IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo OBR cahawe umuyobozi mushasha

Ikigo OBR cahawe umuyobozi mushasha

jeudi 9 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi ya Reta cahawe umuyobozi mushasha, inyuma y’aho uwahora akirongoye agenwe kuba umushikiranganji w’ikigega ca Reta. Leonard SENTORE niwe muyobozi mukuru mushasha w’ikigo OBR.

Leonard SENTORE yarigeze gukora mu banki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD : Banque Africaine de Developpement), muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Domitien NDIHOKUBWAYO yahora ariwe muyobozi mukuru w’ico kigo yagiye mu kibanza cahoramwo Tabu Abdallah MANIRAKIZA aheruka gushingwa ayandi mabanga yo kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale), risanzwe rifise icicaro mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.