IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibanza ca PSR cuzuye imiduga yahebwe na banyeneyo

Ikibanza ca PSR cuzuye imiduga yahebwe na banyeneyo

lundi 18 Munyonyo 2013

Igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kimenyesha ko mu minsi iza kigiye kuzobura aho kija kirashira imiduga, amakinga n’amapikipiki gifata, kuko ikibanza ca PSR (Police Speciale de Roulage) kigiye kwuzura imiduga.

Arthemon Nzitabakuze asanzwe arongoye PSR avuga ko umuduga ufashwe uri mw’ikosa, i pikipiki canke ikinga, baca babijana muri PSR mu kurindira ko nyeneyo aza kwisigura kugira ashobore gutwara ingendeshwa yiwe, muri ico gihe avuga ko hari abaza, n’abandi bahitamwo guhebera izo ngendeshwa zabo muri ico kibanza, ari naco gituma amenyesha ko mu minsi iza, bazobura aho bashira iyindi miduga bazoba bafashe iri mu makosa.

Muri ico kibanza ca PSR, hakaba hari ubwoko bw’inshi bw’ingendeshwa biboneka ko nyinshi zazanywe ngaho ari ukwo zabanje kugira amasanganya. Ubu izi tari nke zikaba zihamaze igihe kinini, ku buryo usanga ndetse zaramaze no kumera ivyatsi mu nsi. Umukuru wa PSR akaba amenyesha ko muri izo modokari canke amapikipiki ari ngaho, usanga nyinshi ziba zidakingiwe mu mashirahamwe yo gukinga impanuka, zimaze gutera amasanganya mu mabarabara, banyenezo bagasabwa gusanura ibiba vyononywe n’izo modokari zabo. Benshi bakaba bazirekera aho, mu gihe usanga baciwe amahadabu badashobora kuronka.

Avuga ko izo modokari ziguma muri ico kibanza gushika uruhusha rwo kuzikuraho ruvuye mu butungane, kuko imanza z’ababa bagonganye ziheza zikarungikwa mu butungane. Iyo bavuze ko nyene umuduga yoza kuwutora, arawutwara, uruhusha na rwo, rwo kuwutora rutaraboneka, iyo miduga ikaba ica iheza ikaguma muri ico kibanza. Iyo ngorane y’ico kibanza, avuga ko ubu ija yaramaze gushikanwa mu bushikiranganji bakukira bw’umutekano w’abanyagihugu, kugira bavugane no mu bushikiranganji bw’ubutungane, baheze barabe icokorwa. Aheraheza asaba abagendesha ivyuma bica mu mabarabara, kwirinda gutera amasanganya, kugira ntibarihe amahadabu, bakurikize amategeko y’amabarabara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.