Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo OBR cahawe umuyobozi mushasha
Ikigo OBR cahawe umuyobozi mushasha
jeudi 9 Ruheshi 2016, par
Ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi ya Reta cahawe umuyobozi mushasha, inyuma y’aho uwahora akirongoye agenwe kuba umushikiranganji w’ikigega ca Reta. Leonard SENTORE niwe muyobozi mukuru mushasha w’ikigo OBR.
Leonard SENTORE yarigeze gukora mu banki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD : Banque Africaine de Developpement), muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Domitien NDIHOKUBWAYO yahora ariwe muyobozi mukuru w’ico kigo yagiye mu kibanza cahoramwo Tabu Abdallah MANIRAKIZA aheruka gushingwa ayandi mabanga yo kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale), risanzwe rifise icicaro mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville.
IGIHE
Messages
9 Ruheshi 2016, 17:15, par clarisse
aze afashe Mutama Nkurunziza mu mugambi mwiza yatanguye wo gutunganya amabarabara yo nugisagara ca gitega. nukuri Gitega igira ibe nka Palis muminsi mikeyi irimbere. Nkurunziza courage nubwo ugirira intashima ariko Imana izoguha agahembo kayo.
9 Ruheshi 2016, 17:23, par SIBOMANA
TURI ABADANDAZA URABE NEZA NTUDUZE CANE AMATAGISI KUDUZA SIWOMUTI AHUBWO BITUMA FRORODE IKOMERA MURABE MWOROHEREZE ABAKIRIYA NTITUZOBA TUGIKORA FRODE
9 Ruheshi 2016, 17:56, par N. R. N.
TURAMUKEJE CANE! ICO ABENE GIHUGU TUMUSAVYE NAKORE BIMWE BIBONEKA, IKIGEGA CIGIHUGU KIRUSHIRIZE KUBOMBOKA NTITWAME DUTEZE AMASHI ABANYAMAHANGA, KUKO NIHO HAVA AKAGAYE NAGAKENGERE.
9 Ruheshi 2016, 18:54, par Anicet
Yakoze nyakubawa kumugena naze atwegeranirize amakori igihugu giterimbere
9 Ruheshi 2016, 19:15, par Pierre
Mwagize neza mwakosoye ....uwo niwe Sentore
10 Ruheshi 2016, 01:15, par Kanyosha
Ndagukeje nyakwubahwa, ndaje ndaje dutangure guhangana igihe abakozi urongoye bajegutora ibisabwa kuwariwewese afise icadandaza ngaha muburundi bwacu.
Harigihe usanga nabakariye ariko ndabakunda kuko ivyomukora mubikora kubwireza yigihugu cacu twese abakunzi baco.
10 Ruheshi 2016, 08:04, par willynshimirimana
turamukeje nabande aho iterambere rigeze yuzuze ikigega imigambi ibashe gutera ija imbere nakomere
10 Ruheshi 2016, 12:43, par srj
Naze yirir ubutunzi bwigihugu ibisigaye abanyagihugu bateseke
11 Ruheshi 2016, 05:38, par Albert N.
FÄ—licitation SENTORE.
13 Ruheshi 2016, 07:36, par Juma
Nukuri Vyarivyiza Guhindur Arik Barakwiy Kugabanya Ikor Abanyagihug Bakoroherw Na Frodé
13 Ruheshi 2016, 07:37, par Juma
Nukuri Vyarivyiza Guhindur Arik Barakwiy Kugabanya Ikor Abanyagihug Bakoroherw Na Frodé
13 Ruheshi 2016, 09:52, par evrard
turamukeje nakore nk’uwikorera twitez’imbere twebwe nyene twoye kwama duteze amashi