IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo ndangakaranga caruguruwe muri kaminuza mu Kamenge

Ikigo ndangakaranga caruguruwe muri kaminuza mu Kamenge

vendredi 7 Ruheshi 2013

Ku musi w’ejo, mu gisagara ca Bujumbura, uwuserukira igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn M.Liberi yaratanguje icese ikigo ndangakaranga mu bigo vyo mu Kamenge vya Kaminuza y’Uburundi.

Muri ico kigo ndangakaranga citiriwe « Rosa Parks American Corner », abanyeshure n’abigisha bazohora bahikorako mu kwungura ubumenyi bakoresheje ibitabu n’inyabwonko.

Umuntu yokwibaza impamvu ico kigo citiriwe iryo zina rya « Rosa Parks »
Rosa Louise McCauley Parks benshi bita Rosa Parks ni umukenyezi azwi cane nk’uwarwanije ikumirwa n’ihohoterwa vyakorwa bafatiye ku rukoba muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

Mu mwaka w’1955, mu gisagara ca Montgomery muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Rosa Parks yaragaragaje ko adashigikiye abakumira abandi bafatiye ku rukoba.

Mu gihe uwo munyamerikakazi w’imyaka 50 muri uwo mwaka yari yinjiye mu muduga wunguruza abantu agomba kugana i muhira atashe, uwunyonga umuduga yamusavye kubisa umuzungu yari aje nawe kwurira kandi ibibanza vyari vyaheze. Rosa Parks n’ubwitonzi bwinshi yaravyanse, igipolisi gica karamuhagarika kimwagiriza umugumuko.

Guhera uwo musi, abanyamerika batari bake baca bahagurukira rimwe barwanya biciye mu mutekano ivyiyumviro vy’amacakubiri afatiye ku rukoba.

Rosa Parks rero co kimwe n’abandi nka Martin Luther King bakaba bama bibukwa nk’ababereye akarorero abandi mu kurwanya akarenganyo n’amacakubiri vyakorerwa cane cane abirabure.

JPEG - 51.7 ko
Rosa Parks, umukenyezi azwi cane nk’uwarwanije ikumirwa n’ihohoterwa vyakorwa bafatiye ku rukoba muri Leta zunze ubumwe za Amerika

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.