Impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zigiye kwimurirwa mu bindi bihugu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 12 février 2016 saa 09:02
Yasomwe : 85509
0 0

Reta y’Urwanda yatangaje ku mugaragaro ko igiye gutangura gukorana n’abo basanzwe bafashanya mu muryango mpuzamakungu, mu ntumbero y’ukurondera uburyo buteguwe neza kandi bukwiye bw’ukwimurira impunzi z’Abarundi mu kindi gihugu.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko Urwanda rukurikiza ivyo rwiyemeje mu kurinda no kwitaho impunzi, ariko ko ikiboneka mu karere k’ibiyaga binini, ari uko ukwo kuguma kw’impunzi mu gihugu cegeranye n’ico (...)

Reta y’Urwanda yatangaje ku mugaragaro ko igiye gutangura gukorana n’abo basanzwe bafashanya mu muryango mpuzamakungu, mu ntumbero y’ukurondera uburyo buteguwe neza kandi bukwiye bw’ukwimurira impunzi z’Abarundi mu kindi gihugu.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko Urwanda rukurikiza ivyo rwiyemeje mu kurinda no kwitaho impunzi, ariko ko ikiboneka mu karere k’ibiyaga binini, ari uko ukwo kuguma kw’impunzi mu gihugu cegeranye n’ico zaturutsemo, bigira ingaruka zikonekeza ku mpande zompi.

Umushikiranganji Mushikiwabo Louise yagize ati : "Bijyanye n’impamvu zizwi neza z’umutekano muke mu Burundi no gukomeza kwiyongera kw’impunzi, biteye ikibazo. Binatuma impunzi zihura n’ibibazo bitandukanye baterwa n’abaturuka mu gihugu cyabo, bikabangamira kugerwaho kw’igisubizo kirambye cya politiki. Ku ruhande rw’u Rwanda, ibibazo bikomeje kwiyongera ku mutekano w’igihugu biterwa n’Abarundi, no kutumvikana mu mibanire yacu n’amahanga ntabwo twabyihanganira.”

JPEG - 141.1 ko
Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda

Mu mezi aheze, Urwanda rwasavye abo basanzwe bafashanya, hamwe n’imiryango mpuzamakungu, kwakira Abarundi baba mu makambi hamwe no mu bisagara vyo mu Rwanda.

Urwanda rushize ahabona iyo ngingo rwafashe, inyuma y’aho abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, bamenyesheje ko bafise ivyemeza ko Reta y’Urwanda ifise uruhara mu mabi amaze imisi akorerwa mu Burundi.
Muvyo Amerika yagirije Urwanda, hari ugutanga inkoho n’imyimenyerezo ku mpunzi z’abarundi zahungiye muri ico gihugu. Abo bategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bemeza ko inkuru bafise bahawe na bagenzi babo bakorera mu makambi y’impunzi mu Rwanda, zivuga ko Urwanda rufise uruhara mu ntureka zibera mu Burundi, impunzi z’abarundi harimwo n’abana, bikavugwa ko baronswa imyimenyerezo mu makambi ya gisirikare c’Urwanda, kandi ko bamaze gutana mu mitwe na Reta y’Uburundi hakoreshejwe inkoho.

Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko Urwanda rudashobora kubandanya kwihanganira ibibazo vya poritike bishirwa mu kibazo c’Uburundi.

Urwanda rwahaye ubuhungiro impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 75, zatanguye kwinjira mu gihugu c’Urwanda ku bwinshi muri Ndamukiza 2015, igihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatangwa n’umugambwe wiwe CNDD FDD kugira yiyamamaze mu kibanza c’umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

1
Hatungimana Pascal 18-06-2017 à 20:55

none Leta y’urwanda yoba yiyumviy gukura impunzi z’aburundi mugihugu cayo kuko amerika yavumbuye ko bagize uruhari muguhungabanya umutekano muburundi ? biboneka yuko urwanda rufise ico rubiziko kuko ntakoboca biyumvira gukura impunzi mugihugu cabo atacobabiziko ntibishoka ,ntawikang’abinga atayarway

2
Niyonzima Diomedi 21-02-2017 à 04:50

Reta Yu Rwanda Niyakire impunzi ariko ireke kwivanga nivyo mu Burundi. Kuko nayonyene ntiyorohewe mbona abanwagihugu bayo bari hanze y’igihugu.Umwanyanumwaya umucanwa wokwaka tugeze mugihe c’iherezo,ariko mumenye niyodusesa amaraso kotwaremwe n’Imana mureke gupfa ubwoko,imigambwe,intara,ibihugu,amatongo,nibindi,kuko Imana yaturemye mwishusho yayo.

3
Havyarimana Pierre 2-02-2017 à 20:14

nibazitware kure y’uburundi nturube ugwitwazo gwabanye poritike kuko ndumva ntivyoroshe

4
J.B 25-06-2016 à 19:49

AHUBWO NIBATAHE MUGIHUGU CABAVYAYE BAZE TUCUBAKANE HAKUBUNGURUZA MUBINDI BIHUGU

5
Joseph Habonimana 14-05-2016 à 16:24

AHUBWO HAKO BABUNGURUZA MU BINDI BIHUGU ,NIBATAHE IWABO MU BURUNDI KO HARI UMUTEKANO NTANGERE, ARIKO BAPFE BANGARA BAFISE IWABO ?BARUNGIKE BATAHE.

6
EL BOBO 11-05-2016 à 21:17

AHUBWO BOVA NGAHO BAKAJANA NKOMURI AMERICAN

7
ntakirutimana 17-02-2016 à 09:33

Nkurunziza yabonye iturufu yo kwitwaza urwanda kandi ico kinyoma ntikizotinda kumutekurukana nabe ararondera abandi avyegekako rero

8
BUTOYI 16-02-2016 à 13:29

EGO NIBABIMURE URWITWAZO RUHERE

9
Manu 15-02-2016 à 20:26

Impunzi zabarundi ??ziteye iseseme mumakungu. Kuki zitajya mubindi bihugu by Africa, bamenyere ibyubusa

10
Umutunzi 15-02-2016 à 20:23

Abarundi bahungaiki ??perezida wumukristo.nibatahe mubahe amasahayokuva kubutakabwurwanda. Nibamushikiwabo bikunaniye wiyambaze.zimbabwe. 1972batahe bubake igihugu ?utazi umurundi arunda munzu. Muzaba mubo a . Africa nini.niba babuze umutekano.irwanda bagenahandi

11
ibigoyemakungu 15-02-2016 à 11:47

impunzi zabarundi zihunga iki

impunzi zabarundi zihunga iki,iburundi ntantambara ihari ahubwobamenyereye kurya ibyubusa, urwanda rugomba kubasubiza iwabo.1994 impunzi zabanyarwanda barazirukanye twaratashye ,twubaka igihugu, ndizerako abarundi ntakintu nakimwe bamara irwanda,ahubwo muhambirize, mubahe impamba, bagende bubake igihugu

12
nkdn 15-02-2016 à 07:59

turazi kwarabanyarwanda bari barigumije muburundi ahubwo urwanda nirubahe amatongo babemw barashitse iwabo abo batutsi birwanda nibo batwiciye igihugu abatutsi na bahutu biburundi babanye neza bafatanye munda reka bajane mumahanga niyo porituke ya kagame murabona ko no murikongo abanyarwanda babanyamurenge ukuntu bigumije murikongo ngobikunde ampire hima ikunde twarabahinyuye

13
samara bakwogoshe 13-02-2016 à 22:24

Kabisa izompunzi nibazimurire mumakungu kuko cndd fdd itavuye kubutegetsi ntibazosubira mugihugu ahubwo icombona ku rwanda muragabe kuko nkurunziza ateye ubwoba arashobora kuzokwihora kuvyomwamukoreye

14
DIPINE 13-02-2016 à 21:15

MWOBAMUGIZENEZA

15
Mukristumurugendo 13-02-2016 à 18:36

At Iribuka, urukundo rusumba ivyovyose wihaya, Yezu nawe yaye ahantu bamusanganiza kumubwira ngo mwigisha raba iyinyubako ukwimezeneza, Yezu yishuyengo wewe urareba ivyinyubakwa ? Yezu aravug’ati ntabuye rizosigara rigeretse kurindi ridasamburiwe yasi. Icotwobasaba twebwe abemera imbereyavyose shirimbere urukundo nkandi mwene kiryakintu utifuza kobagukorera ntukagikorere uyundi/abandi. Muvyukuri ndaziko mubizi nubwowogira ibintuvyishi utagira urukundo vyose ntacobibabimaze kuko mukanyagato wokwihangana muyindi situation. Nimugerageze nimiburiburi mwibuje wamutunzi dusoma muri bibiriya ayoyaboye ahoya takambira uwoyatutse. Amen ?.

16
Ndayisenga betty 13-02-2016 à 11:31

Ego nivyo nibabimure babakure ngaho impande y’uburundi barya baja muri tanzania aho imahama ntibohashika mvuga imbonerakure

17
karit 13-02-2016 à 10:11

ahubwo ndabonye ko leta y’ uburundi igwa neza ubundi ubu yakabaye itanga ikirego munkiko zikomeye urwanda rukishura abapfuye in vyangiritse vyose. vyaba nangombwa bakarufatira ibihano. ariko abarundi muravuga cane kuruta ibikogwa,burigihe muba mushaka ababafasha.

18
amisi amiri 13-02-2016 à 09:21

iyi ni mitwe yo gushaka gucecekesha amakungu kugirango yumve ubwoba ko niyabandanya gushinja n’ ukotsa igitutu reta ya Kagame ko none impuzi reta izaca izirukana. ariko ukuri kuguma hahandi.abarundi bumutima tugume dufatana munda kwakundi nyene dutsinde Kagame wu Rwanda aduhungabaniriza amahoro yacu i burundi. gusa natareka bizamugira ingaruka...

19
nice 13-02-2016 à 07:40

Emwe uru rubuga ruriko ubushyo bw’intozo nyinshi. Nta soni mufise muriko muratuka uyu mupfasoni ? Ibihugu biri hano biri mu mahano kweri. Erega si abantu ni imbwebwe zigendera.

20
M 13-02-2016 à 01:55

Nibagerageze nkuko babishikirije babaronderere ikindi gihugu,kuko zambonerakure zocengetera zikihinkumbi ngaho murwanda.abacigaye nabo turaheze.

1 | 2
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha