IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkuru y’abepisikopi isaba Abarundi kwitaho ivyerekeye intwaro (...)

Inama nkuru y’abepisikopi isaba Abarundi kwitaho ivyerekeye intwaro y’igihugu

dimanche 19 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nkuru y’Abepisikopi ba Ekereziya Gaturika imenyesha ko ukuri n’ubutungane arivyo bizokiza Uburundi, abantu bakubahirizwa mu neza yabo. Abo Bepisikopi bibutsa ko abantu ataribo babayeho ku neza y’ubutegetsi, mugabo ko ubutegetsi aribwo bushingwa kubw’ineza y’abantu.

Mw’itangazo abo bepisikopi basohoye kuri uwu w’Imana, ryasomye mu nkuka z’imisa zo mu masengero yose yo mu Burundi, basiguye ko ubutungane butegerezwa kwunganira ukuri, abantu bakubahirizwamu buzima n’agateka kabo. Inzego z’ubutungane zotegerezwa kwigenga mu gukurikiza amategeko, bugashingira ku kwubahiriza iteka rya kiremwa muntu, ubutegetsi bugahamagarirwa kubihagararira.

JPEG - 22.9 ko
Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA, umukuru w’inama nkuru y’Abesikopi Gaturika mu Burundi

Abo bepisikopi bagasaba abarongoye Reta n’inzego ziyikomokako gukora uko bashoboye kwose kugira ubuzima bw’Abarundi n’ababubamwo bose bwubahirizwe, batunganirwe, bakore imitima iri mu nda, bashikire iterambere ry’ukuri.

"Nibitwararike ko ubwicanyi n’ayandi mabi bihagarara. Nk’agatotezo, ukunyuruza abantu, ugufata n’ugupfunga abantu bidakurikije amategeko, ukurenganya mu manza, kureka abantu bakavundira mu mabohero batigeze baciribwa imanza n’ibindi."

Abo Bepisikopi basavye kandi ko Reta yokora uko ishoboye kwose kugira habe umwidegemvyo mu Barundi bose, bashikirize iryo bagona ata wandya wangura, ibimenyeshamakuru vyose bihimirizwe kwisunga akarangamutima k’uwo mwuga, ariko birekurirwe kuja ku kivi.

"Aho niho abataye ingo zabo n’abahunze borema bagasubira iwabo, abandi nabo bakagaruka mu gihugu cabibarutse, twese hamwe tukumva ko turi bene Burundi kandi ko duhamagariwe kwubaka igihugu cacu."

Inama nkuru y’Abepisikopi ivuga ko amasezerano y’i Arusha yari yabaye ishingiro ryiza ryafashije igihugu kwogorora n’ukwumvikana kw’ibwirizwa shingiro, Abarundi mu budasa bwabo bakabana bubahana.

"Turasavye ntitudohoke ku mutima waranze ayo masezerano. Abarundi baranse gukoresha igikenye bashima gushira imbere inama n’ingingo mu gutorera umuti ibigoye igihugu, n’ubu iyo ngendo nirange indongozi z’Uburundi."

Abanyagihugu basabwa kumenya ko demokarasi idashobora gushinga imizi batayitwararitse bose.

"Nimwiteho rero mwese ivyerekeye intwaro y’igihugu cabibarutse, ntihagire uwigira sindabibazwa. Nimumenyere gusaba ababarongoye mu nzego zose kwubakira hamwe namwe imigambi ibateza imbere, mwongere mwitwararike gusuzuma ko iriko iragenda neza."


IGIHE

Messages

  • VYUKURI NDABASHIMIY ARIMPANURO MWARIMWAGERAGEJ KUZITANGA REKA TURINDIR IVYOBAZOHINDURA ARIKO NTACIZER MBIFISEKO BOKWIRIKIZA IYOMPANURO KIRETS YESU AKOZ KUMITIMA YABABIJEJW!

  • Iritangazo rirasumba ayarimaze imisi asohokagakegake muriko muragerageza gutsinda umurwanizi Satani natwe abakristu banyu turakomeza kubasengera tuvugatuti: bavemwo Satani ataba batoranirijwe kubabakozi b’Imana/Johova bavemwo reka kubinjiramwo ushaka kubagira abakozibawe atitsindwa Satani nkukowamwe itsindwa mwizina rya Yezu. Amen
    Turongera tugakomeza gusengera wamusenyeri yakoranya abaskristu baribiganjemwo urwaruka akabigisha kugarariza ngokugira ntibabe abaja mwarabonye bake bumviye ivyoyavuze muducetumwetumwe twa Bujumbura icobakoze turamusengera uryamusenyeri kugira Satani ateshwe ate amuvemwo mwizina rya Yezu. Amen.
    Kandindizerako kubera amasengesho abarundi beshi bakomeje kumusengera vyaragize icovyafashije kukomwarabonye ko atasubiye guhamagaza urwaruka arwigisha ngo rugararize ngokugira ntibe abaja.

  • Komera.mbona muriko muraza.shetani yabahoramw izotinda ibavemwo musubire kumurongo gurtyo abakristu basubire kubizera.

  • EGO MUSENYERI NGIRANGO AMASHETANI YARI MUKUBAKORESHA MUGUSANBURIGIHUGU MUTERANYA ABENEGIHUGU ATANGUYE KUBAVAMWO MURIK MURIKEBUKA NIMWUNGIMITIMA YABO MWASANBUYE HAMA IGIHUGU KIRONKAMAHOR NDABONA IMANA MUTANGUY KUYUBAHA MUKUYIVUGIRA MUBAYO BANDANYE UKO AHOMWACIY MUKUYOVYABANTU MUKORE MUKUBASUBIZAHAMWE

  • NGIRA MWAHINDUTSE INTUNBERO YUKUYOVYABARUNDI MWAYIHEVYE CAHOMWACIYE MUKUYOVYABANTU ABOMAHENZE MUBASUBIZE KUMURONGO NTIMWISHINGAMATANGAZO GUSA KORE MWABONYEKO ABARUNDISINZI BACIYUBWENGE BATAYOBORWA NKINTAMA IVYOMWIFUZA SIVYO VYABAYE NAHO MMAKUY MUMIRWI ITEGURAMATORA ABASERUKIRA EKLEZIYA ABAKIRIS MIRONGI99 KWIJANA BATOYE NEZA BAKE MURIMWE MUTIFUZAKAMATORA BAMWARAMARAMAYE KOMURIK MWIGARURA NISAWA

  • Nimukomere kumuheto basenyeri bacu murimvugakuri naho abantu barikubatuka mubasabire bari muri zamburakimazi zirirwa zirakerera benewazo zibaziza agacupa kurwarwa nkurunziza aba yazihaye naho kuvuga ko mwahinduye jewe mbona ataho mwataye ahubwo mwarushirijeho mukudoma urutoke kumarororwa yirirwa arakorwa na nkurunziza nakarwi kiwe no kwibutsa ko amasezerano yarusha ari ntabanduka ababivuzuko ngira nukuvyirengagiza canke ngirango ntibazi gusoma canke ngirango nukumaramara kuko bagerageje kubatera ubwoba nukubanumisha none vyabatekurukanye

  • Muvyukuri mwabasenyerimwe turabasavye mukomeze kugaruka kugikorwa mwatoranirijwe rekandabibutse bimwe bibonwanamaso mwakoze bikatubabata:
    UMUSENYERI UMWE NTAVUZE IZINA YAGIYE GITERAGA ABWIRA ABAKIRISITO NGO NTIBAZOKWIHENDE NGOBATORE NKURUNZIZA NGOBOBA BABAYE ABAJA!
    UYUNDIMUSENYERI AJA BUJUMBURA AZANA MUGIRO Y’IMANA IDARAPO RYU BURUNDI RISHAJE AHAGARARA KURI RUTARI ABWIRA ABAKIRISITO NGO NGWIGIHUGU CUBURUNDI CARATABAHURITSE NKUKU IRIDARAPO RYATABAGURITSE.
    ABOBASENYERI NYENE BONGERA BIGIRA INABA YOGUSHIGIKIRA KO IGIHUGU GITABAGURIKA MUGUKURA ABARI GUFASHA MUBIKORWA VYAMATORA. NONEGAYEMWE MWUMVA NIYABA ABOBEPISIKOPI BATARIREGA BIZOBOROHERA KUDUHAMAGARA NGOTUJEKWIREGA IYOTWACUMUYE!?
    ARIKO BIGUMYE VYOROSHE MUSHOBORA KUBAMWARIREZE MUKABWIRA IMANA KOMWTIRIGANYE TWEBWENATWE TUZOBAMENYERA KOMWIREZE CANKE MUTIREZE MURAYAMATANGAZO MUSOHORA.

  • Komeza Musengera Musabire Na Bahitanwa , Abahunga Bitu Rutse Kubwoba Bw’ Ibiri Mu Gihugu .

  • ABEPISOPI BAGERAGEZA GUHANURA MUGA IVYUBURUNDI SICOROSHE- IMANA NIHANGAZE IKIGUHUGU BABANDANYE KUGISABIRA KUKO NA GWASA AGATO AGIRA AKIVEMWO AHUNGIRE MUMAKUNGU KUBERA BASHAKA KUMWICA ABO BARIKUMWE KUBUTEGETSI. IMANA NITUME YUBIKA IKI GIHUGU IZOREME MUNYUMA ABANDI BATEGETSI BATICANA NKABATWARA UBU

  • KW’ISI IYO UDAKORANYE N’ABAKORONIZATERI B’I BURAYI , AMERIKA N’ISHENGERO RYA GATOLIKA NTUSHOBORA GUTWARA. NTUBONA UKUNTU PIERRE NKURUNZIZA BAMUGERAMIYE , UWO BATEGEREZWA KUMUHIRIKA KUKO BAFISE IMBARAGA ZIDASANZWE KUKO ARIBO BATEGEKA ISI KANDI BUKABA N’UBWAMI BWA SATANI. AHUBWO IBIBERA MU BURUNDI VYOSE BAZOBIMUGEREKAKO AHEMUKE AGEZE IRAHE KUKO BAFISE ABACAMANZA BAKOMEYE , IBINYAMAKURU BIKOMEYE , ABATUNZI BAKOMEYE KW’ISI , ABAGANGA BAKOMEYE KW’ISI , ABANYABWENGE BAKOMEYE KW’ISI BAKORESHA MU MIGAMBI YABO YOKWONONA ISI. MURABE MASO, MUSENGE KANDI NTIMUKIFATANYE N’ABANYAVYAHA ARIKO MWEHO MUHINDUKE RWOSE MUGIZE IMITIMA MISHA.

  • murahimvye amashikanwa?mbe muribuka kuntwaro yabanya bururi ko ataco mwavuga?kandi aribo batoteza abanyagihugu?mbe murazi ko Imbonerakure nabagumyabanga aribo bagize gatorika?nimureke kwitwenga twarabahinyuye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.