Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 50 irarumanye Ngendandumwe agandaguwe...Yari nde? Yamaze (...)
Imyaka 50 irarumanye Ngendandumwe agandaguwe...Yari nde? Yamaze iki?
jeudi 15 Nzero 2015
Imyaka 50 irarumanye umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe agandaguwe, aho kugeza n’ubu uwamwishe ataramenyekana.

Hari kw’igenekerezo rya 15 Nzero umwaka w’1965, imbere y’ibitaro vyitriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore aho yicwa avuye kwibarutsa umukenyezi wiwe. Umushikirangoma Ngendandumwe akaba yari yavutse mu mwaka w’1930 mu ntara ya Ngozi. Akaba yari yize amashure yiwe mu makaminuza atandukanye nk’i Kinshasha hamwe n’i Louvain, aho yaciye aronka urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza mu gisata c’uburongozi na poritike.
Bikavugwa ko Petero Ngendandumwe co kimwe na Pau Mirerekano bari abantu bishikira b’umuganwa Rudoviko Rwagasore, ndetse bakaba bari nabo baza n’ubwa mbere mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA washikanye Uburundi ku ntahe y’ukwikukira, eka mbere bakaba mu bafashanije rwose na Rwagasore kuronderera Uburundi intahe yo kwikukira.
Imbere y’uko Petero Ngendandumwe agandagurwa, hakaba hari habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta yari yashinze. Nk’uko yari yabisabwe n’umwami Mwambutsa, Reta yari yashinzwe ku wa 7 Nzero yarimwo abatutsi 7 n’abahutu 6, yose ikaba yari igizwe n’abantu 13. Ku wa 15 Nzero iyo Reta ikaba yaciye ishirwa ahabona, maze haca haba imyiyerekano yo kuyiyamiriza nk’igihe c’isaha zitandatu. Inyuma y’aho, mw’ijoro nk’isaha z’ibiri, akaba ariho yagandagurwa avuye kwibarutsa umukenyezi wiwe mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rwagasore.

Mukamenya ko Petero Ngendandumwe yari yubakanye na Mariya Tereza, umuforomakazi yava mu miryango y’abaganwa bo mu Buraruko bw’igihugu. Mariya Tereza na Petero Ngendandumwe bikavugwa ko bari bahuriye bose i Kinshasa iyo bari kwiga.
Mu mwaka w’1961 niho bubakana, Petero Ngendandumwe yari umushikiranganji w’ikigega ca Reta, mu nyuma mu mwaka w’1963 akaba yagenywe kuba umushikirangoma wa mbere kugeza agandagurwe. Abamuzi bakavuga ko atigeze ahemukira igihugu ndetse n’umugambwe wiwe UPRONA.
Aristide Nizigire
Messages
15 Nzero 2015, 13:07, par hatungimana juvenal
Inzira karengane! Mbgega ko barondera abishe ubwo ubutungane ntibwobanza bukerekana uwamwishe, yamara ubutungane bw’uburundi buriho butariho!
15 Nzero 2015, 16:17, par Lil
Mbega Umuhutu Mwiza,Umugabo Mwiza. Inzira Karengane Yishwe n’Inyamaswa! N’ukuri...on a voulu exterminer nos hommes depuis longtemps mais heureusement ils n’ont pas réussi à tous les tuer. Que son âme repose en paix!
15 Nzero 2015, 23:30, par Nwari
Duhereka umuhutu wijambo ikihari ubu haje ubahutu bijavyi!!!!!nabahari bameze nkawe baragajwe abandi nabo ntajambo ntakurindA bafise?nkawe kurya washijeze reta uko uyishaka umwami akanka?ariko ukakomeza akashiramwo abatutsi abahutu abaganwA bakaba inkehwa ??ariko ntivyabujije ko abahutu bakotana nabaganwa mukukwira (ariko harasigaye umintu nkawe umwe(Mbinimpa)