IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikindi kibanza cakira abadandaza b’ivyamwa n’imboga cuguruwe

Ikindi kibanza cakira abadandaza b’ivyamwa n’imboga cuguruwe

mardi 19 Munyonyo 2013

Ikibazo c’abadandaza b’ivyamwa n’imboga birukanwa mu mabarabara gisa n’ikiriko kiratorerwa inyishu. Habonetse ikindi kibanza iruhande n’ahahora hitwa "Le Grenier du Burundi" ubu hahindutse hitwa "Glocery Store". Ico kibanza gishasha gishobora kwakira abadandaza bagera ku majana atatu na mirongo itandatu (360).

Mu gihe haheze imisi itari mike hama uruhagarara mu gisagara ca Bujumbura igipolisi gisiganwa n’abadandaza b’ivyamwa kibabuza kudandariza mu mabarabara, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo 2013 huguruwe ikindi kibanza hagati y’ahahora "Le Grenier du Burundi", ubu hitwa "Glocery Store" n’ibiro vyahora bikoreramwo abarongoye isoko nkuru ya Bujumbura (SOGEMAC). Abo badandaza b’ivyamwa bakaba bari batanguye kwanda ibidandazwa vyabo mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, umwe wese ashira mu kibanza ciwe.Hari abandi batari baronse bakaba ariho bari nabo kugira barabe ko atawo bopangira.

Ico kibanza kikaza kwakira abadandaza b’ivyamwa n’imboga bagera ku 360. Kugira baronke ibibanza, batanga amafranga ibihumbi cumi 10 mu kigo OBR y’ikarata NIF, ibihumbi 40 vy’ingwati hamwe n’ibihumbi 20 vyo gupanga ku kwezi. Nk’uko vyamenyeshejwe na Candide Kazatsa, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, basaba kandi ko uwukeneye ikibanza aba yaranditswe ko yari asanzwe ari umudandaza w’ivyamwa n’imboga akorera mw’ibarabara. Kazatsa Candide abandanya amenyesha ko ata mudandaza n’umwe bashaka gusubira kubona mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura.

Abadandaza baronkejwe ibibanza bakaba bashimye kubona bavuye ku ruzuba n’imvura no kwama basiganwa n’abaporisi. Ariko n’aho biri uko, baracafise intambamyi nini kuko hari abakiri mw’ibarabara. Igituma batakamba ko nabo boronswa ibibanza n’uko bari muri iyo nyubakwa nshasha badandarizamwo abaguzi baca bashorera abari hanze bobo ntibaronke ababashorera. Basaba ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kuronderera ibibanza abasigaye, n’ayo ahandi bazohitamwo gupangisha ikibanza bisubirire mw’ibarabara, kuko batoronka amafaranga baza barariha ikibanza ku kwezi.

Mwomenya ko abadandaza baharurwa ku majana atanu (500) aribo bakiri mw’ibarabara, nk’uko tubimenyeshwa na bamwe muri abo badandaza baronkejwe ibibanza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.