IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikiziga c’umugabo catowe muri Komine Musaga

Ikiziga c’umugabo catowe muri Komine Musaga

mardi 5 Munyonyo 2013

Hari ikiziga c’umugabo catowe mu gitondo c’uwu wa kabiri igenekerezo rya 05 Munyonyo 2013. Ico kiziga cari nko ku metero 200 y’ubwinjiriro bw’I kambi ya gisirikare “Camp Muha”. Vyaboneka ko yoba yagonzwe n’imodoka naho atawemeza ayo makuru kandi n’imodoka itigeze imenyekana.

Amakuru twakuye ahari ico kiziga, amenyesha ko, nko kuva igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo cari aho. Ayo makuru abandanya amenyesha ko uwo muhisi yari yateramiye mu bunywero buri kw’ibarabara rya mbere muri Komine Musaga. Aho twahashika isaha zitatu z’igitondo ico kiziga cari gipfukishijwe agatambara mu mutwe.

Twahavuye tumenya ko uwo yasezeye isi yari Nsabimana Celestin batazira Rusake, avuka mu Ntara ya Bururi, Komine Mugamba, umusozi Ndongeburasira, Agacimbiri Kavumu. Yari muri bamwe bakora mu gisirikare bita « Travailleur Civile Militarise(TCM) », akaba yakora mw’ikambi yo mu Ngagara.

Igihe c’isaha z’itatu n’iminota mirongo ibiri n’indwi (9h 27) , haciye haza imodoka ya gisirikare ifise inomero A 017A FD, yarimwo uburengeti. Tubajije umwe mu basirikare bayijemwo yatubwiye ko uwo yari umukozi w’igisirikare c’Uburundi ko rero bamutwaye mu buruhukiro bw’ibitaro vy’abasirikare “Hopital Militaire”vyo mu Kamenge.
Abaraho batumenyesheje ko uwurongoye “quartier”Musaga yoba yashitse ahari ico kiziga, eka na Musitanteri ari kumwe n’abajejwe umutekano bahashitse ariko ntaco bakoze kugira ico kiziga kivanwe aho.

Nsabimana asize umukenyezi n’abana bane.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.