Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje amazina y’abagiye kurongora umurwi (...)
Inama nshingamateka yemeje amazina y’abagiye kurongora umurwi CNIDH
vendredi 24 Ndamukiza 2015
Baribonekeza Jean Baptiste niwe yatowe n’inama nshingamateka kugira asubire Furera Emmanuel Ntakirutimana.
Mu gihe ikiringo c’uwahora arongoye umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi kizorangira muri uku kwezi kwa Ruheshi, inama nshingamateka ikaba yemeje Baribonekeza Jean Baptiste umuhutu, ava mu ntara ya Gitega, mu kurongora uwo murwi, Claudine Nimbonera umututsikazi ava mu ntara ya Cibitke atorwa kuba icegera, nayo Nyabenda Ernest umuhutu wo mu ntara ya Bubanza akaba yatowe, aca aba umunyamabanga w’uyo murwi.

Abandi batowe muri uyo murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, akaba ari Chantal Niyimbonera wo mu ntara ya Kirundo hamwe n’umushingwamanza Deo Nzeyimana, umututsi wo mu ntara ya Bururi. Deo Nzeyimana rero, akaba yari asanzwe ari mu murwi wigenga w’agateka ka zina muntu, akaba yatowe kugira abandanye ari muri uwo murwi.
Tukabamenyesha ko uwo murwi ufise ikiringo c’imyaka ine. Furera Emmanuel Ntakirutimana, akaba nawe yari mu bahiganwa, naho atashoboye gutorwa. Uwatowe rero, Baribonekeza Jean Baptiste, akaba ari umuhinga mu vy’amategeko, ndetse akaba yaranakoze imyaka itari mike muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye. Mw’ijambo ryiwe, yemeye ko agiye kwegereza uwo murwi abanyagihugu, co kimwe n’uguhuza amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu y’igenga na Reta, eka n’ibinyamakuru. Akavuga ko azokora uko ashoboye, kugira abinywanishe na Reta.
Aristide Nizigire
Messages
24 Ndamukiza 2015, 09:57, par Filip
Toutes mes félicitations à Jean Baptiste que je connais très bien comme un grand travailleur, extrêmement compétent et un homme de justice. Mieux il n’y en a pas.