IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo canyuma gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri ISCAM kigiye (...)

Ikibazo canyuma gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri ISCAM kigiye gukorwa

mardi 22 Nzero 2013

Ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM rimaze imisi ryitegurira kwakira abanyeshure bashasha bo mu mwaka wa mbere.Ibibazo bituma batora abazokwiga muri iryo shure bikaba vyatanguye kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2012.

Abanyeshure bakoze ibibazo vyagiye biratangwa mw’ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM bari benshi ariko bamwe bagiye baravamwo kuko batakwije amanota asabwa kugirabashobore kubandanya.

Abagize amahigwe yo gutora ikibazo giheruka gutangwa bakaba bariko bitegurira gukora ikibazo canyuma, abazogitora akaba aribo bazoronka uburenganzira bwo gukurikirana ivyigwa muri iryo shure.

Nk’uko bishikirizwa n’uwurongoye ISCAM colonel Aloys Bizindavyi,ngo intara zose zaraserukiwe ku rugero rungana cokimwe n’ubwoko nk’uko biri mu masezerano y’amahoro y’i Arusha abarundi bashizeko umukono.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.