IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 46 Umwami Karori Ndizeye yishwe bunyamaswa na Reta ya (...)

Imyaka 46 Umwami Karori Ndizeye yishwe bunyamaswa na Reta ya Micombero

dimanche 29 Ndamukiza 2018

Karori Ndizeye ariwe umwami Ntare wa gatanu, yagandaguwe inyuma y’aho Umwami Mwambutsa wa 4 ariwe se amuvyara, amusavye ku myaka 19 gusa y’amavuka ko yoza i Bujumbura gutegura igaruka rya se. Amaze gushika i Bujumbura, akaba yasanze ibintu bitifashe neza namba, kuko amacakubiri y’ubwoko yari yarenze inkombe.

Amaze gushika i Burundi, Ntare wa Gatanu, yaciye afata ubutegetsi, maze Misheri Micombero nawe aba umushikiranganji wiwe wa mbere, aba asenyuye intwaro ya se, Mwambutsa wa 4. Ariko Karori Ndizeye akaba atorohewe gutwara, kuko yakora ashinganye akajisho na Misheri Micombero, umushikiranganji wiwe wa mbere, ndetse ku Kirimba bazi ko Micombero ahava ajayo, uyo munsi abajejwe umutekano bararikanura, ntibakubita n’urugohe.

Umwami Ntare wa 5 (Karori Ndizeye)

Mwomenya ko Ntare wa Gatanu amaze guhunga, Reta ya Micombero yagumye ikora ibishoboka kugira bamufate, ndetse bamwice kuko bibaza ko yoba nawe aticaye, narirya yari agifise nawe abamuyoboka. Umwami Ndizeye Karori amaze gushika mu gihugu c’Ubuganda ku wa 18 Ntwarante umwaka w’1972, Micombero yaciye amurungikira abari bajejwe iperereza mu gihugu, kugire babanze bavugane n’umukuru wa Uganda Amin Dada.

Misheri Micombero yahoze arongoye Uburundi

Aho, bivugwa ko umwami yari atanguye kwumva ibicuro kuko harageze aho, ariko arasangira na Amin, akaja amubona atariho ari, ari mu mikebukano n’ abantu bihishije muri iyo nyubakwa umwami yarimwo, abo nabo ntibari abandi, yari Arthémon Simbananiye, yari umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu kuri Micombero, akaba yari yashitse mu gihugu c’Ubuganda kugire bumvikane neza, uko yobashikiriza Umwana w’Umwami Mwambutsa wa 4. Simbananiye rero bivugwa ko yari afiseamasandugu yuzuye amafaranga yo gushimira Amin ku gikorwa ciza bari biteguriye c’uko buca abakorera, mu kubaha Umwami Ntare wa 5 bakaja ku mugandagurira i Burundi.

Muri ico gihe, kuwa 29 Ntwarante, Umuganwa Ndagijimana yaronse itegeko ryo gushira impuzu Umwami aho yari aruhukiye, aho naho mukujayo akaba yategerezwa gufata indege yaja i Entebe, ariko igitangaje, n’uko umuganwa Ndagijimana yajanywe n’umuduga wa gisirikare agaca yicwa inyuma y’masaha 24 gusa, Amin umukuru w’igihugu c’Ubuganda w’ico gihe, yaciye aja kumenyesha Umwami Ntare wa 5 ko Ndagijimana yaroye kuramutsa nyina wiwe ku rubibe rw’ Uburundi, ariko Umwami ntiyigeze avyemera kuko yabonye ko ivyo birimwo amahinyu.

Inyuma y’akanya Amin niko guca atangura amayeri yo guhenda Umwami ari kumwe na Biha, ko bokwurira mu ndege kugira bagende kuraba Ndagijimana, aho yari yabahenze ko ari kuramutsa umuvyeyi wiwe, maze Umwami aca arinjira, ariko inyuma y’amasaha 3 gusa, indege yari ishitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, niho yabona ko ahemukiwe na Amin Dada.

Ku wa 28 Ndamukiza 1972, inama nshikiramganji yarakoranye maze ntiyashika ku gihano cari gitegekanijwe ku Mwami. Bukeye abari bagize Reta barabogojwe. Inyuma y’iminsi 2, niho ibinyamakuru n’amaradiyo vyo mu karere vyamenyesha ko Umwami w’ Uburundi Ntare wa 5, asanzwe ari murumuna w’ Umuganwa Rudoviko Rwagasore yaraye arashwe mu gihe yariko agerageza gutoroka, kugira aje kuraba ingabo ziwe.

Umwami rero, yoba yakuwe aho yari apfungiwe na Liyetena Karori Nyabenda afashijwe na naba JRR, urwaruka rwa UPRONA.

Muri ico gihe nyene, niho yajanwa kwicwa, ariko aho hose yaguma asaba ko yobonana na Micombero, naho ata nyishu yashobora guhabwa na nyakarwi k’intagondwa bari kumwe n’abasoda. Umwami Ntare wa 5 akaba yapfuye asogoswe imbugita 3, mu nyuma araswa amasasu na Kapitene Onesime Ntabiriho.


IGIHE

Messages

  • Wow,mbega akahise gakomeye kuri twe twarutse ubu?None Simbananiye n’abandi benshi bakoze amabi kera ntaco bavuga ko tuzi bakiriho?Mubike kahise nk’aka ahadata bamenyeshamakuru!!

  • agatoke kamenyeye gukomba karagorama.yemwe uburundi kuvakera bwamwemwo abantu bamwebamwe bihaye gutoteza aba babahora ubwoko bwabo canke intarabavamwo none raba nubu baracari mwico gikorwa kibishe .kigayitse .birazwinezako umuryango waba rwagasore yaturukamwo kowariri waratahuyeko abahutu nabatutsi ko aribamye ndizeye nivyoyazize kutemerako harubwoko bworenganwa rwagasore nivyoyazize kuku yashaka gako abahutu nabatutsi babumwe .ariko harinjavyi zitabikunda amacakubiriyuzuyemwo nubu bakibigenda ariko bamenyeko ataho bizobageza ataruku bajana mucubo nimiryango yabo

  • emwe IMANA Irakwiye kugarukira Igihugu cacu pe! kubona ivyabaye kuva 1972 biriko bibandanya n’ubu.ugwaruka twikebuke pe.

  • Aux journalistes de IGIHE
    UWO MUGABO MWASHIZE KU MAFOTO SI AMIN . NI UMUKINYI WA MA RERESI YITWA FOREST WHITAKER. MURARABA RERO HANYUMA NTIMUZOHAVE MUTESHA AGACIRO IKINYAMAKURU DUKUNDA

  • sorry umukuru wigihugu ca uganda mwasinze ngaho kuri photo siwe uyo numunyamerica akina icinema .yakinye isinema ya mabi idi amini dada yangiriye abanya uganda murakoze.

  • - Mu 1972 abahutu bo mu BURUNDI ngo bari bateguye REVOLUTION nkiyo mu RWANDA en 1959 kubera babona mu RWANDA hatwara GREGOIRE KAYIBANDA baca batangura gutemagura Inzirakarengane za BATUTSI.
    - Mu RUMONGE mu bumanuko bwigihugu , aho ni mu ntara ya BURURI, abahutu batanguye gutema sasita yo kumurango izuba ryaka( A 12H), umugore wambere batemye yari Muka SIMONI UMWARIMUKAZI, baca bahera aho baratema baratongora, za NYANZA LAC, VUGIZO, MABANDA na KIBAGO mubumanuko bwigihugu c’UBURUNDI, kuruwo munsi abantu bose ngo baraye kumisozi bagavye, kubera ngo abo batemagura abatutsi ngo biyita ba MURERE, kandi ngo bari banyoye URUMOGI kugira bateme bakuzako , mbere ngo intumbero bari bafise kwari kwica ubwambere abagabo , nabasore
    - Icivugo cabo ngo bagira bati:""UBWO BUGORE BWANYU MWA BATUTSI MWE TUZOBUPFAKAZA, UBWO BUKOBWA BWANYU NABWO TUZOBURONGORA"""
    - A14h inzu zabatutsi zariko zirasha muza VYANDA, VUGIZO, MABANDA, NYANZA LAC, na KIBAGO
    - A 20H IFIRIMBI yarivugijwe kugira batangure gutemagura abatutsi bose hagati dans LES CHEFS LIEUX DE PROVINCE kuko hariko habera DES SOIREES DENSANTES kumunsi mukuru wabakozi , wari wahimbajwe un SAMEDI DU 29/04/1972
    - Ariko harya IMANA YABATUTSI irahari, iyo filimbi bayivugije 20H bari kuyivuza 22H
    - A 20H , aho bita kuri SOLDAT INCONNU, uwujejwe umutekano wa MICOMBERO CAPITAINE DODOLIN KINYOMVYI yarashwe na COMMANDANT BURASEKUYE -UMUHUTU wo muntwaza ngabo EN 1972 yarazi ko arashe MICOMBERO, mbere abatutsi benshi muri iryo joro baraye bapfyuye
    - Bukeye ibiziga vya batutsi vyari bigandagaje kuri CLINIQUE PRINCE LOUIS RWAGASORE.
    - Mu bumanuko bwu BURUNDI abatutsi baraye batikiye kubera ico gitero c’ihonyabwoko
    - Muminsi yakwirikiye MICOMBERO nishavu nakantu kubera abahutu bari baraye bamuhushije aca atangura igikorwa co guhiga no kwica abo yise INYANKABURUNDI NA BAMENJA, cane cane mu bumanuko i BURURI NA MAKAMBA
    - Ico gikorwa cahavuye gifata intumbero yo kwica abahutu benshi bo mu Burundi mbere benshi baranahunga , ari nabo bariko bahunguka ubu
    - None raba nubu Agashavu ntikarahera , bavuga ko hariko hategurwa iyindi honya bwoko ariko ifatiye kuvya politique nayo ngo izogirirwa abahutu nabatutsi batavuga rumwe na CNDD FDD
    - Ntawobifata minenerwe naburya abatwara ubu ari abantu banyegewe nagatima kamacakubiri hamwe nukwica, ivyo ndabivuze ndavye ukuntu abahutu bahurikiye muri FNL, UPD, na MSD , bishwe bunyamaswa muri 2010 ibiziga vyabo bagaterera muri RUSIZI, RUVUBU, TANGANYIKA, nahandi muMASHAMBA , ariko ababishe ubu baridegemvya muri CNDD FDD umenga ntacabaye!!!
    - None uBURUNDI BUZOKIRA RYARI DUTWARWA NABANTU BUZUYE AMARASO MUMINWE?

  • Iciza nuko babica bukeye nabo bakabakurikira kndi bazobona inyungu yavyo kumunsi wimperuka amen.......

  • igitangaje,nuko kuva murizo ntwaro zose zagiye zihinda gurika,ubwo bwa BAHUTU nibwo bupfa gushika nubu ab’ABUTU nibo bapfa. sinzi rero ico bazira.igitangaje nabishe umuru wigihugu Ndadaye m.nubu baracidegemvya ukamenga ntacabaye kandi akaba ariwe nyanduruko yaba DD,gushika kurubwo butegetsi......

  • DD yagize umusi mukuru wabagwanyi harakenewe umusi mukuru wa Michel Micombero nicungu yuburundi

  • NUKO ABABIKOZE HOKORA AMATOHOZA BAKAMENYEKANA HAMA BAGAHAMWA

  • None mubona dukore iki ?Muburundi buguma buhemuka kwigihe imana yarema isi itavuze umuhutu canke umututsi jewe icombona nigusaba imbambazi imana itugarukanire amahoro mwisi kuko siwacugusa intambara zirarenze mwisi

  • Ivyomicombero Yakoreye Abarundi Niterasoni Yarumutwarewamacakubiri ABavyei Nibibondo Kuntwaroyiwe Barahaburiyeubuzima Ekanabatamanabatamakazi ntiborohewekubera Amacakubiriyiwe Nubuabarundibamwebamwe Baracisunga Iyongendombiyamacakubiri Turasavye Abatwarebubu Bakoreibishobokavyose Barwanye Iyongeso Yagatotezo Nakarenganyo Bivakumacakubiri Tuberwenintwaro Zirangwa Nubwisanzure Abenegihugu Biyumve amahoro

  • Ubwicanyi Nkubwo Burababaje.Mbega Ntamwana Yari Afise?

  • Amim Dada
    ikibi yakoreye uburundi n,agahomera bunwa kbs, Arik nik yabaye nigihugu ciwe yaramaz inganda nyishi,,,,,, Micombero ikinwa maraso yaramaz Abahutu beshi aho yanabarya. Ariko tugire ngw,ashiiiiii kubona nawe yarakurikiye abo yishe

  • Mbega Imva Ya Micombero Irihe?

  • abamwihse baragize nabi

  • Hari idayimoni 2 zateye u Burundi bwacu, igihugu cari icamata n’ubuki, gihinduka umusaka. Nubu ntawuzi aho kizogarukira. Kimwe gusa Shetani iriurka, ariko haragera igihe Imana ikayicakira.
    1) I dayimoni yambere, yaciye mumu biligi yadu colonoje yitywa Harroy. Uwo yatwara Urwanda n’Uburundi. Idayimoni icamwo abarundi ibice ikoreshaje amoko, ngo Umututsi n’Umuhutu, yateragiye urubuto rubi cane naho nyene ruriko ruragenda ruhona ruta inguvu.
    2°Iyindi dayimoni ya kabiri, yaciye muwitwa ngo yari Président wambere w’Uburundi, Micheli Micombero, yaje kubiba no kuvomerera idayimoni yambere, aca ayiha inguvu muguteragira ibice vyubatswe ku ntara.
    Emwe, Imana itamanutse, kandi iriko irabishobora, icompa izo mbuto zigahona, hagasubira kunaga rwa rubutu rwitwa Bene Burundi ba Ntare Rugamba...
    Bugufi na Buha, hamwe nahariya hirya ya Tanganyika, hogaruka tukagukirwa!!!

  • Abotatsi ni babi nkivyo nkuru nziza ntavyo yokora

  • Sha uburundi ntayo bwavuye ntayo buja,none uwu wiyita ngo ni umukuru wigihugu yahora atega ama mine mu gisagara ca bujumbura,ba mucira nurwo gupfa none ubu hoho ngo ni pasteur maman.

  • Sha uburundi ntayo bwavuye ntayo buja,none uwu wiyita ngo ni umukuru wigihugu yahora atega ama mine mu gisagara ca bujumbura,ba mucira nurwo gupfa none ubu hoho ngo ni pasteur maman.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.