Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Impusha z’ukugendesha umuduga zikozwe mu buhinga bwa none vyatanguye gutangwa
Yanditswe taliki ya 6-07-2016 - isaha 07:43' na IGIHE

Ibikorwa vy’ugukora hamwe n’ugutanga uruhusha rw’ukugendesha umuduga rukozwe mu buhinga bwa none (Permis de conduire biometrique) vyatangujwe kuri uwu wa kabiri. Mu giporisi kijejwe uruja n’uruza bamenyesha ko urwo ruhusha rugiye kuzogurwa amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi, abakoresha impusha zahahora nabo bakaba basabwa kuba baguze izo nshasha, gushika kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2016.

Ubwo buhinga butiganwa kandi budasubirwamwo buzotuma ibiranga umudereva vyoroha kuboneka, amakosa akora akaboneka hamwe n’amahadabu agenda aratangishwa, nk’uko bisigurwa na Commandant MUSEREMU Alfred atwara igiporisi kijejwe uruja n’uruza hamwe n’umutekano mu mabarabara, aho amenyesha ko uruhusha rwahahora rwagurwa amafaranga ibihumbi mirongo ine vy’amarundi, akavuga ariko ko abazorondera urwo ruhusha rushasha bazobanza gukora ibibazo vyabigenewe.

JPEG - 60.9 ko
Commandant MUSEREMU Alfred atwara igiporisi kijejwe uruja n’uruza hamwe n’umutekano mu mabarabara

Abantu bose bari bafise impusha za kera z’ukugendesha imiduga bagasabwa kuzokwishikira i Bujumbura ahatangirwa impusha nshasha kugira bazihabwe.

Tubamenyeshe ko uruhusha rwa mbere rw’ugutwara imiduga rwatanzwe mu Burundi mu kwezi kwa Munyonyo, umwaka w’1937, rukaba rwahawe umugiriki yaba mu Burundi. Kuva ico gihe, hamaze gutangwa impusha z’ukugendesha imiduga zirenga 290.000 kuva igisata c’igiporisi kijejwe uruja n’uruza kibayeho.

Ivyiyumviro vyanyu

Turasavye Muzane Isata Cohinduza Mu Ntara Hagati

26.07.2016 à 18:57
Mfashijwenayo

Nonebishitse nkasangantiyarisanzweyanditswe bizogendagute

12.07.2016 à 09:30
ndayirukiye Appolinaire

Uwutayifis ayikeney naw azoyigra ?

11.07.2016 à 22:03
Nduwimana Aimable

Ndashimiye Leta Yacu Idatangwa Kutuzanira Ibigezweho.Nihangame.Hama Niyo Hagera Iryo Sango Hari Abatararonka Ayo Mahera,muzotwongere Akanya Murakoze.

9.07.2016 à 22:32
NIYONGABO Isaac

uko nukurondera amahera .ivyarivyo Mukigega siheza !!

8.07.2016 à 00:45
Peace

Noneko Ko Imfashanyo Zahagaz !Reka Leta Iyaronderere Aho Bishoboka Hose Mugabo Abakozi Bagume Bahembwa

7.07.2016 à 20:53
Ndayisenga

Jewenumvako Bogerageza Kuza Baratanga Impusha Hafi Nahafi Kuko Ukunyonga Imodokari Ari Umwuga Usigaye Utunze Imiryango Myinshi.

7.07.2016 à 17:29
Niragira Daniel Dany

Jewenumvako Bogerageza Kuza Baratanga Impusha Hafi Nahafi Kuko Ukunyonga Imodokari Ari Umwuga Usigaye Utunze Imiryango Myinshi.

7.07.2016 à 17:28
Niragira Daniel Dany

izoperemizizotangirwa
ibujumburagusa canke
nikuntara ?abazishaka
turibeshi umuntukwiga
azokorera ikibazo buju
mbura kobamwe vyo
tugora ?

7.07.2016 à 13:07
ISAAC

izoperemizizotangirwa
ibujumburagusa canke
nikuntara ?abazishaka
turibeshi umuntukwiga
azokorera ikibazo buju
mbura kobamwe vyo
tugora ?

7.07.2016 à 13:06
ISAAC

Aba bantu biyita Burindi na Pemis barapfanye ishavu n’agahinda. Bandanya mutuke inzego, ariko tuzoraba ikindi gihugu muzitirirwa atar’ic’Uburundi. Komez’uwo mugambi niwo, uwuvyanse aze azane ivyiwe !

7.07.2016 à 05:14
FELIX MUHIRE

Nyetanyahu aje kubaza ingne ubwicanyi bashaka mu Burundi butabaye uko bavyipfuza. Abarundi mugabe.

6.07.2016 à 23:49
Gasopo

BARA TWOROHEREZA BAGERE MU NTARA MURAKOZE.

6.07.2016 à 21:21
NTARATAZE JEAN

navuzeko iryo niryo terambere dukeneye mu Burvndi

6.07.2016 à 20:50
CAKIRA

jewe nagirango nugutanga amahera bagaca bagha atakibazo ubanje gukora kuko gupasa biragoye cane

6.07.2016 à 20:42
eddy

NONEKO ABANYAGIHUGUBAKENYE AYOMAHERA NIMECHI PUNGUZA

6.07.2016 à 19:55
MISAGO MICHERI

iyo ngingo ninziza mugabo bari bakwiye kugabanya ayo mahera ni meshi

6.07.2016 à 19:51
celestin

KOMERA NIMUZIHINDUR ZAMBURU ZABANYABUYENZI ZAHORA ZITANGA IZAMAGENDU ZIKOME

6.07.2016 à 15:52
MUYAHUDI

uko zivugijwe niko zitambwa

6.07.2016 à 15:46
watsapp

uko zivugijwe niko zitambwa

6.07.2016 à 15:30
watsapp
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.