IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Imyaka 10 Nkurunziza arongoye Uburundi, harageze ko uwundi amukorera mu (...)

"Imyaka 10 Nkurunziza arongoye Uburundi, harageze ko uwundi amukorera mu ngata"

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Amatora kamarampaka mu Burundi ntagitunganijwe, mu gihe bamwe mu banyeporitike bari bagaragaje ivyipfuzo vyabo ku bijanye n’ayo matora.

Kuva aho inama nshingamateka y’Uburundi igaragarije ko zimwe mu mpinyanyuro z’ibwirizwa nshingiro zirimwo amahinyu, abashingamateka bakanka kuzemeza, bamwe mu banyeporitike baragaragaje ivyipfuzo vyabo, ndetse rimwe rimwe ugasanga binyuranye n’amategeko. Bamwe barerekanye neza aho bahagaze, bagasa n’abipfuza ko ayo matora yoba.

JPEG - 234.7 ko
Samantha Power

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika kivuga ko kigiye kurwiza imfashanyo ku Burundi mu gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, gushika mu miriyoni 10 z’amadolare y’Amerika, ariko bakavuga ko batewe amakenga n’ingene abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike baburagizwa co kimwe n’ibinyamakuru.

Samantha Power intumwa idasanzwe ya Barack Obama akaba amenyesha ko ibijanye n’ibivurwa ko Nkurunziza ashobora kwitoza ikiringo ca gatatu, igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika zitaravyumvana umukuru w igihugu Petero nkurunziza, ari naco gituma bibaza ko atazitoza, na cane cane ko bamusaba kwubahiriza amategeko mu gihe ibivugwa vy’ikiringo ca gatatu ciwe vyateye icuka kibi mu banyeporitike no mu banyagihugu bandi batandukanye.

JPEG - 18.6 ko
Samantha Power yakiriwe na Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu

Avuga ko kuva mu mwaka w’2005, Petero Nkurunziza arongoye Uburundi, yaronse akanya ko kwubaka igihugu ari naco gituma hageze ko abandi nabo bamukorera mu ngata, mu kubandaniriza aho yaragejeje. Abandanya avuga ko Uburundi budakwiye gusubira inyuma uravye intambwe bugezeko, eka ndetse uravye aho bwaciye mu ntambara zitandukanye zahitanye abatari bake.
Mukamenya ko inyuma y’umubonano wa Samantha Power na Petero Nkurunziza, Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko amatora kamarampaka (referendum) atakibaye nk’uko bamwe bagiye baravyibaza, canke babivuga, kuko ivyavuye mu nama nshingamateka arivyo bigiye kubandanirizwako gushika mu matora, ibizohinyanyurwa bikazoba inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2015. Abarundi bagahamagarirwa gufasha gutegura neza ayo matora.

Willy Nyamitwe umuvugizi w'umukuru w'igihugu

Ivyavuzwe na Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, bikaba vyaje bihumuriza abantu batandukanye, harimwo na bamwe bari mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike, kuko amatora kamarampaka adashoboka, uravye ibikenewe mu Burundi, eka ko vyoba bitanakurikije amategeko, nk’uko bagiye barabishikiriza. Iryo jambo kandi, rikaba ryashikirijwe inyuma yaho n’urwego rw’Abashingantahe mu Burundi rwandikiye ikete umukuru w’igihugu, rwerekana amakenga rufise mu bijanye n’ugutegura ayo matora kamarampaka.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntawubura icatinya n indirimbo yaririmbwe na kadogo aho mu Buyenzi!Mbariza Edouardo ivyo yashikirije iyo yarabizadukanye.Mwebwe politique yabananiye ndakesiri,kuko umwe wese avuga ivyiwe,bibonekako ivyo umwewese araye ararota nivyo acajana kumaradiyo.Mwibaza kwabo mubishikiriza aribijuju canke?Ngaho igihugu kirabananiye ga,erega ntanguvu zikora mugutwara,kuko mutwara abo munganya ubumenyi,nabandi babubasumvya,niyo mpamvu hakenewe ukwumvikana.Ndabarahiye ko ntanahamwe igikenye kizigera gitsinda.Uwo wese yipfuza gutwara Uburundi asabwa kuba Umukozi w Abarundi apana kwigira Boss.

  • Bury icumu iyo rigovy riri kurugamba bavyitangwiki? inararibony yonterera.

  • vyoba ibisabwa ko atokwitoza kuncuro ya3,izohova ikurikizwa?reka turindire ariko nakwifuza umuco da!

  • UYO MUDAMU ATI PRESIDENT YAKOZE IVYIZA VYINSHI,AHO AGEJEJE UBURUNDI NI HEZA,INTAGONDWA Z ABARUNDI NAZO NGO YISHE IGIHUGU!!ESE IYOBA ABARUNDI BARI BAZI GUSHIMA BAKAREKA GUHENDA AMAKUNGU BIBAZA KO BATABONA IBIBA NGAHA IWACU!!!!!!MAIS ABATAZI ENGLISH NIBO MUBESHA,NTIYAVUZE KO HAGEZE KO AVAHO,YAVUZE KO YIZEYE KO AZOKURIKIZA AMATEGEKO,URUMVA KO NTAGISHASHA KIRIMO.

  • ciza erega ababantu basoma eyo english ukwo bayumva namategeko umwumwe wese ayasoma ukwo ayumva.. nyuma bigahinyuka hageze .. yavuze ko ibwirizwashingiro ribwirizwa kubahwa.. bakaba ba leonce barisoma ukwo bavyumva .. nabo muro Leta bakarisoma ukwo badyumva hazobaho rero uwuzoza guca urubanza. nkurunziza bamugwanya amatora ataraba kugira ntiyitoze kuko bazi neza ko atamuntu numwe yoshobora guhangana nawe 2015 bose barabizi nico gituma bumva ngo azitoza imitima igahababaku... mbega munyumvira yoba yaracishije mukanwa wa SINDUHIJE nama numva ngo ashigikiwe naba Nyamerica ... ngirango abanywanyi biwe yari yaje kubarekuza hahahah.... munyishure

  • Perezida Nkurunziza yakoze ivyizavyinshi amakunguyose arabizi, Intagondwanazo zabarundi ngo natuveko yadusubirije igihugu inyuma! izoninjavyi, intashima, ntahozitandukaniye nabanegura Ivy’Imana yahezagiye.

  • Asha abarundi muragoye erega uwonkurunziza akurwa namategeko yasinye wew nyen yabaribikorwa vyiza twaraba abayavuyeho kuva kera(guturira isoko,kwica abadasangiyumugambwe nabatamushihikiye mumigambi yiwe mibi,kwicisha abana buburundiinzara,kuduza amatagisi,murabesha buraca bugacana ayandi.

  • imyaka 10 watwaye igihugu irutwa na mezi 3 ndadaye yatwaye igihugu ico ndakunegurako wahawe akazi adashoboye abomukonarana nabo baca bakugira igikosho cabo co kuzuza inda zabo ninyungu zabo

  • Jewe murantwenza, ko Museveni agira yitoze ubugira cumi nimba ntibeshe ko aba bazungu bataja kumuha gasopo, nuko hamaze iminsi hariho imigambi ya Kagome yo gushaka ko u Burundi bwotwagwa n’abatutsi niho ivyo vyose biva. Ariko twokwirinda kubandanya gukunda ivyisi twasanze tuzobisiga ngaho uko nyene. Kubana mu mahoro bisumba amamiliyoni y’"amahera,amazu".

  • Jewe murantwenza, ko Museveni agira yitoze ubugira cumi nimba ntibeshe ko aba bazungu bataja kumuha gasopo, nuko hamaze iminsi hariho imigambi ya Kagome yo gushaka ko u Burundi bwotwagwa n’abatutsi niho ivyo vyose biva. Ariko twokwirinda kubandanya gukunda ivyisi twasanze tuzobisiga ngaho uko nyene. Kubana mu mahoro bisumba amamiliyoni y’"amahera,amazu".

  • ndakubwireukuri.intaroisubwanintwarotwatwaweturimuntambara.imwakayiwe10yaranzweninzaragusa.hakudutezurirangoturonkeutwokuryayaduhamagariye.o.b.r.urazababagwizatungabahovye.muriyimwakayiwe.nibeshicane.abandinabobaciyebirukiragukoreraurudandazwagwabomubindibihugu.ubwobwosenubuhombebwigihugu.nokumenyeshako.zambia.namozambike.abagwizatungabagiyegucururizayobahunze.iyoreta.nibeshicane.tuvugishizukuri.iyoreta.ifisumukoshiharura.amasokoamazegusha.muriyimwaka.atwaye.turasavye.nagende.kandi.na.o.b.r.yiwentasigeburunditurarambiweniyontwaro.yawe

  • wanka uwurya igufa ukazana uwurimira bunguri buce tubirabe

  • Mwese muri ibigarasha kuko. peter quite men yoy finish your time honney

  • peter nagende...leta yiwe yapfakaje benshi,abana b’uburundi bab’impfuvyi abandi barangazwa..isoko yaraturiwe farukone,abafungiw’ubusa.eka namabi gusa yaranze leta yiwe.nayo kuvy’iterambere amahara yaronse iy’ayakoresha uko vyatgrezwa saha tuba tugeze...have sha ubis’abandi.

  • imyaka 10 twikoreye umusalaba irakwiye niyisoze, ibikorwa vyiwe twarabibonye. Abamwifuza ko abandanya bihangane ahubwo babe bararondera uwumusubirira. Batamufise naho, c’est pas grave, ce n’est pas obligatoire.

  • Mbeg’uwo ko yahoz’ar’umuhabara wa Sinduhiji arafis’ivy’ahanura adahengamye?sije ndabivuze kuko vyooooose tubisoma kubinyamakuru umuntu nkuyo nka Bobo Rugurika womwizera gute?arakwiye kumera nka H. CK

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.