IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje abakomiseri babiri b’umurwi CENI

Inama nshingamateka yemeje abakomiseri babiri b’umurwi CENI

samedi 13 Ruheshi 2015

Inama nshingamateka yaremeje abakomiseri babibi b’umurwi utegura amatora CENI,kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruheshi.Umwe azosubirira uwahora ari icegera c’umukuru w’umurwi CENI,uwundi asubirire uwahora ajejwe ubutunzi.

Annonciate Niyonkuru yemejwe ngo asubirire icegera c’umukuru wa CENI, Alice Nijimbere yemejwe gusubirira uwujejwe ubutunzi mu murwi CENI. bemejwe n’inama nshingamateka ngo basubirire Spes Caritas Ndironkeye na Illuminata Ndabahagamye batanze imihoho bongera barahunga igihugu.

Ayo mazina yemejewe n’abashingamateka 81,mu gihe umwe atayemeje. Annonciate Niyonkuru yahora arongoye sentare nkuru y’intara ya Ngozi,Alice Nijimbere yahora ari umuhanuzi mu biro vy’ubuyobozi bw’amashuri y’intango muri Komine Matongo,mu Kayanza.

Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD,umushingamateka Pascal Nyabenda arashima igikorwa cakozwe n’inama nshingamateka,akamenyesha ko umwe mu bemejwe yavuye mu mugambwe UPRONA uwundi mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Mwomenya ko ayo mazina yemejwe,abarongoye imirwi y’abashingamateka ba UPRONA na Frodebu Nyakuri basohotse.

Messages

  • hahaha! Barabanza bashishoze bamenye icajanye abandi kuko ivy’iki gihe ntivyoroshe ivy’uburu ndi

  • Aho rero amatora turayitsinda tudakurikij ibisabwa na makungu cank abaduhanura hama abanyagihugu nibaremerwa bashak biyahur nakar twararway tugifatisha umuheto(yooo cndd fdd iharira democratie nyakuri? Oya oya kweli sivyo iharanira ubusuma nyakuri muri vyos)

  • Nivyiza.ariko nibamanzebakosoreriryategekorihuburenganzira3muri cni gufatingingo!ibisigayenavyo,ukobihutakuzakwemeza abasubirigwa mumabangatandukanye,ese iyabarikobanyarukagufatingingo izanamahorokubenegihugu babatoye!vyobayevyiza.

  • Bagabo benewacu twatoyemuduserukire,ubwomurimwebwehabuzuwokwibwiriza agahagararira ibiganiro atahoyegamiyemuntumberoyogutorrumutibibazodufise?yemwemwahozemurongoyuburundikukimubirabankabobitega?mpakaharindekuza bamvamakungu muraho?NB:ingoranez’uburundi inyishirimubarundi!bashingamateka hanure reta nabatavugarumwenayo muduhamahoro,erega nihabintambara sitwebatobatogusatuzopfa namwemuzoshikirwa bonivyanyu!DUSABAMAHORO

  • ni leta yumukazo nagahotoro ndake!bakozwe mukajagari aba dd.ntakundi nezegwa nuko baruhira ubusa kuko amatora yasamaz gucishwamwo akarongo

  • AKANANIYABAGORE KANANIRA NABANDI NIBIRE IYO COMISSION YANANIYE ZIRYA NZIRAGUHEMUKA HA BIRAME MBONE

  • Ngirango ikihutirwa ni ukugarura amahoro n’umutekano, abanyafihuga bagafungura utwabo atawe ubahagze hejuru. Impunzi zigataha, zikareka kurara mu mahema no mubuzima bubi bwo mu nkambi kandi bafite amazu yabo meza biyubakiyea.

  • hhhhhhhhhhbhaaaaaaAAAAAAA hhhhhhu yyyyyyaaaaaaaaa hhhhhheeeeeee hhhhhhhhhaaaaaaaaaaahhhhhhhhhooooooooohhhhhhhhhhhhiiiiiiiiiiiii vietnam, korea,zimbabwe,venezuela,cuba,mexique, hhhhhhiiiiiiiii

  • emma

    eheeeeee, banyakubawa ndabashimiye kugikogwa ciza mwakoze bamwe bavugango CENI ntikwije amategeko nimba bakunda igihugu koko nibace baja mumatora, nayahandiho imitego yabo yose yabaheranye ibiringo navyo mugwiza kumunwa ntimukorako pita azitoza

  • emma

    eheeeeee, banyakubawa ndabashimiye kugikogwa ciza mwakoze bamwe bavugango CENI ntikwije amategeko nimba bakunda igihugu koko nibace baja mumatora, nayahandiho imitego yabo yose yabaheranye ibiringo navyo mugwiza kumunwa ntimukorako pita azitoza

  • Vyizigiro we abandi bajanywe n’inda n’abandi bazanywe n’inda, noneko babahenze ngo va mumurwi CENI tubahe amahera n’ubuhungiro n’abandi nibabagire nkabo turabe. kw’iyisi bose barakanuye nayo ikibazo c’abahutu n’abatutsi mwibaza vako ingorane ihari nuko hari abiyita abaserukira abatutsi bagashaka kukigabangana n’abiyita inararibonye mubahutu ukamenga umututsi nyarucari canke umuhutu nyarucari nawe ntashaka gutera imbere mugihugu ciwe. Mama ngo bobo bize hanze bafise ubwenge burengeje kandi barazwi mumakungu ukamenga bavukiye mumakungu, ako kagaye niko twanse kandi mumenyeko umunyagihugu asanzwe ariwe yagwanye urugamba namwe muraramye hanze none ngomuje gusarura, subutu uwagize ico atumarira turamuzi. ntabwo ari umubirigi canke umufransa. never.

  • bikemurivyishi.kuki.bemejeabobantu.iprona.naforodebu.basohotse?mbekomwavuze.kumweyabihakanye.abasohohotsebo.nibangahe?ivyovyo.birihuta.uti.kwakwanya.kumaradio.nayo.jekonabibonye.uwudafisuburyo.nawe.siyaradiyo.ikenewe.

  • Ndababwizukuri kugira dukoneze umutekano mugihugu cu Burundi nuko amatora yoba imbereyuko abitorewe nabenegihugu muri 2010 ikiringocabo kirangira murukukwezi kwa 8 ndababwizukuri ukwokweziguheze atamatora akozwe vyobabibimu Burundi. Ariko amatora akonzwe nubwoyokorwa anduru irikumugongo vyobavyiza nubwo bitobavyerade.

  • turabayikaze felistation nukuritubasavye gukoro mwivuyinyuma mazemudutegurir’amatora tuberekabo dushakako badutwara biciyemumatora turabakunda ko

  • bagabo twatwoye twabatoye ngo dukorere ivyo?ntakandi kabo kwa nkurunziza nuko bakora.mbe ko muserukira anyagihugu bakaba baheze mumaze iki?abashingamateka ico muzi murazi.n.Ivyi Mana

  • Ndaneguye ukuntu bimeze mugihugu nsishaka ko intwaro zaagahotoro zamy muburundi nico catumy haza democratie ariko ivyo cnndd iriko irakora irasarisha umengo ntibize ntibiyumvira baramaze kkunshisha ndakunda uyu mugambwe ariko nibareke kutumaramaza none Pascal Nyabenda ntabona ko atabwenge agikoresha mukuza aremeza amafuti yose namanyanga ngo ni politique.

  • murakoze banyakubawa ntakomudakora kugirango amahoro agaruke muburundi. rekambaze abatutsi mwabatutsi ubumurabona ceni irakwijamategeko nkuko mwabisavye none muraja mumatora canke? ubunahomwitwaziki? uwuvuga katajamumatora azobagomba akabaye 1993 murwanda nawe sebarundi ahasuwundimvuga atari nyenicubahiro Peter nkurunziza abearaduha imipanga tumenye icotwikorera kuko muzoba mwananiranye full stop.

  • Emwe biragoye kwizera,kuko ivyo mu kuri yi ntwaro biragoye!bose bakorera kwitegeko rya wa mu Eliminator Peter Nkurunziza.ila tu itamukera,asisahawu yalio mfikia GHADAFI.

  • mwaranse guteguramatora yemerwanabose hakirikare ubumugiyekumaramara imbereyabanyamahanga ivyobabasavye ntimurakoranakimwe murekekwiyamvya aho nizero. ubwonubukene murigukwegerigihugu

  • @ziggy ziggy baguhe imipanga ukore baguhe kabisa gusa ureba kure urareba iyo mipanga iyo yashikanye abandi jyako utemagure impera n imperuka nawe uzashikirwa

  • MBEGA UWOMUKURUWASENIBAMUSUBIRIZAKUBERIKI?ARIWEYIKUYEHO NDAVYUNVA MUGABO ATARIWE YEMEYEGUTOROKA NIBAMUREKE AMATORA AYATEGURE NKUKOYAHORA AYATEGURA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.