IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikirangaminsi c’amatora cashikirijwe n’umurwi CENI

Ikirangaminsi c’amatora cashikirijwe n’umurwi CENI

vendredi 18 Mukakaro 2014

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI washikirije abarundi n’amakungu ikirangaminsi c’ingene amatora twimirije yo mu 2015 azokurikirana.

Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 18 mukakaro , umurwi CENI (Commission Eléctorale Nationale Indépendante) washize ahabona ikirangaminsi c’ingene amatora yo mu mwaka w’2015 azokurikirana. Nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’uwo murwi Claver Ndayicariye, hazoba amatora atanu. Hazotangura ay’abajenama ba ma komine abere rimwe n’amatora y’abashingamateka ku magenekerezo ya 26 Rusama 2015, inyuma yaho, hakurikire amatora y’umukuru w’igihugu ku magenekerezo ya 26 Ruheshi 2015. Bishitse ntibakwize amajwi asabwa kugira umukuru w’igihugu atorwe, ayandi matora y’umukuru w’igihugu ku ncuro igira kabiri ategekanywa ku magenekerezo ya 27 Mukakaro.

Kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro hazokurikira amatora y’abakenguzamateka , bakazohereza ku matora y’abajenama b’imitumba n’amakaritiye ayo nayo akazoba ku magenekerezo ya 24 Myandagaro 2015. Mu murwi CENI bibutsa ko ayo mataliki batapfuye kuyiyumvira gurtyo gusa, ahubwo bayatoye bakurikije ikiringo c’inzego zihari zatowe n’abanyagihugu mu 2010 zifise ikiringo co gutwara c’imyaka itanu. Ayo matora ya mbere uko ari ane ay’abashingamateka ,abakenguzamateka ay’abajenama b’amakomine, n’ayo umukuru w’igihugu azotumwako n’itegeko (décret unique ) ry’umukuru w’igihugu, iryo naryo rizosohoka kuwa 27 Ntwarante imbere y’uko isaha zitandatu z’ijoro zigera.

Amatora y’abahanuzi b’imitumba n’amakaritiye nayo azotumwako hagati y’amagenekerezo ya 25 ruheshi gushika kuwa 10 Mukakaro 2015. Mu murwi CENI barangiza basaba Reta gukwakwanya mu kwegeranya uburyo bw’amafaranga n’ibikoresho kugira bikunde bitegurire amatora. Frederiko Bamvuginyumvira, umwe mu bari mu migambwe itavuga rumwe na Reta ni vyiza barabishima, ariko avuga ko ikiba gisigaye ari ingene umurwi CENI ugiye gukora kugira ico kirangaminsi kije mu ngiro.

Frederiko Bamvuginyumvira avuga ko bakeneye amatora ashimwa na bose, atarangwamwo utunenge. Ni naco gituma ahimiriza umurwi CENI ko woza uraganira n’abo bose begwa n’ico kibazo mu gihe cose bikenewe.

Mukamenya ko igenekerezo ntabanduka ryo gutanga amadosiye ku bashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ari igenekerezo rya 30 Ntwarante gushika ku wa 13 Ndamukiza umwaka uza, co kimwe no gutanga ibimenyetso bizoranga abitoza muri ayo matora. Nayo ukwiyamamaza, akaba ari kuva ku wa 10 Rusama kugeza ku wa 23 Rusama.


Floxella Karire

Messages

  • Ubutigu burageze. Imana iturinde imyuka mibi ya shetani.

  • Iteka aho ryamye barundi mwese,kabiri nkambere,icambu cakakaririmbo ko mubuhinga n’ubumenyi bab’arundi.ntakujuragirika rero!!,ntagukorako!.

  • Ngwiteka ahoryamye, ngontakujuragirika ,ahubwo ntimumaramara nizombonekerakure zanyu haruwosubirakubatora nabantu mwanigaguye ingene bangana,mukabatoteza,mukabangaza,nukomwamenyey kwibamatora nyene,

  • WEWE ntangomidahanguka,iyahangutse yariyubwoko bumwe bwaba Tutsi,ariko iyubwoko bwose,HUTU,TUTSI,TWA,urunva nawe kwari amashiga atatu adatana mundagano,apana rimwe ryari Tutsi ryashaka kwarika ngo ricumbe ryonyene ataco ryaririshoboye,kari karabasovye!!!,ingoma ya CNDD-FDD ni myaka namilele,kwaba amatora navyo nawe urazobitangura,yurabe ko ubishobora,erega kwiba ntibikundira bose,urazopima nawe turabe sha.kwiba nikimwe,kubishikana naho nikindi,tekereza shshu harya bugona buri maso.

  • Mwarumvise ko har,ibikoresho yasigaje uwo muntu.muzoba mumbwira

  • Wewe Mubemaso ’ivyo upfana abatutsi .ubunibo bariko baromora abana mumashure? Nibo batwaza inda abana’ ?abahutu bushwe nibo??inzara ubu umuhutu yaraheze ??? Genda urigugu

  • We nwari,ivyo vyose udondaguye,wabwiwe nande kobikogwa nabahutu gusa,mweho Tutsi ntimurimwo mubabikora,wewe nama nkukurikirana ivyiyunviro vyawe ushikiriza,harimwo agasorobo,ariko ico nogusaba nabandi muterekwa ubuyobozi turimwo,mwihe amahoro mumitima,hama muja kurima canke kworora,politique muyirekere inzobere,nayo mweho mwarahinyutse!!!!!!.

  • @Mubemaso ndakwumvise neza abahutu bariko barapfa nabatutsi babica???haaa hiii zezewe uti poitique bayibahebere ???nanumwe mwosigaza ??ahubwo ndagucire agace rya ivyanyuma kuko 2015 yashitse ?ndakurahiye nimuzosubira kubuyegetsi mukinda mugaramye mwubika inda turababoha mwaba DD nogusaba kutoba murabo bazobohwa

  • mwese nukubasengera mukamenya ko YESU KRISTO yaducunguye twese i goligota ku musaraba.toka shetani mu mitima y’abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.