IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo co gufungura nabi coba kigiye gukemurwa mu Burundi

Ikibazo co gufungura nabi coba kigiye gukemurwa mu Burundi

lundi 7 Mukakaro 2014

Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu 21 bifungura nabi cane kw’isi, bukaba buharura abana begera ku 40 kw’ijana bari munsi y’imyaka itanu bafungura nabi. Inyuma yaho bigaragarariye ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu vya mbere bigeramiwe no gufungura nabi na cane cane ku bana bari munsi y’imyaka itanu, Reta y’Uburundi yaciye ifata ingingo yo gushira imbere mu migambi yayo, ukugaba gufungura nabi mu gihugu.

Mu ntumbero yo kugabanya ingorane yo gufungura nabi mu gihugu, gushika mu mwaka w’2017, Reta y’Uburundi ifadikanije n’abo basanzwe bakorana mu gisata co gufungura, yihaye intumbero zo kugabanya ugufungura nabi ku bana bari munsi y’imyaka itanu na cane cane ku gufungura nabi bigaragarira mu kwonda mu mwanya muto (bive ku bice 6 kw’ijana, bije kuri 4 kw’ijana), gushira imbere ukwonsa abana bakivuka mu gufasha abavyeyi kushiriza kwonsa abana babo amasaha ya mbere bakivuka gushika ku mezi atandatu. Ukwo kwonsa kuzotegerezwa kuva ku bice 69 kw’ijana bikaja kuri 80 kw’ijana, hamwe n’ukugabanya ukubura kw’ivyunyunyu n’ingaburo.

Abana bari munsi y’imyaka itanu bafise bene izo ngorane, bazova ku bice 45 kw’ijana, baje ku bice 35 kw’ijana, abavyeyi nabo bave ku bice 19 kw’ijana, baje kuri 15 kw’ijana.
Abasanzwe bafungura nabo imfungurwa zidakwiye, bagashobora gufungura izikwiye ama karori 2100 ku munsi.
Guteza imbere imirima y’imboga ku mashure hamwe no gukwiragiza izo mboga mu mihana no mu yandi mashure, akaba arivyo bigiye gushirwa imbere mu gufasha kugabanya ugufungura nabi mu Burundi.
Nkuko vyashikirijwe n’igisata kijejwe kuraba ivyo gufungura mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, uwo mugambi wo gukwiragiza imirima y’imboga ukaba ugiye gutangurira mu ntara 6 z’Uburundi. Izo nazo ni Bujumbura Rural, Bujumbura Mairie, Ngozi, Kayanza, Gitega na Kirundo.

Mwomenya ko izo ntara zatowe baravye ukungene arizo zibangamiwe kurusha izindi mu bijanye n’indwara zo gucibwamwo, irwirirana ry’abantu, ugufungura nabi kuri hejuru hamwe n’ubukene bw’amazi meza.


Mariella Bukuru

Messages

  • babura,kigabanya kumishahara bahembana canecane,abo bategetsi bo hejuru,gutyo,bagaburire,ba nyarucari,ahasigaye,ngo barayeza,imboga?mbe bazozirya zigaragara?
    Nibikubite agashi,bagire umutima wo gukunda,abo batwara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.