Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impunzi z’abakongomani zakiriwe neza n’abanyacankuzo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’abakongomani zakiriwe neza n’abanyacankuzo

Impunzi z’abakongomani zakiriwe neza n’abanyacankuzo

lundi 20 Rusama 2013

Abantu barenga 500 barimwo abanyamurenge hamwe n’abafurero bahunze intambara zibera mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, baja baramaze kwakirwa mw’ikambi y’impunzi iri ku musozi wa Kavumu mu ntara ya Cankuzo iri mu Buseruko bw’igihugu c’Uburundi.

Muri iyo kambi y’impunzi rero igizwe n’abakenyezi ahanini, barashimishwa n’ingene bakiriwe n’abarundi n’umutima mwiza bakiranywe n’abanyacankuzo. Ariko rero naho biri uko, barababazwa n’ubuzima babayemwo, butoroshe. Ikindi naco n’uko bamwe muri abo bahunze benshi batandukanye n’imiryango yabo, ndetse ugasanga ata n’akayambu k’ababo bafise.

Abo bantu rero, bavuga ko ikigoyi kibarembeje kuko bafungura rimwe ku munsi bivanye n’imfungurwa baronswa n’ishirahamwe ry’itaho impunzi HCR. Abaserukira izo mpunzi muri iyo kambi, bemeza ko umuryango ugizwe n’abantu batanu baronswa imfungurwa zitegerezwa kubamaza iminsi itanu, nazo ugasanga ari intica ntikize.
Izo mpunzi zibera mu mazu ziyubakiye, zivuga ko zimaze kuronka ikibanza zubakamwo amazu, zaciye zidandaza tumwe mu tuntu zari zahunganye kugira zishobore kuronka amafaranga yo kuriha abafundi bo kwubaka.

Muri iyo kambi, abana bazotangura kwiga mu minsi iza, abigasha babo bakazoronswa amadolari 20 ku kwezi ku vyirwa bazotanga. Kavumu ikaba iri ku birometero 140 uvuye mu gihugu ca Kongo. Iyo kambi ya Kavumu ishobora kwakira abantu bashika ibihumbi cumi na bitanu. Twobibutsa ko gushika ubu, mu gihugu c’Uburundi hari impunzi zishika ibihumbi 53, ariko abarenga ibihumbi 50 aribo bafise ubwenegihugu bwa Kongo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.