IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibanza "Le Grenier du Burundi" kirimwo amatati

Ikibanza "Le Grenier du Burundi" kirimwo amatati

mardi 27 Myandagaro 2013

Mu gihe ubuyobozi w’igisagara ca Bujumbura bumenyesheje ko ikibanza “Le Grenier du Burundi” kigiye kwugururwa, imyiteguro irabandanya kandi yaririko irarangira ariko gishasha n’uko ico kibanza cahinduye izina, co kimwe n’uwahora ahatunganya Juvénal Ntunzwenimana.

Juvénal Ntunzwenimana amenyesha ko ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwuguruye ikibanza “Le Grenier du Burundi” batagishijwe inama, babanje kubomora amagufuri kandi ico kibanza nyene bikaba bivugwa ko coba cagurishijwe ku wundi kuko banahinduye izina, ubu hitwa “Grocery Fruits and Vegetables”

JPEG - 33.2 ko
Ikibanza "Le Grenier du Burundi" cahawe uwundi kibanje guhindurwa izina

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwari bwamenyesheje ko ico kibanza cahora kidandarizwamwo ivyamwa n’imboga kigiye kwugururwa (hari ku munsi w’ejo), ariko nticabaye kicugururwa kuko hibonekeje amatati hagatiya Juvénal Ntunzwenimana n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.

Juvénal Ntunzwenimana asaba ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ko bwosubiza ico kibanza abahora bagitunganya kuva n’isoko itarasha kuko bafise amadeni y’ama banki atararihwa. Ati : “Mbega boba bararavye umutahe nakoresheje kugira ntunganye ico kibanza, mbega boba bararavye inkurikizi zishobora gushika mu gihe twobitwarira, kuko ngiye kubitwarira.”

Abandanya amenyesha ko ico kibanza yacubatse ku masezerano bagiranye n’ishirahamwe Sogemac ryari risanzwe ritunganya ibikorwa mw’isoko nkuru ya Bujumbura, akabona ko Mairie ya Bujumbura iriko irakora amakosa mu gutanga ico kibanza.

Ku ruhande rw’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, nta tegeko na rimwe barenze. Kazatsa Candide, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha amategeko yubahirijwe kuko Juvenal Ntunzwenimana yagiranye amasezerano n’ishirahamwe Sogemac. Mu gihe rero amasezerano yari hagati Sogemac na Mairie ya Bujumbura yagahaze, ico kibanza gica cegukira Mairie ya Bujumbura.

N’aho bikiri mu matati, mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko ico kibanza kizokwugururwa ejo aho bukera ku munsi wa gatatu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.