IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo y’Ubushinwa kuri Leta y’Uburundi

Imfashanyo y’Ubushinwa kuri Leta y’Uburundi

samedi 13 Mukakaro 2013

Umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Commissaire Alain-Guillaume Bunyoni yarakiriye kuri uyu wa gatanu imfashanyo ya Leta y’Ubushinwa igizwe n’ibikoresho birinda ubushuhe (climatiseurs) bigera ku gihumbi kimwe n’amajana umunaninazitatu (1803), bikoresha umuyagankuba muke, bikaba bigenewe gushirwa mu bisata vy’akazi ka Leta.

Nk’uko Liu Yuanzhu, umushingwabikorwa mu buserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi yabimenyesheje, iyo mfashanyo ije mu rwego rwo gukomeza ubucuti buri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa, hamwe n’ugufasha Uburundi gukomeza kumenyera ihindagurika ry’ibihe, batibagiye gukingira ibidukikije.

Leta y’Ubushinwa yamenyesheje biciye ku buserukizi bwayo mu Burundi ko bakenguruka utwigoro twa Leta y’Uburundi mu gukingira ibidukikije n’amasoko ntanganguvu. Liu Yuanzhu yemeye kw’izina rya Leta y’Ubushinwa ko bagiye gukorera hamwe n’Uburundi mu gufasha kumenyera ihindagurika ry’ibihe n’ukubura kw’amasoko ntanganguvu.

Komiseri Alain Guillaume Bunyoni, umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko iyo mfashanyo igaragaza imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa.

Ku bijanye n’ibisata bizoronswa ivyo bikoresho bifasha kurinda ubushuhe (climatiseurs), Alain Guillame Bunyoni yamenyesheje ko ibiro vy’ivyegera vy’umukuru w’igihugu, ubushikiranganji n’ahandi bose bazoshikirwa.

Amasezerano y’iyo mfashanyo ifise agaciro k’amadolare 900.978,64 akaba yatewe ko umukono hagati y’umurwi w’igihugu c’Ubushinwa ujejwe iterambere n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.