IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro z’amategeko ane nizo zizwe n’inama nshikiranganji

Integuro z’amategeko ane nizo zizwe n’inama nshikiranganji

mercredi 16 Mukakaro 2014

Inama nshikiranganji yakoranye, ku rutonde rw’ivyigwa hari iteguro z’amategeko ashika kuri 4 n’utuntu n’utundi. Inama yari irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Muri iyo nama nshikiranganji, hizwe integuro z’amategeko ane nizo zizwe, nazo ni:

1) Integuro y’itegeko rishinga isubirwamwo ry’amahera y’umwaka w’i 2014. Iyo nteguro yashikirizwa n’umushikiranganji w’ikigega ca reta no gutunganya itera mbere ry’ubutunzi, Tabu Abdallah Manirakiza.

2) Integuro y’itegeko igenga itunganywa ry’ibisagara, uburaro n’inyubakwa. Iyo nteguro nayo, ikaba yashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, amazi no gutunganya ibisagara.

3) Integuro y’itegeko rigenga ubuhinga bwa none bwo gutumanatumanako amakuru n’amaposita, nayo nyene yizwe. Iyo nayo, ikaba yashikirijwe muri iyo nama nshikiranganji n’umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka.

4) Integuro y’ itegeko nshikiranganji itegura iyubakwa ry’ikigo gikwirikirana abamugaye ku rwego rw’igihugu kandi cegamiye Reta, yashikirijwe na muganga SabineNtakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.