Imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu yankiwe kujabuka urubibe rw’Uburundi n’Urwanda

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 août 2016 saa 09:22
Yasomwe : 91440
0 0

Imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu abakuye mu Burundi baja mu Rwanda yankiwe kujabuka urubibe Uburundi buhana n’Urwanda kuva kuri uwu wa kane. Igiporisi c’Uburundi kijejwe uruja n’uruza ku rubibe (PAFE : Police de l’Air des Frontières et des Etrangers) cabujije kwinjira mu Burundi n’imiduga ivuye i Kigali.
Iyo ngingo yatanguye gushirwa mu ngiro ku rubibe rwo ku Kanyaru, hakaba hari nk’igihe c’isaha zitanu z’agatondo ko kuri uwu wa kane, aho abariko bariyunguruza bururukira ku rubibe Uburundi (...)

Imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu abakuye mu Burundi baja mu Rwanda yankiwe kujabuka urubibe Uburundi buhana n’Urwanda kuva kuri uwu wa kane. Igiporisi c’Uburundi kijejwe uruja n’uruza ku rubibe (PAFE : Police de l’Air des Frontières et des Etrangers) cabujije kwinjira mu Burundi n’imiduga ivuye i Kigali.

Iyo ngingo yatanguye gushirwa mu ngiro ku rubibe rwo ku Kanyaru, hakaba hari nk’igihe c’isaha zitanu z’agatondo ko kuri uwu wa kane, aho abariko bariyunguruza bururukira ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, bakajabuka n’amaguru baja kurondera izindi modoka zobinjiza mu Rwanda. Amashirahamwe yunguruza abantu yafashwe n’iyo ngingo ni Volcano hamwe na Yahoo.

Mu giporisi basigura ko iyo ngingo yafashwe kugira bashire mu ngiro ivyasabwe na Reta y’Uburundi ko ata vyimburwa mbumbarugo vy’Uburundi vyosubira gusohoka Uburundi, bijanwe kudandazwa mu bihugu bibanyi. Nk’uko mu giporisi babivuga, imwe muri iyo miduga ntiyubahiriza iyo ngingo, ikagirizwa ko ibandanya kujabukana ivyo vyimburwa vy’Uburundi.

N’aho mu giporisi ataco babivugako, hari amakuru avuga ko iyo ngingo yoba yafashwe ku mvo z’umutekano, kuko igiporisi c’Uburundi cikeka ko abantu bahungabanya umutekano binjira mu Burundi bavuye mu Rwanda, bikavugwa ko boba biyunguruza muri iyo miduga.


Kumenyekanisha

1
Proud to be rwandan 11-08-2016 à 12:52

Ciza, bambwirire kabisa kurata tanganyika ? Ubuse twe tuvuze lac kivu ubu yatangiye kuducanira turayikuramo umuriro tuzakiresha imyaka 200, reba inganda nka Yundai zigiye kuza kgli gukora imodoka mbese nibyinshi sinarondora abarundi turi abavandimwe mwirinde abaduteranya.

2
bigabo 10-08-2016 à 12:43

Umugabo witwa BALIHIMA ba MUJINYA ngo yaketseko bamusambanyiriza umugore we maze afata Intindi ye ayishiyira ku giti ayicamo kabiri ngo yahimaga abo akeka ko bamuca inyuma naho bahe bo kajya !! umunsi u Rwanda rwakingiranye amakamyo y’amarundi yikoreye ibitoro, abarundi muzajya hehe ko mbona zirirwa zinyuranyurana mu mihanda twiyubakiye !

3
Pole burundi 9-08-2016 à 19:08

Erega ubundi umupaka ntabwo upfa gufungwa kuko uba utubahirije amasezerano mwasinye ya transport y ibintu n’abantu entre imipaka y ibihugu bya EAC , aufait abategetsi b’abarundi ibyo byose ntabyo bazi, ariko se wabarenganya ? Reba nawe igihugu gitwarwa n’umuntu yize akarashishi, na football mbega ni coach, reba vice we yahora ari prefet des etudes de niveau A2 muri pedagogie, ntaho azi diplomatie, ntaho yigeze abona nibura na formation n’abantu bazi diplomatie none ngo murabarenganya ? baziko igihugu ari icyabo bwite, ibijyanye na valeur monnaitaire ntubabaze, baziko inyanya zabo zigurishijwe mu cibitoki ariho baba barwanyije inzara kdi ifaranga ryabo ko ryabona agaciro... tres malheureux vraiment, muzumve urwanda ko rukoma, mukomeze mwisamburireho nk ihene

4
Ciza C 9-08-2016 à 18:42

@ abantu bariko baravuga ngo murafise tanganyika ifise ubutunzi buruta ubw’ Urwanda, mwiyibagije ko nkurumbi yayigurishije n’aba chinois 50ans batwara ubutunzi bwaayo ?? None ko mutavuga ko urwanda rufise kivu ubu batanguye gukuramwo gaz methane bakaba barakozemo umuyagankuba.?? None utunze ninde ? None ko budget ya Leta y u rwanda imaze gushika kuri 92% ayava hanze harimo ingurane be n’imfashanyo ni 8% imfashanyonaho zoreka igihugu kibandanya gikora neza. None utunze ninde ? Buget YA LETA Y UBURUNDI ISHIKA KURI 28% Imfashanyo ni 78% none ufise ingorane z’ubukene ninde kweri ?

5
turaje 8-08-2016 à 23:43

injiji zibaho kweri ariko aziri mu Burundi zikwiye gusengerwa kabisa
ngo bafashe ingingo kuva mukwezi kwa 4/2015 none ko mbona u Rwanda rukomeza gutera imbere cyane izo ngingo mufata zihungabanya iki mu Rwanda ? mwiturize twaberetse ko murabana mumitekerereze no muri politic isahani mwaririyeko none muriko murayitumako .

6
###### 8-08-2016 à 17:49

Leta y’Uburundi yishe nkana amategeko agenga urujya nuruza muri Afurika yuburasirazuba ibintu bishobora kuyikoraho !!!!!!bihugu byica amasezerano haba hateganyijwe ibihano, ndetse ngo mu gihe byaba bimaze kurenga igaruriro, igihugu cyayishe gisaba gusezera cyangwa ibyo babana bikagisaba gusezera mu muryango.

EAC igizwe n’ibihugu bitandatu birimo u Rwanda, u Burundi, Tanzania, Uganda, Kenya, na Sudani y’Epfo imaze igihe gito yakiriwe mu muryango. Ibi bihugu byose byemeranyijwe amasezerano yo guhurira ku isoko rimwe, ibituma habaho urujya n’uruza rw’abantu n’ibintu hagati y’abatuye ibihugu binyamuryango.

7
Proud to be rwandan 8-08-2016 à 17:26

@jacques vraiment ibyo uvuga ni ukuri 100% abategetsi babarundi baracyari abana muri diplomacy ngo barivumbuye ra !!! Hanyuma hagahomba nde ? Reba iyo misoro imodoka zatangaga Iburundi !!!! Ibihumbi 100 byamarundi biravunja 25.000byamanyarwanda !!!! Abacuruzi benshi baturukaga iburundi bajya kurangura I buganda, none urabahimye ngo ntushaka ko bazasubirayo ngo uhimye u Rwanda... Hhhhhhhhh biriya nugushaka ibibazo aho bitari. Munzangaye u Rwanda nirubasubiza reka da baricecekeye kko nta ngaruka babibonamo.

8
Jacque 8-08-2016 à 15:00

Honestly, nsigaye nsoma ibitangazamakuru noraba ivyo indongozi zuburundi zivuga kumva ikigongwe. nkagira ishavu. umenga ils sont tous foux.none nigute mwofunga igihugu iyo ngene. umenga ni wawundi wubatse akibagirwa gushirako umuryango wo gusohoka. none ivyo vyimbu vyabo babikuyemo bakareka imodoka zikajabuka. sans raison vraiment. hewe imana itabare uburundi nabarundi kweli

9
jean 8-08-2016 à 13:32

kuva ingorane zitangura mu Burundi, u Rwanda ntakibazo turubonako.mais abategetsi bacu baguma bafata ingingo zidafise akamaro ku banyagihugu.mbega u rwanda rufunze umupaka vyogenda gute ? abategetsi b’u burundi vous etes incompetant muri politique vraiment

10
Ibyisi ni amabanga 8-08-2016 à 13:11

sha bavandimwe ibyisi biteranya abakundana. politike twe abaturage bato ntitukayivangemo

11
che 8-08-2016 à 09:50

Mbega imyumvire iri hano ! Burundi waragowe.

12
Proud to be rwandan 8-08-2016 à 09:21

@kiki mu magambo nguhaye 100% ariko mu bikorwa nguhaye 0% uzabanze usure u rwanda urebe uko rwiyubatse mu nzego zose zaba izubuzima, ubukungu gira nka munyarwanda, izi mibereho, izi mutekano, izubuhinzi, ibikorwa remezo nibindi ntiriwe mvuze. Uzaze urebe discipline iranga ingabo zu Rwanda aho ziba zihagaze ku mihanda hanyuma uzangereranyirize nizo ziwanyu zihagarara ku burinzi ni kiyeri mu ntoki. Uburundi twagiye tubusura niyo mpamvu nujya kugereranya uzajya ubanza urebe impande zombi cyangwa unasome ibinyamakuru. Gusa nemera ko igihugu kigira iyo kiva niyo kijya. Bamwe mubaye serious mukava mu kajagari mukava mu byo kwirirwa mu nywa amabyeri kumarigara mukareka amacakubiri mugatahiriza umugozi umwe mwakwiruka mu iterambere kko mufite byinshi byabateza imbere urugero ikiyaga tanganyika kibahuza nafurika yamajyepfo zambia. Ubundi mukareka amatiku no kwirirwa mutukana ku mbuga. Abarundi turi abavandimwe kko duhuje muri byinshi.

13
Silas Nya 7-08-2016 à 19:30

Mbe Babaporisi Bo Hanze Ko Batarashika ?

14
Vyankanvuga 7-08-2016 à 19:22

Bareke babandanye biyugarana nka nyamugegena tuzoba turaba amaherezo,ubukene n’inzara bizobatsinda muri ubwo Burundi kubera ubwenge buke bwabo, iyo abantu babuze ubwenge n’Imana Irabareka

15
Lili. 7-08-2016 à 14:36

Abibaza ko irwanda rushobora gufunga imipaka ibyo ntibishoboka
Abayobozi bu rwanda ntabwo ali injiji nka barundi.

16
Proud to be rwandan 7-08-2016 à 11:23

@maria budangwa kunkora ku mutima si ukundi nta icyo binshishikajeho kko twe Ubuzima burakomeje kdi impamvu nabigarutseho nuko muri abaturanyi nabavandimwe ariko kubera politike mbi muhise mutobonamo abanzi kdi burya muri politike nta mwanzi nta numukunzi uhoraho ejo nejobundi ushobora kubona abategetsi Bacu biyunze nyamara mwe mwarabihombeyemo Reba nkubu niba isabune yaguraga 400 ikaba igura 600 urumva atari wowe muturage wo hasi uhagwira ? Naho twe rwose ntabwo bidushishikaje nabusa nta numutegetsi wo mu rda ubigarukaho nzabemera nimubuza namakamyo yanyu yibitoro aca mu rda.

17
Kiki 7-08-2016 à 11:03

Kagame Kora Ivyo Ushaka Ariko Tuzokwihurira Hari Kera Aho Bahambi Mumagunira Bagata Mubinogo Ngo Urwanda ! Urwanda Niki ?

18
nd htéogène muruyigi 7-08-2016 à 10:24

NDASHIMYE IYONGINGO BAFASHE NAKARE IBICIRO VYARIVYADUZE INIWACU MURUYIGI IKIRO CIFU KIGEZE KU900F.TURASHIMYE TURAKENGURUTSE IYONGINGO YAFASHWE

19
NONO 6-08-2016 à 20:34

NIMUREKE NIVYO NIBUGARE NTARIBI NKO MUKIRUNDO TWATANGUYE KUBONA INGARUKA NZIZA ZO KWIYUGARIRAKO NKA KARORERO AMABETERI Y’IRADIO YAHORA KU 5OO UBU NI 7OO ISABUNE YIRABURA YAHORA KU 4OO UBU NI 5OO UMUNYU SINOVUGA NONE TWE TUGIYE KUBA ABANDE TWEBW ABO MUCARO AHUBWO NIBUGARE RWOSE HANYUMA TWIPFIRE NTAKUNDI UBWO BUTUNZI BAGUMA BARATA BUDAFITIYE AKAMARO UMUNYAGIHUGU MUTO NTABUHARI N’UKWIHAGARARAKO IMANA NIYO IKWIYE KUTUGARUKIRAKO MUBURUNDI IKABUHEZAGIRA IKABUGIRA NK’IBIND BIHUGU DUSHAKA KURYA VYISH KAND TUTAKOZE VYISH

20
Mariya Budangwa 6-08-2016 à 18:12

@Proud to be rwandan

None ko mur’ibihangange muri vyose ayo yose uyavugishwa n’iki ? Nimutureke twebwe Abarundi twipfire hanyuma namwe musagambe sinunva ikigutera kuvuga ayo yose bigomba kuba vyagukoz’ahantu.

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha