Imodoka y’ishirahamwe « Horizon » yahiye n’ibidandazwa vyarimwo vyose

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 mars 2016 saa 09:08
Yasomwe : 34920
0 0

Imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu « Horizon » yahiye hamwe n’ibidandazwa vyose vyarimwo igeze i Bujumbura. N’aho Imana yakinze kuko ata muntu n’umwe yahasize ubuzima, kabaye agahombo ku badandaza baburiyemwo ivyo bari bavuye kurangura muri Uganda vyose.
Ingenzi zari zije ziva mu gihugu ca Uganda zerekeza i Bujumbura zamenyesheje ko zatanguye kubona ko iyo modoka ifise ikibazo bakiri i Mbabala mu gihugu ca Uganda, ariko umudereva akaba yaciye arondeye umufundi (Mécanicien) yagenda (...)

Imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu « Horizon » yahiye hamwe n’ibidandazwa vyose vyarimwo igeze i Bujumbura. N’aho Imana yakinze kuko ata muntu n’umwe yahasize ubuzima, kabaye agahombo ku badandaza baburiyemwo ivyo bari bavuye kurangura muri Uganda vyose.

Ingenzi zari zije ziva mu gihugu ca Uganda zerekeza i Bujumbura zamenyesheje ko zatanguye kubona ko iyo modoka ifise ikibazo bakiri i Mbabala mu gihugu ca Uganda, ariko umudereva akaba yaciye arondeye umufundi (Mécanicien) yagenda arayikora mu mihingo itandukanye.

Iyo modoka igeze i Bujumbura aho bita kwa Busigo, abari muriyo bumvise ikintu giturika mu mapine, ariko bakavuga ko umudereva yabandanije urugendo barimwo. Bageze muri zone ya Kamenge, aho bita IWABO W’ABANTU, iyo modoka yatewe n’umuriro abarimwo batamenye aho uje uva. Abantu bari muri uwo muduga bagize amahirwe y’ukurokoka, ariko ibidandazwa vyose bikaba vyahiye.

Abo badandaza bavuga ko ari agahombo gakomeye cane kuribo, bakamenyesha ko bagiye kwitura iryo shirahamwe « Horizon » kugira basabe ko boshumbushwa, vyanse naho bakavuga ko bazoca bitura ubutungane.


Kumenyekanisha

1
turaje 17-03-2016 à 12:54

OK na nkurumbi nawe ashumbushe ababuriye ivyabo mwisoko rikuru rya Bujumbura kuko niwe yarituriye . 1-1

2
ALAIN-WHITE NIYOMWUNGERE 17-03-2016 à 11:42

MBANJE KUGIRA NTI MWIHANGANE ABAHUYE NISANGANYA KANDI NTI DUSHIMIRE IMANA KUBONA MWARAROKOTSE HANYU JE NUMVA IRYOSHIRAHAMWE RYOSHUMBUSHA ABAHABURIYE IVYABO KUKO BAMAZE KWUMVA AHO IMBABALA IFISIKIBAZO BARI GUCA BATELE4NA IYINDI MODOKA NTIBARI KUBANDANYA BAGENDA IMODOKA IDAKIZE AHUBWO NIBASHUMBUSHWE VUBA

3
Arakaza Inès 16-03-2016 à 18:03

Kuvyukuri Turahojeje Abadandaza Bose Baburiye Ivyabo Mwiyo Modoka Tukaba Twosabako Iryoshirahamwe Horizon Ryoba Shumbusha.

4
jean 16-03-2016 à 17:38

u rwanda rwabatizaga indege zo kuzimya isoko none nta na kizimyamoto mufise ?

5
turaje 16-03-2016 à 11:31

VOLCANO mwarayituriye none raba , nabado mtaona

6
koko swing 16-03-2016 à 11:20

ubwo na nyamitwe muzavuga kwadateGA ibisasu kandi ariwe bashinja ufupfu rwa ADOLPHE ?

7
Niyonahabony clovis 15-03-2016 à 22:33

Nanon vyarivyaratevy gush.ereg birashaj ! bigend birakutir. uburer karashizingan abarund tugum dutez amabok ? nn muburund harabuz ishirahamw ryo gur bus nkiry ? yunguruz abant ?

8
Niyonahabony clovis 15-03-2016 à 22:32

Nanon vyarivyaratevy gush.ereg birashaj ! bigend birakutir. uburer karashizingan abarund tugum dutez amabok ? nn muburund harabuz ishirahamw ryo gur bus nkiry ? yunguruz abant ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha