Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’imbibe nshasha cahagurukije Kikwete na Nkurunziza
Ikibazo c’imbibe nshasha cahagurukije Kikwete na Nkurunziza
mardi 26 Myandagaro 2014
Ikibazo c’imbibe z’Uburundi na Tanzaniya coba kigira gihagurukirwe n’abategetsi bo hejuru, aho hoba hari urugendo rutegekanijwe guhuza umukuru w’igihugu c’Uburundi n’uwa Tanzaniya.

Muri uwo mubonano bivugwa ko uzohuriza abo bategetsi babiri i Ngara, akarere k’igihugu ca Tanzaniya gahana urubibe na Muyinga ku ruhande rw’Uburundi, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza bikavugwa ko azohura na Jakaya Kikwete arongoye igihugu ca Tanzaniya. Uwo mubonano ukaba utegekanijwe, mu gihe uburimbi buherutse gushingwa bugabura imbibe z’Uburundi na Tanzaniya bamwe mu banyagihugu bavuga ko uburimbi bwashinzwe mu mazu yabo, canke bugashingwa mu mirima. Ubu bakavuga ko bataramenyeshwa uko buca bigenda, namba bazoshumbushwa. Ku misozi ya Rumandari, Kinanira, Gasenyi na Shoza yo muri komine ya Giteranyi isanzwe ihana urubibe na Tanzaniya, abanyagihugu bakavuga ko izo mbibe zishasha zabatwaye amatongo yabo, ariko bataramenyeshwa uko bazoshumbushwa.
Ariko rero naho biri uko, no kuruhande rw’abatanzaniya hakaba hari bumwe mu burimbi usanga bwashinzwe mu matongo canke iruhande y’amazu y’abanyagihugu baho. Akarorero akaba ari isoko yo mw’i Bambo yahora mu gihugu ca Tanzaniya, ariko ubu yinjiye mu Burundi, inyuma y’ishingwa ry’uburimbi bushasha. Iyo soko, ikaba yahuza abarundi n’abatanzaniya, ariko ikaba yatozwa amatagisi n’igihugu ca Tanzaniya. Yaba abatanzaniya canke abarundi bose usanga umwe wese hari igipande c’itongo ryiwe ryagiye mu kindi gihugu, bakaba basaba ko boshumbushwa, canke bakabwirwa uburyo bazoshumbushwa.
Aristide Nizigire
Messages
26 Myandagaro 2014, 15:44, par turugwane
umu nyarwanda arikebera umutazania arikebera ??mbega kuva kera ko imbibe zari zizwi ubu niho tazania yabonye ko atarizo???ariko uwo nkurunziza agurisha igihugu ??abasoda ,abashingantahe ;bagiyehe??baba Generaux ;ba sergent;ba capolake;bagiyehe ???nimpuzu gusa babaye??ntibashobora kukingira imbibe zigihugu??ewe burundi urabaye ikirimbiro
27 Myandagaro 2014, 02:32, par Mupaka Bu
@Tuturwane, jewe ndumye mubafise itongo Rumandari kandi natwe turimubatakaje itongo kuko ahatarihato hegukiye kuruhande rwa Tanzania ariko ibibazodufise ntabwo aringorane irihagati yu Burundi nigihugu ca Tanzaniya kandi ibibazo dufise tubisangiye nababanyibacu baba Tanzania navyosibindi nukumenya ukotuzoroswa ayandimatongo cank’amazu twatakaje, urumvareroko abarundi ko twatakaje amatongo namazu, naba Tanzania nikwokukwo, urumvarero wewe uko uriko urabivuga sikotwebwe abahaba tubibona. Niyotwibereyeye kububare bwiburundi canke bwa Tanzania twiganirira nkabarundi naba Tanzania ntangorane tubona hagati yibihuguvyacu vyose canke twebwe ubwacu, ahubwo twibaza ico ibihuguvyacu vyodukorera. Urumvarero ko ntanzu zirikozirasha, sinzinicatumye urinda kudondagura abobanyacubahirobose uvugango bagiyehe!?
27 Myandagaro 2014, 07:49, par masabo
@turugwane
Subiramwo usome ntiwategereye wapfuye kwandika ukurikije agashavu warufitiye abo bantu.
27 Myandagaro 2014, 08:35, par jimmy robison
Nakamaramaza katagira uko kangana.PRESIDAwe!!! ngarukira uburundi bwanyaburunga nigihugu naco? ntimukigera umutwe iyontara y’ikigoma konumva yariyiburundi uriko ukora iki kugira igaruzwe? tanzania nisubize imbibe z’uburundi n’intara zayo abarundi tuzihagurukira.
27 Myandagaro 2014, 12:23, par kajekurya
Nibabaze mutama Bagaza uko yakoze. Igihe Mobutu yagomba kwikebera Gatumba?