IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka itandatu iraheze Ernest MANIRUMVA agandaguwe bunyamaswa

Imyaka itandatu iraheze Ernest MANIRUMVA agandaguwe bunyamaswa

jeudi 9 Ndamukiza 2015, par Egide N

Kuva Ernest Manirumva, icegera c’umukuru wa OLUCOME agandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 8 rishira irya cenda Ndamukiza 2009, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ntiyahengeshanije gusaba ko ubutungane bwokora, abishe Ernest Manirumva bamenyekane.

Reta y’Uburundi yarasavye ko igiporisi kidasanzwe FBI co muri Reta zunze ubumwe za Amerika coza gufasha mu matohoza ku rupfu rwa Ernest Manirumva. Muri ayo mashirahamwe baratangazwa n’ingene ubutungane bwihutiye kuburanisha urubanza, kandi butaratumako ibihangange vyo mu giporisi hamwe no mw’igendereza vyavuzwe ko boba bafise uruhara mu rupfu rwa Manirumva. Aho tukaba twobabwira nk’uwaramutswa ibiro bikuru vy’igendereza igihe Ernest MANIRUMVA agandagurwa, ariwe Général Adolphe Nshimirimana, uwari icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi Général Ndirakobuca Gervais, batazira "Ndakugarika", hamwe n’uwari arongoye igiporisi mu karere k’uburengero David Nikiza. Abo bose nta n’umwe yigeze atumwako kugira yumvirizwe, n’ibimenyetso ADN vy’abo bategetsi vyari vyasabwe ntivyigeze bikorwa. Muri ayo mashirahamwe ariko aharanira kumenya ukuri kubagandaguye Manirumva bakamenyesha ko iyo ari ingendo yo kudahana ivyaha, ari nayo ituma inkozi z’ikibi zisigara zirusha inguvu ubutungane.

N’aho benshi mubari bavuzwe nk’ivyabona vy’urupfu rwa Ernest Manirumva bagandaguwe, abandi bakabura irengero ryabo, ayo mashirahamwe asaba ko sentare ntahinyuzwa itokorera ku rubanza sentare nkuru y’igihugu hamwe na sentare isubiramwo imanza zari zaciye, kuko zitigeze zikorera ku bimenyetso vy’igiporisi FBI, kandi ari Reta y’Uburundi yari yatumyeko abo bahinga mvamakungu. Abari muri ayo mashirahamwe bati : "Bitebe bitebuke ukuri kuzomenyekana, kuko abiyita ibihangange uno munsi, siko bizokwama, kuko ibihe biha ibindi."

Ibirori vyo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 9 Ndamukiza, vy’ukwibuka imyaka itandatu iheze Ernest MANIRUMVA agandaguwe, vyatanguwe n’inkuka y’ukaja kwunamira n’ugushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe iri ku Mpanda, hagakurikira ikiganiro gica gihabwa abamenyeshamakuru, hakurikire inkuka y’imisa y’ukumuhereza Imana, ibera kuri Cathedrale Regina Mundi mu gisagara ca Bujumbura. Iyo nkuru turayigarukako, bagenzi bacu bakaba bariko barayikurikirana.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.