Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyaranze ubuzima bwa Sipriyano Ntaryamira
Ivyaranze ubuzima bwa Sipriyano Ntaryamira
lundi 7 Ndamukiza 2014
Imyaka 20 irarumanye umuhisi Sipriyano Ntaryamira, umukuru w’igihugu c’Uburundi asandavye mu mpanuka y’indege, inyuma y’amezi abiri gusa asubirira Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yagandaguwe yari aheruka kwitorerwa n’abanyagihugu biciye mu nzira y’intwaro rusangi. Iragi abarundi bibukirako Ntaryamira Sipiriyano ni "Discipline muri vyose".
Umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yagandaguwe mu kiringo kitarenze amezi atanu gusa, inyuma y’urupfu rw’uwo yari ahejeje gusubirira Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu biciye mu nzira y’intwaro rusangi, n’aho atagize amahirwe yo gutwara, kuko yaciye agandagurwa ubutarariye.
Ibirori vyo kwibuka uwo mukuru w’igihugu, Sipiriyano Ntaryamira yatwaye Uburundi amezi abiri gusa vyatangujwe n’inkuka y’imisa, bikabandaniriza ku ntatemwa yiwe, aho bitegekanijwe ko abategetsi b’igihugu bahava baja kumwunamira, bongere bashire ingori z’amashurwe ku mva yiwe.
Sipiriyano Ntaryamira ni nde? Yaranzwe n’iki?
Umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yari umuntu w’umwizigirwa, yakunda abantu, agakora cane, kandi yicisha bugufi. Yasize umutambukanyi n’abana batatu.
Ntaryamira Sipiriyano yavutse kuwa 6 Ntwarante 1955, ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura benshi bakunda kwita Bujumbura Rural. Yize amashure y’intango i Rushubi gushika mu mwaka w’1968, aca abandaniriza ayisumbuye mu gisagara ca Bujumbura kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda (Collège Saint-Esprit).
Mu mwaka w’1972 yaciye ahungira mu Rwanda kubera amagume yari ateye mu Burundi, akaba ari naho yabandanirije amashure mu gisata c’ubuhinga kw’ishure rya Rilima i Kigali. Inyuma y’aho, yabandanirije kuri kaminuza nkuru y’Urwanda, aho yakuye urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’uburimyi mu mwaka w’1982.
Kumwe na bagenzi we b’abarundi bari kumwe mu mashure aho mu Rwanda, baciye bashinga umuhari BAMPERE, igisata ca MEPROBA yari ifise icicaro i Buruseri mu Buburigi, aho Ntaryamira akaba yari ashinzwe gutanga amakuru. Muri Kigarama 1979, yatanguje umugambwe w’abakozi (UBU), ari kumwe na Salvator Buyagu, Merikiyori Ndadaye, Jerome Ndiho, Festus Ntanyungu, Jean Ndikumana, Siriveseri Ntibantunganya hamwe n’abandi. Aho naho yari ajejwe kwigisha no gukundisha uwo mugambwe.
Muri Ntwarante 1983, niho yatahuka mu Burundi, aca agenwa kuba umuhanuzi mu buyobozi bukuru bushinzwe gutunganya ivy’uburimyi. Muri Nzero 1984 yaciye agenwa kurongora akarere karimwo ipampa mu buraruko, mw’ishirahamwe COGERCO.
Muri Rusama 1985, ibikorwa vyiwe vya poritike vyaraburabujwe, gushika aho yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, amarayo umwaka wose, ku mvo za poritike, mukamenya ko muri uwo mwaka wose atigeze aburana na rimwe. Yatawe mu mvuto yagirizwa kuba arongoye urunani rw’abarwanya ubutegetsi mu buryo butemewe n’amategeko, ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Bagaza Jean Baptiste itavyihanganira na gato. Mbere bavuga ko yoba yarekuwe bisabwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Bagaza, uwo nawe akaba yari umugenzi somambike wa Ntaryamira bakiri abana.
Agisohoka ibohero rikuru rya Mpimba, yaciye ashinga mu kinyegero umugambwe SAHWANYA-FRODEBU watangujwe na Sipiriyano Ntaryamira, Melchior Ndadaye na Léonard Nyangoma, muri Myandagaro mu mwaka w’1986 i Gitega.
Inyuma yo kuba umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi kuva muri Kigarama 1987, Sipiriyano Ntaryamira yagizwe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi muri Mukakaro 1993 ku ntwaro ya Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu.
Inzego zimaze gusenyurwa, uwo mukuru w’igihugu Ndadaye akagandagurwa co kimwe n’umukuru w’Inama nshingamateka, hamwe n’icegera ciwe, Sipriyano Ntaryamira yahavuye aba umukuru w’igihugu kuva kuwa 5 Ruhuhuma 1994, inyuma y’ibiganiro vyamaze umwanya munini. Agishikira ubutegetsi, yaciye agena Anatole Kanyenkiko kugira amubere umushikiranganji wa mbere.
Mu bijanye n’imigenderanire, Ntaryamira yari ashigikiwe cane n’ibihugu bibanyi nka Tanzaniya na Zayire, aho yabonanye n’abakuru b’ivyo bihugu nk’umukuru w’igihugu Mwinyi bahuriye i Kigoma, na Mobutu i Gbadolite barabira hamwe ukuntu mu Burundi hogaruka amahoro n’umutekano.
Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana ahitanywe n’isanganya ry’indege kuwa 6 Ndamukiza 1994, akaba yari avuye kubonana na bagenziwe bo mu karere, ku kibazo c’amahoro n’umutekano mu Burundi.
Egide Nduwimana
Messages
7 Ndamukiza 2014, 12:05, par KADADA
AREGA AHO MUTAMARAMARIRA MUGUMA MUVUGA NGO YAHITANYWE NISANGANYA.KO MUTAVUGISHUKURI KWARABATUTSI BINKOTANYI BARASHINDEGE.MBE UMBONERA HAJE ABATUTSI BANGAHE KUMWIBUKA?BABURA GUKINDA BAGARAMYE NGO BIBUKE MANIRUMVA YISHWE NABASUMA BAJE KUMWIBA.AHUBWO MAIRE DE LA VILLE ZAGIZE NABI AYAREKA KUBABUZA BAGATONDUMURONGO HAMA POLICE IKIKORER,AKAZI.AHO TWIBUKA NDADAYE NA NTARYAMISA KO BATAHAHONYORA.IKIMBABAZA NUKO MUMITWE BATABONA KWIVYARIMAGERA VYAGERUYE.UBU NTABWOKO NABUMWE BWINKOHO UMUHUTU ATAZI GUKORESHA AHUBWO MBONA BOTEKANA
7 Ndamukiza 2014, 13:55, par Mama
Ntabwo yahitanwe nisanga yarishwe arikumwe na perezida Habyarimana nabandi bashikiranganji nako ububiramaze kumenyekana ko barashwe nabarinyeshamba zarwanya u Rwanda bitwa Inkotanyi, muntumbero yokwankako bohavabasangira ivyizavyigihugu abahutu abatutsi na batwa ngukwo uko perezida wacuwishwe Ntaryamira geragezarero muzemurakoresha muti perezida Ntaryamira ko yiciwe mu Rwanda arashwe kubivugagurtyo ntibisigurako burimunyarwanda yagizuruhara mwiyicwa rya Ntaryamira mwenivyo wosanga vyakozwe nabantu bakecane.
7 Ndamukiza 2014, 14:13, par Nwari
Wesha Kadada vuga uti jewe kadada ntabwoko bwinkoho nimwe ntazi ntusubire kwAndika uvuga abahutu turakwihanikirije, ntuserukira abahutu kuri rono rubuga baza wewe nyene umenye ubwoko bwawe kuko ntabwo uzi
7 Ndamukiza 2014, 15:47, par Albert Niyonkuru
uwo kadada azohava akwegera abahutu bose !!!Nwari urasoma kadada. Giramahoro ,mama ,..ayo ni amazina uwo muntu yiyita ariko n’umwe!Arandika ngaho ko avugira abahutu bose tumenye ivyobariko barategura?Urumva ko azikurashisha inkoho zose avyiyemereye kuri reseau social asigaye kutubwira abo bazihaye muragabe!Abahutu bazi ko batamutuma bamwiyamirize hakiri kare nayo ahandi tuzomenya ari umugambi umwe!
7 Ndamukiza 2014, 19:49, par niwemange
Mbe sha albert,kuvuga ya muhe,abatutsi tubabwiye ko mukozwe mubwicanyi kubera mwagandaguye abahutu benshi mwovyemanga?kadada yemanze!
7 Ndamukiza 2014, 20:11, par GIRAMAHORO
mwebasha nwari na niyonkuru Albert,ubwo mwebwe mwunva muri bazima,mwadufadikanije ngwaya mazina yacu nayumuntumwe yiyita,mbega namwe kumbe ayo mazina yanyu mwakabaye muri umuntu umwe??..sawa basha ntakibazo bandanya wiyita ayo mazina urumwe,igikuru nivyiyunviro bibi tubona ugomba kuduteramwo.ariko wibagira ko twese tuzi gutandukanya ikibi niciza.mbega kugwo rubanza hari umututsi numwe womuri iprona ubonamwo?ikindi hari muribamwe biyita ngo baserukira yamashirahamwe wabonyemwo?RUFYIRI,PACIFIC,VITAL,Mbere nabo mukibiri ADC ntabonahabonye,ako nakayume nukuri,Ehe raba ikindi harinumwe yaje aserukira L,Etat yugwanda mwahabonye??.uwoba afise inyishu benewacu nanyishire,barundi nkunda jewe ico nsaba tureke guhendana kuko ntanyungu nimwe izova muguhendana ndabarahiye!!!.mbega uwiyita Anne na Alinne bamukobwajana murahava mufat,ijambo mutwishure,ndanzi komuhandwa kururimi.mukavuga nivyo mutazi kandi mutatohoje,jewe unomusi niho narinibereye ivyo nvuze nivyo niboneye!!.ndabisubiyemwo.batutsi benewacu twubahane,mutavyemeye ntivyobarivyiza kuko burya vyotugora twese.murubahuka ngo ntihagire uwuvuga ubwoko.murabesha uravye nayo mafoto uca wiha inyishu iyur,umuntu ufise ubwenge,murabona ako kamaramaza kokubona president yahaserutse wenyene abandi mwiraramiye kugwagwa,muratey,isoni ndabarahiye!!!???>>>>>.
7 Ndamukiza 2014, 21:45, par Nwari
Wesha Giramahoro sanze ukoze mutsinga urikituva koko mbesha ndakubaze kuberiki umuryango wiwe utaje abana biwe numugore bataje?kubera base ko mubakinda kuvyimba Nkurunziza urubaza Ngwantaryamira yavuze ko ruzoja muri CVR ?mwabujije abantu kuza mwase kubatumira kugira muce muvuga ngoraba abatutsi ntibaje?muribigugu abantu barazi ko atAwijana kiretse,abatumiwe na reta beshera hiyo rero 8ans urubaza,ngwa Ndadaye,Ntaryamira vyabagendeye,gute? Komwishe abantu muvuga ko aricungu za bahutu na democratie zabatumye kwica nubu mukibandanya (ko mutazica muca iza FNL et MCD gusa?) DD barabahinyuye muragowe 2015 turababoha reka rero ndaguhanure NGIRAmahoro va muri DD kuko kuba umu DD nicaha kibi kuramwo akArege hakirikare
8 Ndamukiza 2014, 05:31, par Mama
@Albert Niyonkuru, Ndanezerezwe nuko unyise kondi GIRAMAHORO na Kadada, icanikumbabaza nuko warikuvugako nihindura nkandika mwizina rya Albert Niyonkuru canke mwizina rya Nwari, muvyukuri jewe Mama ntahompuriye na GIRAMAHORO hamwena Kadada ndibaza kotutanahuriye nokuriyi migambwe iringaha muburundi kukojewe ndakubwiye umugambwe wanje ndimwo vyogutangaza usanze jewe ntarumu CNDD FDD ivyonandika arinavyo twahuriyeko nayomazina muvuzengo numuntumwe yihindagura yabanabo mwavuze ngonijewe nihindura nkandikamwayomazina ndababwiye umugambwe ndimwo wotangara kukonabobashoborakwibaza ko jewe ndumu CNDD FDD barevye ivyonandika ariko igitumaduhurira kuvyiyumviro nurukundo dukunda igihugu ngirango mwarabonyeko nuryamuvyeyi mukuru wumugambwe UPRONA twarahuje ivyiyumviro bamwe nabandi baciye bavugango yabaye umu CNDD FDD kandimuvyukuri numu UPRONA kuvakumutwe gushika kubirenge musigaje kuvugako Concillie ko ariwe yandika mwizina rya Mama,GIRAMAHORO, canke Kadada! Arikonubwobirukwo ndanejerejwe nuko mufashe abantubatandukanye mukabita umwe muyindimvugo nabafitaniye ubumwe bafise ivyobahuriyeko. Umvandababwire mumisiheze narinagiye murubanza rwumugenzi uwomuntu yariyadutumiye arafise amabanga yashinzwe mumugambwe umwe murirya ihurikiyemuri ADC Arikonanje turazinanye kurivyishi kandi ndumwe mubari mumugambwe umwe murirya igize ikibiri ndatereraneza umugambwe ndimwo, twabayeturavugana ibijanye nimigambwe yacu ihurikiye muri ADC arambwirango’ ubona ibibintuvyacu vyiyimigambwe haraho bizotugeza? Arabandanya arabwirango njenarabuze ukonobivamwo? nanjendamubwirango risubize iyurivanye ngovugakegake ntihagire uwukwumva ngonanje mazimisindavyiyumvira ngonarubahutse ndabibwira umuhungwacu ariko ndaretse kumuvugangaha yaramumbariye nuwomumugambwe utari muri ADAC nuwomugambwe yarawumbariye uwomuhungwabo arimwo,ariko ntawomvuze ngaha. Uwomuhugu yambwiyengo nukuvyitondera ngokuko baryabantumukorana babimenye botangura kukubangamiracane ngwariko ndagushimiye ivyumbwiye ngorero ndagiye ndabibwire abodusangije umugambwe ivyumbwiye wewe gumana imyifato nkiyowarusanganywe anyita mamawiwe kukonyina yishwe nabahutu baribariye akarungu mugihe ciyicwa ryanyakwigedera Ndadaye, nukwo arangiriza kumbarira ati uzobikura icese mugihecamatora ngokuko inyuma yamatora imigambweyose isaniyitanguye bishasha ngobiranashobokana ADC bikazohinduka. Uwomwana yarakomeje arambwirango’harihonabandibavuzeko bashaka kuzobivamwo igihebazotorera umukandida umwe aserukira ADC mumatora yumukuru wigihugu ngomaze bazocebivugishango komwashizeho uwongwabariwe yitozakuruhande rwikibiri ngoduciye tuvamuri ADC ngokumbe ntangorane yuwobaribashizeho nugushaka kuvamwivyo vyikibiri. Ndababwizukuri nubwo abahurikiyemuri ADC bokwiyamamaza burimusi ntabanwanyi bokwiyongera ahubwo nabobaribafise bogendabagabanuko, sinzikomumaze gukurikirana iyohagize umwe mubomu migambwe ihurikiye muri ADC Ikibiri agiraracavugira kwirandiyo canke aganira numumenyeshamakuru imvugoyiwe isiga amakengamenshi mubanwanyi nabatari abanywanyi muyandimajambo isiga icizeregike mubanwanyi, womengo sabotwarituzi mengonibintu bicabibafata bikabategeka kuvuga ibishavuza abenegihugu! Harihonahandi twariko turumviriza irandiyo turabomuri ADC gusa umwemubadukuriye yarikwaratanga ikiganiro,yaravuze ikintu twesetwahurije mukuvugango EEEEEE! ngoyombayaborewe!? muvyukuri kuvugishukuri nivyiza gutekereza kohariho umugambwe wotsinda uyumugambwe urikubutegetsi uyumusi murayamatora twimirije ntibishoboka nabubona wibazangonabanywanyi biyindimigambwe bamwekumutima banzotora DD hariho numugore afise umugabo akomeye mwiyimigambwe yacu irimuri ADC yanyibwiriyengo jewenzotora uwatumye mwenewacu yibarukira ukibondo mubitaro nkabandi ngokandi narinararushe kwirirwanamurungikiye amahera yokuvuza abana ngubonako yarikenutse nintahekana ngwariko nibangandakubwiye, iconibukagusa yariyasomye ka rufuku.
4 Ndamukiza 2016, 09:28, par musavy’imana tewojene.
imana imuhe iruhukoridashira.
6 Ndamukiza 2016, 21:40, par SIFA.KDO
EG KWEL IZINA NIRYOMUNTUNARyame aryamire yadusigiye umurage mwiza.natwe tuzowugendera
25 Ndamukiza 2017, 16:03, par MBIRIMOMBAJI KORODE
dufishe ikibajo kuki batatu barira kuntu vyagenze ivyugorupfu gwiwe nukuri birababaje kubuna urupfu gwiwe ataruko perejida petero nkurunziza niyitwarire ugwanda mpaka tumenye ivyabaye