IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikinyamakuru IGIHE.bi ku rutonde rw’ibinyamakuru bisomwa cane mu (...)

Ikinyamakuru IGIHE.bi ku rutonde rw’ibinyamakuru bisomwa cane mu Burundi

dimanche 22 Nyakanga 2013

Isi iriko igenda itera intambwe mu buhinga bw’ukumenyeshamakuru muri iki kinjana, kuruta ikirangiye. Ariko rero umuhora w’ubuhinga ngurukanabumenyi, ukaba ufasha rwose mu gutuma igisata c’ukumenyeshamakuru kigera ku ntambwe ishimishije.

Mu gihugu c’Uburundi mu mwaka w’2009, abakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi bari ibihumbi 157,800 n’ ibihumbi 210,000. Mu mwaka w’2010, kuri abari basanzwe bakoresha umuhora w’ubuhinga ngurukanabumenyi, hiyongereyeko abandi ibihumbi 52,000 ku mwaka, nk’uko tubimenyeshwa n’umuhora witwa www.indexmundi.com. . Twifashishije ibiharuro vy’uyo muhora, bigaragara ko abarundi barenga ibihumbi 366,600 bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi.

Nk’uko ayo makuru tuyakesha ikinyamakuru Canalbusinesslife.com, avuga ko ibimenyeshamakuru indwi bisomwa cane ku munsi ku munsi, kandi bitanga amakuru buri munsi mu bisata bitandukanye. Ivyo navyo bikaba bifasha abantu batandukanye kumenya ibiriko biravurwa hirya no hino kw’isi ndetse no mugihugu.

1.Rondera.com

Uyo muhora wo ku buhinga ngurukanabumenyi ufasha abantu kuronka iyindi mihora y’ubuhinga ngurukanabumenyi ikoreshwa n’amashirahamwe yo mu Burundi, co kimwe n’imihora abantu bashobora gukurako amakuru. Uyo muhora kandi ukaba uronsa abantu amakuru ahimbara abantu bose, na cane cane ay’Uburundi.

2. NetPress.bi

Uyo muhora w’ubuhinga ngurukanabumenyi uri mu mihora imaze imyaka myinshi ibayeho mu gihugu c’Uburundi, kuko umaze imyaka 17. Abakunzi ba NetPress rero bakaba baronka amakuru ku munsi ku munsi, havuyemwo ku munsi w’Imana gusa. NetPress rero ukaba ariwo muhora ngurukanabumenyi usaba ko umunywanyi abanza kwimenyekanisha imbere y’uko aronka amakuru yose aramvuye.

3.Iwacu-burundi.org

Ikinyamakuru iwacu cavukiye mu gihugu c’Ububirigi mu mwaka w’2007. Ubu Iwacu kikaba kiri mu binyamakuru vyo mu Burundi bikundwa. Ubwa mbere ikinyamakuru Iwacu casohoka rimwe mu mezi atatu mu ntumbero yo guha amakuru abarundi bari mu makungu. Ikinyamakuru Iwacu rero ku buhinga ngurukanabumenyi, kikaba gikurikiranwa n’abantu benshi, ndetse abantu bakaba baterera ivyiyumviro vyabo bitandukanye, ku nkuru ziba zanditswe ku muhora wabo ngurukanabumenyi..

4. IGIHE.bi

Ikinyamakuru IGIHE.bi gifatwa nka kimwe mu binyamakuru vyatanguriye ibindi mu gushikiriza amakuru biciye ku buhinga bwa none, mu gihugu c’Uburundi. Ico kinyamakuru rero kikaba gitanga amakuru ku mwanya ku mwanya, iminsi yose mu rurimi rw’ikirundi n’igifaransa. Ikinyamakuru igihe, kikaba kiri mu binyamakuru vyo mu Burundi vyigenga, kandi ico kinyamakuru kikaba gifise igisata gikomeye IGIHE Ltd Burundi, kijejwe ubuhinga bw’ugufasha amashirahamwe n’abantu ku giti cabo bo mu Burundi kuronka umuhora w’ubuhinga bwa none.

5. Akeza.net

www.akeza.net cerekana ubwiza bw’Uburundi, mu mico ndangakaranga nk’amareresi, umuziki, ugucapa, n’iyindi mico ndangakaranga itandukanye irimwo iterambere, ubudandaji, ukwinonora imitsi, ibibanza vy’iratiro, ubuzima bwa minsi yose, ….Ico kinyamakuru kikaba ahanini kigaragaza ubwiza bw’Uburundi mu barundi, ndetse no mu bindi bice vy’isi.

6. Canalbusinesslife.com

Canalbusinesslife.com iracari nto mu gisata c’ukumenyesha amakuru mu Burundi.Canalbusinesslife.com kikaba gitanga amakuru yerekeye ubudandaji.

7.Kingdom-Mirror.com

Kingdom Mirror ni ikinyamakuru gifasha abakristu batandukanye kumenya amakuru yo mu buzima butandukanye.

Ibinyakakuru vyinshi bica kubuhinga ngurukanabumenyi biriho, ariko usanga vyinshi bitazwi, kandi vyinshi muri ivyo bitanga amakuru y’akamaro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.