IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’abagendesha amapikipiki kigeze mu minwe y’umuhuza

Ikibazo c’abagendesha amapikipiki kigeze mu minwe y’umuhuza

jeudi 1er Myandagaro 2013

Haraheze iminsi mu gisagara ca Bujumbura hari imyidogo y’abunguruza abantu ku mapikipiki, ko baburagizwa n’abapolisi mu mabarabara, aho babuzwa kurengana ibiraro n’ahandi.

Umuhuza w’abarundi yahagurukiye ico kibazo nk’uko bivurwa na Jerome Ndiho. Kuri uyu muhingamo rero, akaba yashoboye kwakira mu biro iwe, umushikiranganji w’ugutwara ibintu n’abantu, umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano hamwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Inyuma y’uwo mubonano wabaye mu kanywababo, uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umuhuza w’abarundi, akaba yamenyesheje ko iyo nama yabaye mu ntumbero yo gutegura inama izohuriramwo bose, aberwa n’ico kibazo ku munsi wa gatatu uza.

Abamenyesha makuru rero, bakaba bipfuje kumenya ibibazo nyamukuru bizirwa muri iyo nama, na rirya abagendesha amapikipiki bemeza ko bahohoterwa na bamwe mu bo bakingiye. Kuri ico kibazo, Ndiho yavuze ko ibibazo biriho kandi bizirwi, ati sinshobora kubivugira ngaha. Yabandanije amenyesha ko ivyo bibazo bizomenyekana ku munsi wa gatatu w’indwi iza. Ariko akaba yavuze ko ivyo bibazo vyose bigiye kwicarirwa bigatorerwa umuti mu maguru masha, nk’uko ibiro vy’umuhuza n’abo vyerekeye batanguye kuvyicarira.


Aaristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.