Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 46 Umwami Karori Ndizeye yishwe bunyamaswa na Reta ya (...)
Imyaka 46 Umwami Karori Ndizeye yishwe bunyamaswa na Reta ya Micombero
dimanche 29 Ndamukiza 2018
Karori Ndizeye ariwe umwami Ntare wa gatanu, yagandaguwe inyuma y’aho Umwami Mwambutsa wa 4 ariwe se amuvyara, amusavye ku myaka 19 gusa y’amavuka ko yoza i Bujumbura gutegura igaruka rya se. Amaze gushika i Bujumbura, akaba yasanze ibintu bitifashe neza namba, kuko amacakubiri y’ubwoko yari yarenze inkombe.
Amaze gushika i Burundi, Ntare wa Gatanu, yaciye afata ubutegetsi, maze Misheri Micombero nawe aba umushikiranganji wiwe wa mbere, aba asenyuye intwaro ya se, Mwambutsa wa 4. Ariko Karori Ndizeye akaba atorohewe gutwara, kuko yakora ashinganye akajisho na Misheri Micombero, umushikiranganji wiwe wa mbere, ndetse ku Kirimba bazi ko Micombero ahava ajayo, uyo munsi abajejwe umutekano bararikanura, ntibakubita n’urugohe.

Mwomenya ko Ntare wa Gatanu amaze guhunga, Reta ya Micombero yagumye ikora ibishoboka kugira bamufate, ndetse bamwice kuko bibaza ko yoba nawe aticaye, narirya yari agifise nawe abamuyoboka. Umwami Ndizeye Karori amaze gushika mu gihugu c’Ubuganda ku wa 18 Ntwarante umwaka w’1972, Micombero yaciye amurungikira abari bajejwe iperereza mu gihugu, kugire babanze bavugane n’umukuru wa Uganda Amin Dada.

Aho, bivugwa ko umwami yari atanguye kwumva ibicuro kuko harageze aho, ariko arasangira na Amin, akaja amubona atariho ari, ari mu mikebukano n’ abantu bihishije muri iyo nyubakwa umwami yarimwo, abo nabo ntibari abandi, yari Arthémon Simbananiye, yari umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu kuri Micombero, akaba yari yashitse mu gihugu c’Ubuganda kugire bumvikane neza, uko yobashikiriza Umwana w’Umwami Mwambutsa wa 4. Simbananiye rero bivugwa ko yari afiseamasandugu yuzuye amafaranga yo gushimira Amin ku gikorwa ciza bari biteguriye c’uko buca abakorera, mu kubaha Umwami Ntare wa 5 bakaja ku mugandagurira i Burundi.
Muri ico gihe, kuwa 29 Ntwarante, Umuganwa Ndagijimana yaronse itegeko ryo gushira impuzu Umwami aho yari aruhukiye, aho naho mukujayo akaba yategerezwa gufata indege yaja i Entebe, ariko igitangaje, n’uko umuganwa Ndagijimana yajanywe n’umuduga wa gisirikare agaca yicwa inyuma y’masaha 24 gusa, Amin umukuru w’igihugu c’Ubuganda w’ico gihe, yaciye aja kumenyesha Umwami Ntare wa 5 ko Ndagijimana yaroye kuramutsa nyina wiwe ku rubibe rw’ Uburundi, ariko Umwami ntiyigeze avyemera kuko yabonye ko ivyo birimwo amahinyu.

Inyuma y’akanya Amin niko guca atangura amayeri yo guhenda Umwami ari kumwe na Biha, ko bokwurira mu ndege kugira bagende kuraba Ndagijimana, aho yari yabahenze ko ari kuramutsa umuvyeyi wiwe, maze Umwami aca arinjira, ariko inyuma y’amasaha 3 gusa, indege yari ishitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, niho yabona ko ahemukiwe na Amin Dada.
Ku wa 28 Ndamukiza 1972, inama nshikiramganji yarakoranye maze ntiyashika ku gihano cari gitegekanijwe ku Mwami. Bukeye abari bagize Reta barabogojwe. Inyuma y’iminsi 2, niho ibinyamakuru n’amaradiyo vyo mu karere vyamenyesha ko Umwami w’ Uburundi Ntare wa 5, asanzwe ari murumuna w’ Umuganwa Rudoviko Rwagasore yaraye arashwe mu gihe yariko agerageza gutoroka, kugira aje kuraba ingabo ziwe.
Umwami rero, yoba yakuwe aho yari apfungiwe na Liyetena Karori Nyabenda afashijwe na naba JRR, urwaruka rwa UPRONA.
Muri ico gihe nyene, niho yajanwa kwicwa, ariko aho hose yaguma asaba ko yobonana na Micombero, naho ata nyishu yashobora guhabwa na nyakarwi k’intagondwa bari kumwe n’abasoda. Umwami Ntare wa 5 akaba yapfuye asogoswe imbugita 3, mu nyuma araswa amasasu na Kapitene Onesime Ntabiriho.
IGIHE
Messages
29 Ndamukiza 2014, 18:05, par Nayigihugu
Wow,mbega akahise gakomeye kuri twe twarutse ubu?None Simbananiye n’abandi benshi bakoze amabi kera ntaco bavuga ko tuzi bakiriho?Mubike kahise nk’aka ahadata bamenyeshamakuru!!
29 Ndamukiza 2014, 18:08, par mabuye
agatoke kamenyeye gukomba karagorama.yemwe uburundi kuvakera bwamwemwo abantu bamwebamwe bihaye gutoteza aba babahora ubwoko bwabo canke intarabavamwo none raba nubu baracari mwico gikorwa kibishe .kigayitse .birazwinezako umuryango waba rwagasore yaturukamwo kowariri waratahuyeko abahutu nabatutsi ko aribamye ndizeye nivyoyazize kutemerako harubwoko bworenganwa rwagasore nivyoyazize kuku yashaka gako abahutu nabatutsi babumwe .ariko harinjavyi zitabikunda amacakubiriyuzuyemwo nubu bakibigenda ariko bamenyeko ataho bizobageza ataruku bajana mucubo nimiryango yabo
29 Ndamukiza 2014, 18:29, par j.claude
emwe IMANA Irakwiye kugarukira Igihugu cacu pe! kubona ivyabaye kuva 1972 biriko bibandanya n’ubu.ugwaruka twikebuke pe.
29 Ndamukiza 2014, 18:59, par KEREMESIYA
Aux journalistes de IGIHE
UWO MUGABO MWASHIZE KU MAFOTO SI AMIN . NI UMUKINYI WA MA RERESI YITWA FOREST WHITAKER. MURARABA RERO HANYUMA NTIMUZOHAVE MUTESHA AGACIRO IKINYAMAKURU DUKUNDA
29 Ndamukiza 2014, 19:16, par ntizihabose hassan
sorry umukuru wigihugu ca uganda mwasinze ngaho kuri photo siwe uyo numunyamerica akina icinema .yakinye isinema ya mabi idi amini dada yangiriye abanya uganda murakoze.
29 Ndamukiza 2014, 20:14, par YAKO
29 Ndamukiza 2014, 22:16, par Ntare 5
Iciza nuko babica bukeye nabo bakabakurikira kndi bazobona inyungu yavyo kumunsi wimperuka amen.......
29 Ndamukiza 2014, 23:33, par gakoza
igitangaje,nuko kuva murizo ntwaro zose zagiye zihinda gurika,ubwo bwa BAHUTU nibwo bupfa gushika nubu ab’ABUTU nibo bapfa. sinzi rero ico bazira.igitangaje nabishe umuru wigihugu Ndadaye m.nubu baracidegemvya ukamenga ntacabaye kandi akaba ariwe nyanduruko yaba DD,gushika kurubwo butegetsi......
30 Ndamukiza 2014, 00:06, par Nwari
DD yagize umusi mukuru wabagwanyi harakenewe umusi mukuru wa Michel Micombero nicungu yuburundi
28 Ruheshi 2015, 08:40, par CLAUDE
NUKO ABABIKOZE HOKORA AMATOHOZA BAKAMENYEKANA HAMA BAGAHAMWA
13 Mukakaro 2015, 22:31, par vyukusenge anosiath
None mubona dukore iki ?Muburundi buguma buhemuka kwigihe imana yarema isi itavuze umuhutu canke umututsi jewe icombona nigusaba imbambazi imana itugarukanire amahoro mwisi kuko siwacugusa intambara zirarenze mwisi
18 Gitugutu 2016, 19:58, par Kwizera vianney
Ivyomicombero Yakoreye Abarundi Niterasoni Yarumutwarewamacakubiri ABavyei Nibibondo Kuntwaroyiwe Barahaburiyeubuzima Ekanabatamanabatamakazi ntiborohewekubera Amacakubiriyiwe Nubuabarundibamwebamwe Baracisunga Iyongendombiyamacakubiri Turasavye Abatwarebubu Bakoreibishobokavyose Barwanye Iyongeso Yagatotezo Nakarenganyo Bivakumacakubiri Tuberwenintwaro Zirangwa Nubwisanzure Abenegihugu Biyumve amahoro
29 Gitugutu 2016, 20:08, par Matata
nonumwami yaziziki?
30 Gitugutu 2016, 21:29, par Irakoze Alexandre
Ubwicanyi Nkubwo Burababaje.Mbega Ntamwana Yari Afise?
15 Nzero 2017, 09:38, par Gateka
Amim Dada
ikibi yakoreye uburundi n,agahomera bunwa kbs, Arik nik yabaye nigihugu ciwe yaramaz inganda nyishi,,,,,, Micombero ikinwa maraso yaramaz Abahutu beshi aho yanabarya. Ariko tugire ngw,ashiiiiii kubona nawe yarakurikiye abo yishe
22 Ndamukiza 2017, 22:27, par Claude
Mbega Imva Ya Micombero Irihe?
3 Rusama 2017, 21:22
abamwihse baragize nabi
22 Rusama 2017, 11:47, par NTARE Shalom
Hari idayimoni 2 zateye u Burundi bwacu, igihugu cari icamata n’ubuki, gihinduka umusaka. Nubu ntawuzi aho kizogarukira. Kimwe gusa Shetani iriurka, ariko haragera igihe Imana ikayicakira.
1) I dayimoni yambere, yaciye mumu biligi yadu colonoje yitywa Harroy. Uwo yatwara Urwanda n’Uburundi. Idayimoni icamwo abarundi ibice ikoreshaje amoko, ngo Umututsi n’Umuhutu, yateragiye urubuto rubi cane naho nyene ruriko ruragenda ruhona ruta inguvu.
2°Iyindi dayimoni ya kabiri, yaciye muwitwa ngo yari Président wambere w’Uburundi, Micheli Micombero, yaje kubiba no kuvomerera idayimoni yambere, aca ayiha inguvu muguteragira ibice vyubatswe ku ntara.
Emwe, Imana itamanutse, kandi iriko irabishobora, icompa izo mbuto zigahona, hagasubira kunaga rwa rubutu rwitwa Bene Burundi ba Ntare Rugamba...
Bugufi na Buha, hamwe nahariya hirya ya Tanganyika, hogaruka tukagukirwa!!!
1er Myandagaro 2017, 14:29, par Delphen
Abotatsi ni babi nkivyo nkuru nziza ntavyo yokora
29 Ndamukiza 2018, 16:43, par Fiston
Sha uburundi ntayo bwavuye ntayo buja,none uwu wiyita ngo ni umukuru wigihugu yahora atega ama mine mu gisagara ca bujumbura,ba mucira nurwo gupfa none ubu hoho ngo ni pasteur maman.
29 Ndamukiza 2018, 16:43, par Fiston
Sha uburundi ntayo bwavuye ntayo buja,none uwu wiyita ngo ni umukuru wigihugu yahora atega ama mine mu gisagara ca bujumbura,ba mucira nurwo gupfa none ubu hoho ngo ni pasteur maman.