IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama rukokoma y’umutekano mu karere ka Sahel na Mali

Inama rukokoma y’umutekano mu karere ka Sahel na Mali

mardi 17 Ruheshi 2014

Abaserukira ibihugu vya Algérie, Mali, Niger, Burkina Faso, Mauritanie na Tchad bakoranye kugira bigire hamwe ikibazo gihanze akarere ka Sahel na Mali, bimaze iminsi biriko biradurumbanywa n’imirwi y’abarwanyi.

Umukenguzamateka Pierre Buyoya aserukira akarere ka Sahel na Mali

Ikibazo c’amahoro n’umutekano akaba arico cakoranije abaserukira ibihugu bitandatu bigize akarere ka Sahel na Mali nk’uko bishikirizwa na Ramtane Lamamra, umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu wa Algerie mu birori vy’ukwugurura iyo nama. Iyo nama ikaba iriko iraba ihagarikiwe na zimwe mu ntumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, intumwa zirongowe na Petero Buyoya aserukira ako karere k’ibihugu bitandatu bigize Sahel na Mali mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika n’abandi.

Mukamenya ko iyo nama rukokoma ije hageze nk’uko bivugwa na bamwe mu bashikiranganji bitavye iyo nama baserukiye ibihugu vyabo, kuko imirwi itera akajagari mu karere ka Sahel na Mali yagiye irarwira, imwe ariko ikaba yemeye gushira ibirwanisho hasi, ikayaga n’igihugu ca Mali kimwe mu bihugu vyari vyarabaye ikirimbiro ry’iyo mirwi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.