinyegero, mu ntumbero y’abategetsi boba bariko barondera amafaranga yo kwitekerera kandi abarundi bakenye.

Tubamenyeshe ko inama nshingamateka yamaze kwemeza, kuri uwu wa kane, integuro y’iryo tegeko ry’ugutanga ikibanza cahora gikoreramwo isoko nkuru ya Bujumbura, kugira kizokoreremwo n’ishirahamwe ry’abashinwa "Sino African Trading and InvestmentInitiatives Co Limited"

JPEG - 58.9 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.