IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo confiscius catanze impapuro z’umutsindo ku banyeshure 114

Ikigo confiscius catanze impapuro z’umutsindo ku banyeshure 114

lundi 14 Mukakaro 2014

Ikigo Confucius ca kaminuza y’Uburundi caratanze kuri uno w’Imana impapuro zerekana ko bakurikiye inyigisho, ku banyeshure bahejeje umwaka w’ishure 2013 -2014 mu vyigwa vy’ururimi rw’igishinwa. Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Yu Xuzhong hamwe n’icegera c’uwurongoye kaminuza y’Uburundi, Paul Banderembako.

Mw’ijambo ryiwe, Yu xuzhong aserukira Ubushinwa mu Burundi, yarashimiye abaronse impamyabushobozi kubona baratoye ibibazo. Yamenyesheje ko mu kiringo c’imyaka ibiri gusa, ico kigo kimaze gutera imbere biboneka, gushika ubu hakaba hari abanyeshure barenga 600 biga mu mashure ya kaminuza hamwe n’abiga mu mashure yisumbuye, hamwe n’abikorera utwabo, n’abandi bantu batanduknaye biyandikishije mu vyigwa vy’igishinwa.

JPEG - 61.6 ko
Yu Xuzhong, aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi

Abanyeshure barenga 360 bo muza kaminuza hamwe n’abiga mu mashure yisumbuye nibo bamaze gukurikirana ivyigwa vy’ururimi rw’igishinwa. Mw’ ijana na cumi na bane baronse impapuro z’umutsindo, 7 ni abakozi ba Reta, hamwe n’abikorera utwabo bakurikiranye ivyo vyigwa inyuma y’amasaha y’akazi.

Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa yaciye amenyesha ko bafise umugambi wo gutanguza umurwi wa Kungfu (club de kungfu).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.