Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka ihava yemeza abakomiseri bashasha b’umurwi (...)
Inama nshingamateka ihava yemeza abakomiseri bashasha b’umurwi CNIDH
jeudi 23 Ndamukiza 2015, par
Mu nama nshingamateka bahava bemeza batanu bagiye gusubirira abakomiseri bagize umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH(Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme).
Inama nshingamateka iri mu mwiherero, ikaba iriko itora abakomiseri batanu b’umurwi CNIDH. Abo batanu bakaza gusubirira, abandi batanu bazorangiza ikiringo cabo mu kwezi kwa Ruheshi.

Abo bakomiseri uko ari batanu bakaza gutorwa mu mazina 15, y’abava mu bisata bitandukanye. Mu gisata c’amashengero batoramwo babiri, mu gisata c’abadaharanira ivyicaro vya poritike umwe, umwe mu gisata c’abaharanira agateka k’abana hamwe n’ umwe mu gisata ca kaminuza.
Ariko amakuru amaze kumenyekana ni uko, muri abo 15, cumi boba bamaze gutorwa, kugira baze gukuramwo abo batanu bazoja muri uyo murwi. Muri abo cumi bamaze gutorwa n’umurwi w’abashingamateka uriko wiga ayo mazina, izina rya Furera Emmanuel Ntakarutimana asanzwe arongoye uwo murwi rikaba ririmwo.
Floxella Karire