IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi 20 000 z’abanyekongo i Bujumbura no mu Bwagiriza

Impunzi 20 000 z’abanyekongo i Bujumbura no mu Bwagiriza

jeudi 21 Ntwarante 2013

Ikigo c’igihugu kijejwe gukingira impunzi n’abateshejwe izabo(ONAPRA) cakiriye impunzi z’abanyekongo zirenga ibihumbi cumi ubu zibarizwa mu mazu y’abateshejwe izabo bari mu Bwagiriza, hafi yo mu Ruyigi hamwe n’izindi mpunzi zigera ku bihumbi icenda I Bujumbura ( mu Kinama, Musasa na Gasorwe…).

Biragaragara ko impunzi zituruka mu ntara ya Kivu zikundwa cana n’abarundi, kanatsinda ko muri kahise abanyekivu bahaye ubuhungiro impunzi z’abarundi mu ntambara igihugu c’Uburundi gihitiyemwo.

Ukwo igihe gihinduka, impunzi z’abanyekongo zitegerezwa kuronswa amakarata karangamuntu atangwa na Leta y’Uburundi. Izo ndangamuntu zifasha ikigo mpuzamakungu(HCR) na Leta y’Uburundi biciye ku murwi ujejwe kwakira impunzi mu Burundi ONAPRA gushikiriza imfashanyo abo zagenewe.

Muri uno mwaka, mu nteguro y’iryo dondora, ikigo HCR n’umurwi ONAPRA babicisha mu dukino n’indirimbo, bafadikanije n’umurwi w’abaririmvyi b’abanyekongo witwa « NEW VISION » usanzwe nawo nyene utuye mu kambi y’impunzi. Biraboneka cane ko ubwo buryo bworohera kandi bukaruhura bose .

Abenshi muri izo mpunzi bahunze imirwi igwana ( M23, FDLR, …) hamwe n’umutekano muke uboneka mu buseruko bw’intara ya Kivu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.