IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama idasanzwe ya CIRGL yatangujwe ngaha i Bujumbura

Inama idasanzwe ya CIRGL yatangujwe ngaha i Bujumbura

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Guhera kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ruhuhuma gushika kuri 27 Ruhuhuma 2013 hagiye kuba inama y’imisi ibiri y’abajejwe ibisata bitandukanye ngaha i Bijumbura mu ntumbero yo gutegura inama ihuza ubushikirangaji buri muri CIRGL (Conference Internationale sur la Region des Grand Lacs).

Ntumba Luamba umwigisha akaba n’umunyamabanga muri CIRGL, yaramenyesheje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2013, mukiganiro cahawe abanditsi n’abamenyesha makuru ko hagiye kuba ibikorwa bitandukanye kubijanye n’umutekeno wo mu bihugu bigize inama ya CIRGL, kubijanye n’ingene amafaranga yakoreshejwe m’umwaka w’2012 no gutunganya uburyo amafaranga azokoreshwa muri uyu mwaka w’2013, eka no kuraba uko hotanguzwa igisata co gurwanya amabi akorwa n’ibindi.

Kubijanye no kumenya ingene umutekano wifashe mu bihugu bigize CIRGL, yamenyesheje yuko ari ibihugu bine gusa bifise ibibazo vy’umutekano muri cumi na bibiri bigize CIRGL, ngo ariko ko munani murivyo, umutekano ukwiye.

Kuri ivyo bihugu bine bigifise ibibazo vy’umutekano, yarahumurije avuga ko hagiye kuza inteko idazanzwe kugira bafashe kugarukana umutekeno muri ako karere. iyi nama ikaba yitabiriwe n’ibihugu 11 arivyo Uburundi, Urwanda, RD Congo, Zambiya, Tanzaniya, Ubuganda, Kenya, Soudan, République Centre Afrique, Angola, na Congo-Brazaville.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.