IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imirima y’ibikaju vy’umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA yatewe n’umuriro

Imirima y’ibikaju vy’umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA yatewe n’umuriro

lundi 29 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Imirima y’ibikaju y’umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA iri mw’ishamba rya Rukoko muri komine ya Gihanga intara ya Bubanza yatewe n’umuriro kuva kuri uwu w’Imana. Uwo muriro wari ucibonekeza gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company ry’uwo murwizatunga bakaba bari bakiriko barazimya mu mpande zikobonekamwo umwotsi.

Uwo muriro wadutse ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, ahahiye hose hamwe hakaba hataramenyekana, kuko abakozi ba Tanganyika Business Company batarinjira ahari iyo mirima y’ibikaju, bakaba kandi batamenye ahazananye uwo muriro.

Buramatari w’intara ya Bubanza yaheruka gutanga itegeko ko umuntu wese azoba ashaka kwinjira mw’ishamba cimeza rya Rukoko azobanza kuba yabisabiye uruhusha.

Abakunda kuja muri iryo shamba ni abanyagihugu barangurirayo imirimo itandukanye yaba uburimyi, ubworozi, abaja gucanayo amakara, abasenyayo inkwi n’ibindi. Bose babwiwe ko uwuzofatirwayo atabisabiye uruhusha azohanwa bikomeye.

Mu nama y’umutekano yaheruka kugirisha, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe ku mvo z’umutekano, inyuma y’aho bibonekeye ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, mu nyuma mu gusubira inyuma bagaca muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.

Abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company bararira ibikaju biri mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagirijwe ko boba bakingira ikibaba abo bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, kuko boba binyegeza muri iyo mirima, abo banyezamu ntibabivuge. Abo bakozi bakagirizwa kandi ko boba bakorana n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho iva muri Congo ije guhungabanya umutekano mu Burundi. Abo bakozi bakaba bari baheruka gukurwa muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.