IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iminsi itanu niyo yahawe abakora ububisha mu Burundi

Iminsi itanu niyo yahawe abakora ububisha mu Burundi

lundi 2 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo ry’umunani uku kwezi kwa Munyonyo 2015, inzego zijejwe umutekano zizoba zifise uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uwu wa mbere, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ikiringo c’iminsi itanu arico gihawe abakora ububisha kugira babe bishikanye ku nzego z’umutekano.

Muri iryo jambo, Petero NKURUNZIZA yagabishije ko abatazokwitaba akamo yabateye gushika itariki indwi z’uku kwezi kwa Munyonyo 2015 bazoca bafatwa nk’inkozi z’ibibi, bahanwe n’amategeko agwanya iterabwoba, kandi bagwanywe nk’abansi b’igihugu. Abafashwe nabo yavuze ko bazoca bacirirwa imanza ikibiriraho.
« Ni akamo kanyuma tubateye, mubihebe bicitwa vuba ku neza yanyu. Atari uko muzosigara mwicuza ico mwabigiriyemwo. Mumenye neza ko umuhanuzi mubi angana umurozi, kandi ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro.»

JPEG - 74.3 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ashikirije iryo jambo inyuma y’aho ikiringo c’amezi abiri yari yatanze kugira abatunze ibirwanisho batabifitiye uburenganzira babe babisubije, ico kiringo kikaba caheze kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu 2015. Petero NKURUNZIZA ararerekana aho ibirwanisho biri mu banyagihugu vyavuye :

Ivyavuye hanze y’igihugu bizanywe n’imirwi y’inkozi z’ibibi mu bihugu duhana imbibe bimwe bimwe ; ni navyo vyinshi.

Ivyari vyarahawe abahoze mu nzego z’umutekano kera.

Ivyari vyahawe bamwe bamwe mu banyagihugu ngo bikingire mu gihe c’intambara.

Ivyasahuwe mu bubiko bw’igipolisi mu gihe haba kugaregeza gusenyura ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Ivyatwawe na bamwe bamwe bataye umurongo mu nzego z’umutekano bakabitorokana.

Ivyatswe uturwi tw’abasuma n’abicanyi.

Ivyavuye ahantu hafi y’imirwi yahora igwana

N’aho umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko gushika mu mpera y’ukwezi kwa Gitugutu, inyuma y’amezi abiri yatanzwe, hamaze gufatwa inkoho 139, ibisasu biturika 151, amasasu 7151, hamwe n’ibikono vy’amasasu 151, umutekano ubandanya guhungabana, cane cane mu gisagara ca Bujumbura ahadasiba kugandagurwa abantu, abandi bagatorwa ibiziga.

Abazokwitaba akamo katewe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bemerewe ko bazoca bahabwa inyigisho z’ugukunda igihugu.
« Reta umuvyeyi wa bose ibahaye iminsi itanu, kuva uyu munsi itariki 2 gushika itariki 7 z’uku kwezi kwa Munyonyo, yo guheba no kuva muri ubwo bubisha, muzokwakirwa n’abajejwe intwaro n’umutekano, mwigishwe gukunda igihugu indwi zibiri, muce musubizwa mu banyu.»


IGIHE

Messages

  • Uravuga.ntuvura.mugabo.harabiteguriye.inzigonugwanko.aborero.nintumva

  • Banza muvyake imbonerakure hamwe na FDRL. Murateye isoni, nimba naho mugiye gushira mu ngiro ivyo Reverien yavuze mumenye ko amaso y’Imana n’aya bantu ariko arabitegereza

  • Nukuri abarundi turarushe no kubona ibiziga vya benewacu Imana nifashe uburundi

  • Agira Ashire Mu Ngiro Bimwe Révérien Ndikuriyo Aherutse Gushikiriza Muri Cibitoke-mutakura!!.Guhonya Abarundi Azobikora Ariko Nawe Ashobora Kutagenda Amahoro Kuko Azovyishura Kandi Bizogira N Ingaruka Ku Muryango Wiwe Na Karya Kagwi Bari Kumwe!.Amaraso Arahuma.

  • Hahahah, uyu President Nkurunziza, adukuye mugihirahiro Bunyoni yari yashizemwo abarundi n’amakungu, ngo umutekano urahari naho vyogatabwa ntawo, Nkurunziza atanze iminsi 5 ngo basubize inkoho, azongeraho itanu usubire 10, wongereho 30, wongereho imyaka 10, kugeza igihe uzobona ko wihenze amahoro ari kamara kuri buri wese, Peter Intambara niwewe wayiteje wiyongera mandat utemerewe, ingaruka zose uzoshira kumutweeeeeeee, nayo iminsi wiha nubundi bice nkuko usanzwe ubigira. Emera ugwaje rero ntantambara urabona Peter uragira ngo amazi niyayandi wironkeye abahunuzi bahanura ibinyoma, bihuye nivyo urarikiye? Pole kabisa bado subiri uone.

  • Yibagira ko ariwe yataye igihugu mu manga kubera umunoho wivyisi. Kandi yibagira ko vyose ari umuyaga ko na Adolf atanakimwe yagiyeajanye. Ntawuzi uwo ariko atera ubwoba ahubwo na bado subiri kidogo utaona moto zayidi. Warahanuwe uranka kwumva ce n’est que le debut niwaba utari uzi ibizoca bikurikira none raba udutaye mwisanganya. None uriko wunguka iki ubona ga son Excellence ko uriko urica abana bawe niwaba wemera ko wari Sebarundi.

  • korera satani hanyuma ugume uhenda abarundi b ibijuju batazi amabi wateje mu burundi kubera inda ndende no kurenga kundahiro warahiye nyakubahwa Nkurunziza umenye ko imana ariyo nkuru kuruta satani amaherezo uzobona ko wihenze

  • Ahubwo wewe niwe warukwiye guhabwa inyigisho zugukunda igihugu kuko abariko barafa bose bazobazwa wewe .

  • Tutaguhongoye oyomenyo ntituzozisubiza

  • PETER URAGAKIZWA MWIZINA RYA YESU IYONGOMA NAYO WIVYE WABUZE IYO IYIVUGIRIZA NATWE BENE BURUNDI TUGUHAYE IMINSI 7 NAWEWE UZOKWIPFISHE WARAMEJE UMUHUTU UMUVURA IJISHO BUGAJA AKARIGUKANURIRA MWUMVE NAMWE MWABA POLICE NAMWE BA SOLDANT KANURA NAMWE SIDUMUJA

  • NIBARINDIRE IYOTARIKI NIGERA BATARASUBIZ IZONKOGO TUZOBANOBE NKINKOK ITORUMUSWA NAKARE INKONA NTIYARUZWA

  • Papa urumuvyeyi wabarundi koko nzokwama ndakwita papa, murakoze.

  • Uko kwigishwa gukunda igihugu ga ashatse kuvuga ko bazobajana hahandi gukubitwa ikimoko muramenya neza!Mwebwega imvugo yabo ntayo muramenya?Hagupfa gutyo wogwa kurugamba!

  • Ndabahanure uko biri kwose ntakuganza kutava ku mana. Na Saul yabatwaye bari bamanjije ku mutuka. Kira noneho yagerageza Na yesu yaraje azanywe gukiza ariko nabone nticabuze batamwica. Abazi akahise nibo bazi ico yabamariye murakoze Abapfasoni murambabarira ku mushigikira ntacaha nkoze niyirambire.

  • Arabanza yiyigishe yigishe yigishe nabayoboke biwe, bamenye ko ukra ikibi ukagisangimbere. Nareke kubesha abarundi namakungu bose baramuhinyuye ko ari intambwe yambaye urusato rwintama. Nahende abantu Imana yo nticokorwa izomusubiriza munkoko

  • Ikindi naco leta ni leta uwuzorukarisha ruzomumwa. Iyo umuntu arwishiriye ntakindi. Aba motare ikorere akazi kanyu mwironderere umunyu wabana murekane nabagomba kwisuka mubitaberekeye

  • None ayomahoro aroyaga rukana kunguvu bishoboke gute ?ndimuru monge

  • Hahahh!
    murind mubagirako iterabwob mubah ikiring co gusubiz inkoh!
    mbe bury ubu bari bazifitiy ububash?
    turashak kumeny nimb uri kubwir abayobok baw cangw se ushak ku démobilisant.
    iy’ushak ko bakwumvir war naw kubumvir ukarek mandat ya 3.

  • Mbe kombona munezerewe nintambara mugihugu mwahunganye nimiryango yanyu yose nincuti?muri bansi bigihugu ntatukundo mugifitiye muzihane kuko ubutware butangwa nimana.

  • Ego ico nico,nibagire vuba.

  • Namba Ari Zambonerakure Zawe
    Waha Inkoho!!

  • NAMBA UBWIY ZAMBONERAKURE
    WABIHA!!

  • NAMBA UBWIY ZAMBONERAKURE
    WABIHA!!

  • Njye Sindumuja nzatera grenade mpaka

  • Kwaka Ibigwanisho Nivyiza Ariko Ikirutavyose Nukuraba Icatumye Ivyobigwanisho Babitunga Bobanza Gukura Icatumye Babironka

  • Ahubwo ibigwanisho nivyakwe igipolice kugira amahoro aboneke!none sibo basigaye barasa abagiye gushingura ababo kumpanda?

  • mbe hazokwishikana aba police n iperereza canke imbo.nerakure kwaribo bica abanyagihugu rubi mukubaca imitwe nokubakuramwo umutima? vyo hagarara imana imurikire uburundi#

  • Abarundi,urabamaze ibyukora byose uzabyishyura tu! ayo maraso umena ninzo mbonerakure zawe nizo Nterahamwe .ubwo usenga iki koko wa kicucu we.

  • @maisha ngomante
    Abarundi bose ni abayoboke biwe muvyanka muvyemera,bazozitanga ku neza,atari uko ni ku nguvu hakoreshejwe ubwenge kuko nta genocide dushaka mu burundi.Abatutsi muriko muramara benewanyu ,abo mwicira bazobibishuza murazinanyi akarimi kanyu kameze nk’aka cobra,biraryoshe kurorera iyo muriko muramarana,ariko uduhimbiri tuba ku musaga n’ayandi ma quartiers y’abatutsi nitwo turiko turamara inganda kumwe kwa l’après ndadaye,ni utuboregwe,utumaraya,imicafu yibereye aho kuva buvuka nta kintu na kimwe buzi gukora,utunywarumogi tutoga,nibwo bwama buteza akaduruvayi chaque fois ngo bubuze abandi kugira ico bimariye ngo bamere nka bwo kuko ubu buriko burata imitwe kuko ntiburonka aho bwiba nka kera,nimba abo batutsi barya abo bantu bariko barica murabe neza kuko ntivyumvikana,ni imisega yibereye aho yibazako ishobora kuzokwama yifatiye umuhutu mu gahanga ariko biriko birabahindukirirako,je suis sure ko hari abari banezerewe n’imigumuko none ubu bipfuza abobakurako ba sindumuja babo en plus,abapolisi muhagabire gusa ahandi mubareke bashushanye niko baremwe.

  • Imisi itanu watanze niyukuusubiza ubutegetsi wihagiye ku nguvu sha nawe birakugoye kubona vyitwa ngo umukuru wigihugu ukaguma uturatura umugore wawe nawagahunga ngurumukuruwigigu inda ndendihumirinrya

  • Aaaah!Ni Bareke Kukugora Mu gihugu Cawe Imana Yawe Yakwihereye.Peter.Com

  • Arashaka parcels aha imbonerakure abanje kumara benezo?! aribesha kuko isi yose imushinze ijisho ntazomenya ikimukubise iyo kivuye, baca umugani mu kirundi ngo imbwa ibura se ntibura sebuja, ni bapime barabe. Azoruhukira i La haye

  • Umuntu wese yitwaza amoko aba yabuze icavuga kandi ni karyanisha miryango kuko abakamisha amoko ni benshi.batisubiyeko bizobahumira.

  • Ndumiwe aho President w’igihugu; adeclarant Genoside kumugaragaro kubanyagihugu, witwaje abahungabanya umutekano, amategeko y’u Burundi aratomora neza ukoze icaha uko ahanwa ibindi ntivyari bikenewe Nkurunziza, intambara irasenya ntiyubaka, ukwiye kwemera ibiganiro aho kumarira kw’icumu abawe, ico womenya nuko utazobamara, uzosanga ugiye gukora nyuma ivyo warigukora mbere, uburuhiro bikaba ibiganiro, kera kose.

  • Ego Sha Alice Wavuzukuri Gusa Abo Nyene Nibo Basi Bacu Nabasi Bamahoro Mbega Ko Birigwa Bica Abantu Wumva Bamaze Gushika Kubutegetsi Botumarira Kumacuniro

  • Mbega Ko Pierre Nkurunziza Ariwe Yazihaye Imbonerakure Barozimuha ? Mbega Yibagiye Ko Umanika Agatu Wicaye Mukukamanura Uhaguruka ? Yataye Umutwe .Bakunze Guca Umugani Bati Inkuba Irabije Numukunzi Irajana.

  • Imbere ya vyose,Uburundi bukeneye 5 jours de priere speciale pour " l’examen de conscience y’ibimaze iminsi biba bibaje Imana .Tout ce qui sse passe au pays kuva muri Ndamukiza laisse a desirer,les abaSages bose barabinegura :hiyo hanuka amaraso,humvikana amarira,ubwoba,akarenganyo ,...Yemwe ivyo vyose bikeneye gusengerwa nationalement. First,REPENT or PERISH. Ntawukubita inka ari kuyikama! Kandi ngo mumenye: "when brothers fight to death for their father’s property,a stranger always takes their land’.So please,saba ibishoboka kandi vyonyarukana confiance mu bana b’umuvyeyi umwe(Uburundi bw’abarundi bose).Gusba imbunda ku nguvu ni iterabwoba,ni nko kuwira bamalaya basubize condoms without a conducive solution to that survival vice.Bonne comprehension.Prions ,tuogope Mungu kandi twumvirize impanuro z’abaSages.

  • Uyu mu Président naho tujandajanda ararwaye. Ni ahagarikwe inganda zitarikira. Amakungu arindiriye kwikangura umumiliyoni canke 6 z’abantu bapfuye. Uyu muntu Nkurunziza ntakomeye mu mutwe. Nta muntu akomeye yitwa président agira déclaration y’ingwano contre son peuple kandi azi neza ko amamuko ya vyose ariwe.

    Genda warabaye Nkurumbi ku barundi.

    Tabaranya uyu muntu afatwe abohwe.

  • Simboni cobapfa ntwurihejuruyamategeko ku ki agomba kwigira nka. Hutrel tuzorasa. Mpakaka. Abatutsi muribigugu. P

  • Nyakubahwa Mukuru w’Igihugu tarabashimiye kukigoro mwongeye kuha abanyagihugu ko kwihanura ba kishikana. ariko biraguye ko izo nkuzi zikibi zobizera muvyo muvuga kirece bishikanye ku biro vya ONU bijejwe agateka kazina muntu aho i Bujumbura. Abo bihevyi nabo birigwa baragandagura abantu kubaniraho ihutihuti bizohitana benshi binzira karengane. na bandi bikike mukiza. vyoba vyiza mutanguye imishikirano vyose bigatoregwa hamwe inyishu nabo vyega. kuko kugeza ubu ntimuzi ababagwanya ubaserukira vyukuri. mbega ubu igihugu kiri mu ntambara canke muvyita akaguma,? murakoze.

  • Peter ngo yatanze iminsi 5 yo kwica abantu, ngo nibabiheza abashire mu ishuri ryo kubashimira no kubasubiza mu bantu, iyo minsi niyiki ko ufise abasoda benshi, abapolisi benshi kandi wabemereye kwica uwo bashaka wese bapfa kuba bafise grenade bamutererako ko yari iyiwiwe yanse kubaha. Nta mupolisi wemerewe kwica abantu intahe itakubita mugahanga, have sigaho reka kubesha abantu. Iminsi itanu yiki nindi uzoyitanga, watanze ukwezi, ubu ni 5 jrs nyuma ni 5 ans, ubu ugiye guhimba abo uzana ngo bishikanye, abanse ubarasire mu isoko ngo ni abasuma yooooo Jenoside peter.....

  • Je lance un cri d’alarme au prédident Paul Kagame. Monsieur le président souvenez-vous avoir dit que vous n’assisterez jamais a un autre génocide dans notre région. Je vous supplie pour intervenir par tous vos moyens afin d’empecher la poursuite du génocide en cours au Burundi.
    Veuillez svp tranmettre ce message.

  • Rabaivyoadorofeyabivye? Ngwamasisteme, Ngogukorerako, Biradutukishijemumakungu, Nayimutakura Cibitoke, Nyakabiga Musaga, Ntacomuduterubwoba, Mwatwayemudusangaho Muzovakubutegetsimudusige? Rekadukoreshe Sisteme Ikibazobumutekanomuke Ntitucitiranyenintambara, Inkohozizokora, Muntambara, Igihemuzozikenereramuzozibona? Inkohosiketa Kandisinkoni, Nisuka,?Prezida, Urabashuka, Nabaporisibarafisubwenge, Sukurarikumutwengozaninkoho, Oyaaa

  • NAGIRA NSABE LES PASTEURS.LES ABBES ET TOUS QUI CROIENT LE SEIGNEUR JESUS MUZE DUFATE NATWE 5 JOURS DE PRIERE NI MANGER NI BOIRE KUGIRA DUKURE IGIHUGU CACU MUMABOKO YA SATANI N ABADAYIMONI TUBOHOZE INDONGOZI ZACU MURAKOZE YESU TABARA TWEBWE ABARUNDI.

  • Ako nkurunzi ivyo uvuga koko wumva wumva mu mutw atakibazo ufit?sha Iman ikwigishe.

  • Mana y icubahiroMana ushobora vyôse wewe wafatiye Saoul munzira agiy kumara abana bawe ukamukiza akakumenya turakwingize ufate mu minwe yawe Peter n akagwi kiwe bari munzira bagenda guhonya abana bawe Mana bahindure bakumeny bahinduke ba Paulo mu minsi 5 bazôbe bariko bagushingira intahe ni mwizina ryaw tubisavye Amen.

  • At Christoph, namba wibaza kwari ikitanzi rindira hagere nihuzobona ko numwana akuze aripfuvyi nawe abafise ubwenge nkabakuze bafise abavyeyi canke akanabarusha ubwenge njukwikwawe wakuranye nabavyeyibawebose ariko urinze usaza utamenya ko ijambo rivuzwe numukuruwigihugu uwuripinze abayisema rindira ndambutisubiyeko ibindakubwiye uzibibona.

  • America ngo irabashigikiye? Tuzobiraba burya si buno uzi abanyamerica bamaze gukubitirwa muri irak? Nomuburundi baraza tuzobamesa twifadikanije nabakeba babo kwisi baruzuye na usama yarabameshe arumwe baratangara

  • Ahubwo nibabizane vuba kk ataraho naho bibonerek cnk basange benewabo mu rwanda

  • AHUBWO IZONTERAHAMWE MWISHIMIRIJE MUMENYE KWATANTAMBWE MUZOTERA MURIKUMWENAZO MURAZI KOBBAYE NKAGAHIN

  • Nanje Icomvuze Iyomigwi Yitwaje Utugwanisho Umusi Bantumbeye Nzohera Kuribo Mutama Rema Wongere Utekane Nzogukuzwa Inyuma Nurupfu Duhe Natwe Tubamene Umutwe Erega Akonagakengere Baragumira Hiyo Mugisagara Nayahandi Twofyetanye

  • TWISU BIREKO TURI UMWE

  • Nkurunziza va muri ico kibanza ukiri mwiza kandi inganda zitaratikira. Nyamba barakuroze.

  • Basha ndababwire uyu muntu wiyita fidelite ni umukuru w àmadayimoni shetani yateje uburundi.

  • Ce makake mourra trop jeune, un soldat ne se rend jamais il meurt

  • MANDA YA 3 IBIVYOSE NIYO IRIKO IRATUMA AKAJAGARI KABA

  • Mwiriwe barundi mwese aho muri hose ? Ge inama nabagira ntaho mbogamiye ,nimwegere president Paul Kagame abagire inama cyane ko imico y’abarundi ijya gusa n’iyabanyarwanda yewe n’ururimi rujya gusa yewe n’ibibazo ibi bihugu bihura nabyo nabyo bijya gusa impamvu mbahitiyemo president Paul nuko nabonye ari umugabo utagira amarangamutima yewe ge nabonye atajya yemeranya n’abagendera kumoko cg amadini ge ndabona impanuro yaha abarundi zabagarurira amahoro naho ibyo mbona muburundi nagahoma munwa ngaho abatukana kurizi mbuga bituma nibaza niba nkumuntu utukana umuhaye kuyobora yayobora abantu nawe atiyoboye mu kinyabupfura ngaho abari mubyamoko uwo yayobara abo badasangiye ubwoko? Barundi mwese mugire ikinyabupfura mwahiranye Maze murebe ko imana itabaha amahoro erega imana ntiyanga abicana gusa ahubwo yanga buri cyaha uko cyaba kimeze kose byaba kuvangura amoko ,gutukana, kwiba, gusambana ,,,,,,Mugire amahoro y’imana

  • Mwiriwe barundi mwese aho muri hose ? Ge inama nabagira ntaho mbogamiye ,nimwegere president Paul Kagame abagire inama cyane ko imico y’abarundi ijya gusa n’iyabanyarwanda yewe n’ururimi rujya gusa yewe n’ibibazo ibi bihugu bihura nabyo nabyo bijya gusa impamvu mbahitiyemo president Paul nuko nabonye ari umugabo utagira amarangamutima yewe ge nabonye atajya yemeranya n’abagendera kumoko cg amadini ge ndabona impanuro yaha abarundi zabagarurira amahoro naho ibyo mbona muburundi nagahoma munwa ngaho abatukana kurizi mbuga bituma nibaza niba nkumuntu utukana umuhaye kuyobora yayobora abantu nawe atiyoboye mu kinyabupfura ngaho abari mubyamoko uwo yayobara abo badasangiye ubwoko? Barundi mwese mugire ikinyabupfura mwahiranye Maze murebe ko imana itabaha amahoro erega imana ntiyanga abicana gusa ahubwo yanga buri cyaha uko cyaba kimeze kose byaba kuvangura amoko ,gutukana, kwiba, gusambana ,,,,,,Mugire amahoro y’imana

  • Gakozi, nakagugu ivyo kavuga mwumva ngakwije? ubwo wewe usa nuwuraja kurugamba ngo bakwokere amasoro? kuvuga kwabatutse aribigugu.wewe niwutarikigugu? ahubwo wewe urikigugu gusuvya bantubose, wewe wifuza kwica imisi yawe iraharuye kurya ugera imigabo mibi niko nimisiyawe ipunguka. nayivyo Nkurunziza avuga, ndamutangarira cane incoho niwe ya zikwiragije mubanyagihugu,zimwe zose ya ri yahavye mumashamba akiri mwishamba,izobonerakure sizobagiye kuzura,nabahungu biwe baribamaze imisi murikiriba ahikongo. vyiwe birazwi uwunumugambi ya teguye wokuzomara abatagiye mumugabwe wiwe, ariko arihenda!!

  • Irambire Mutama Tukurinyuma We Poa Ntabwa Inyara.

  • Mwitwaza Manda3mukumara Bene Wanyu? Imana Izobibaza! Kuko Peter Mwitwaza Imana Yamuzigamye Akivuka Ahubwo Muranyotewe Amaraso Yabantu Ikibigaragaza Niki! Avuga Kurwanya Abicanyi.Mukamurwanya .

  • Haa!!Mbega Abarundi Turapfi Ki?Birakwiye Ko Dufatana Munda.Nuko Amatwi Y’impene Yumva Yokeje!

  • Nibateshwe Bate Peter Twara Abo Nabo Bica Ntibarabona Kandi Intunva Ziriho Pe !

  • Iryo Jambo Niryo Kuko Intunva Nukuzimesa Kuko Muburundi Sikwarambo Nikwa Peter Nyakubahwa Kandi Icabona N, Imana Gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.