Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo BBN kirafise ingorane y’abakozi n’uburyo bidakwiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo BBN kirafise ingorane y’abakozi n’uburyo bidakwiye

Ikigo BBN kirafise ingorane y’abakozi n’uburyo bidakwiye

lundi 30 Ruheshi 2014

Gerevasi Nzinahora, ajejwe kumenyesha amakuru yerekeye akaranga k’ibidandazwa no gushinga amategeko abigenga mw’ishirahamwe BBN avuga ko hakibuze uburyo n’abakozi bakwiye bo kugenzura ibidandazwa mu Burundi.

Mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, haribonekeza urudandazwa rw’ibintu bitandukanye yaba imfungurwa (ibisuguti, imbombo, amajojo, imikate, ibitumbura, ...), amavuta yo kwisiga n’ibindi. Abatari bake bariyumvira bati : "Mbega izo mfungurwa zitandukanye zoba zikingiwe, nta ngaruka zoba zifise ku magara y’abantu?"
Hari abakunze kwidoga ko hoba hari abadandaza, na cane cane abakoresha amapompo nko kuri station z’igitoro canke iminzane yo gupima ibidandazwa usanga bizirikwa bagatanga ibintu bike ugereranije n’amahera umuguzi yatanze.

JPEG - 38.3 ko
Gerevasi Nzinahora, ajejwe kumenyesha amakuru yerekeye akaranga k’ibidandazwa no gushinga amategeko abigenga mw’ishirahamwe BBN

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Gerevasi Nzinahora ajejwe kumenyesha amakuru ajanye n’akaranga k’ibidandazwa no gushinga amategeko abigenga muri BBN, amenyesha ko mu kigo BBN (Bureau Burundais de Normalisation et du contrôle de la qualité) buri igihe bama bagira isekeza ryo gusuzuma no gupima yaba iminzane n’amapompo y’igitoro hamwe n’ibifungurwa bigurishwa mu masoko no mu mabutike, cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Aho basanze iminzane n’amapompo bikora neza, basigaho urupapuro rwemeza ko bahaciye. Ariko n’aho biri uko, ico kigo kirakeneye uburyo bukwiye, hamwe no kwongereza abakozi kugira ico kigo kibashe kugenzura neza ibidandazwa vyose vyinjira n’ibisohoka, kuko n’aho abo bagenduzi bahari, baracari bake cane ugereranije n’igikorwa kinini bajejwe. Eka mbere kubera ubukene bw’abo bakozi, mu kigo BBN baremeza ko hari ibidandazwa bibaca mu ryahumye bikinjira mu gihugu biciye mu yindi myenge ku zindi mbibe z’igihugu, kuko i Kobero ariho honyene harangwa abakozi b’ikigo BBN.

Mu kigo BBN basaba abanyagihugu gukorana n’ico kigo, kugira ntibasange bariko bakoresha ibidandazwa vyataye ikiringo bishobora kubangamira amagara yabo. Basaba abajejwe umutekano, hamwe n’abajejwe intwaro muri rusangi kubafasha gutuza ivyo bidandazwa vyoba bidakwije amategeko, kugira bikunde mu Burundi ntituzosange bwabaye iyarara ry’ibidandazwa bimeze nabi canke bidakwije vya ngombwa (dépotoir).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.