Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’abakongomani zakiriwe neza n’abanyacankuzo
Impunzi z’abakongomani zakiriwe neza n’abanyacankuzo
lundi 20 Rusama 2013
Abantu barenga 500 barimwo abanyamurenge hamwe n’abafurero bahunze intambara zibera mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, baja baramaze kwakirwa mw’ikambi y’impunzi iri ku musozi wa Kavumu mu ntara ya Cankuzo iri mu Buseruko bw’igihugu c’Uburundi.
Muri iyo kambi y’impunzi rero igizwe n’abakenyezi ahanini, barashimishwa n’ingene bakiriwe n’abarundi n’umutima mwiza bakiranywe n’abanyacankuzo. Ariko rero naho biri uko, barababazwa n’ubuzima babayemwo, butoroshe. Ikindi naco n’uko bamwe muri abo bahunze benshi batandukanye n’imiryango yabo, ndetse ugasanga ata n’akayambu k’ababo bafise.
Abo bantu rero, bavuga ko ikigoyi kibarembeje kuko bafungura rimwe ku munsi bivanye n’imfungurwa baronswa n’ishirahamwe ry’itaho impunzi HCR. Abaserukira izo mpunzi muri iyo kambi, bemeza ko umuryango ugizwe n’abantu batanu baronswa imfungurwa zitegerezwa kubamaza iminsi itanu, nazo ugasanga ari intica ntikize.
Izo mpunzi zibera mu mazu ziyubakiye, zivuga ko zimaze kuronka ikibanza zubakamwo amazu, zaciye zidandaza tumwe mu tuntu zari zahunganye kugira zishobore kuronka amafaranga yo kuriha abafundi bo kwubaka.
Muri iyo kambi, abana bazotangura kwiga mu minsi iza, abigasha babo bakazoronswa amadolari 20 ku kwezi ku vyirwa bazotanga. Kavumu ikaba iri ku birometero 140 uvuye mu gihugu ca Kongo. Iyo kambi ya Kavumu ishobora kwakira abantu bashika ibihumbi cumi na bitanu. Twobibutsa ko gushika ubu, mu gihugu c’Uburundi hari impunzi zishika ibihumbi 53, ariko abarenga ibihumbi 50 aribo bafise ubwenegihugu bwa Kongo.
Aristide Nizigire
Messages
20 Rusama 2013, 14:59, par Erast ninyibuka
Muvyukuri abarundi bamanyurukundo.ndashimiy abanyagihugu bomucankuzo,nizereko retayuburundi izingene ubuhunzi buryana.