IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’umutekano ya ONU isaba impande zose mu Burundi gushira ibirwanisho (...)

Inama y’umutekano ya ONU isaba impande zose mu Burundi gushira ibirwanisho hasi

samedi 12 Kigarama 2015

Inyuma yo gutera ivyatsi ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,Inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU isaba abarundi gutekana no kuja mu biganiro vya politike.

Samantha Power aserukira Reta Zunze Ubumwe mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje inyuma y’umubonano wabaye mu mwiherero ko ibihugu 15 vyose bigize iyo nama bisaba impande zose kwigumya,kugira amabi akorwa mu Burundi ntabandanye kwibonekeza.

Samantha Power yavuze ko inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye imirwi yose ifise ibirwanisho kubishira hasi,Reta y’Uburundi nabandi banyepolitike bose nayo ibasaba kwitaba ibiganiro atawe bikumira kandi mu maguru masha.

Samantha Power arongoye inama y’umutekano y’ukwezi kwa Kigarama yamsubiye kwemeza ko inama y’umutekano yiteguye gufatira ibihano uwo wese yobangamira canke akaba intambanyi ku twigoro two gutorera inyishu ibibazo vya politike mu Burundi.

Naho Samantha Power yibukije ko hari ingingo yari yafashwe kw’igenekerezon rya 12 Munyonyo yerekana ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishobora kurungika abasirikare mu Burundi,ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishira imbere intumwa zirongowe na Jamal Benomar zoza gufasha kugira ibiganiro vya politike bitere imbere.


Vana Naris Mugisha

Messages

  • Abandika amakuru gerageza kwandika amajambo uko ari akarorero
    Ngo basavye impande zose gushira ibigwanisho basi.
    Ahandi ngo basavye abatera guhagarika ngo baje mubiganiro
    Ariko Iyo leta yoshira ibirwanisho hasi itewe nayitwereke uyo Samantha
    Erega aha ivyo avuga nibimwe bigisha mu misa ngo uwugukubise ikofi ngo hindikira akwingere nimba ariko America ikora ahoho ntagihugu bafise
    Iguhugu avamwo niko bakora?ONU ikorane ibuze abo ba cnared nababwiye ko kingora mumbabarire bareke gukokeza indwano urabe ko tutagira amahoro
    Erega ayo majambo mwandika niyo yotuma nyakubahwa president w,uburundi atonaja murivyo batevuye kirazira kikaziririza gukengera igihugu naho coba gikenye umukuru wigihugu akwiye kwubahwa ico nicambere apana nka birya nyangoma ayayata atuka president wacu erega namwubahe ubwambere

  • Nukuri ONU nigire ico ifasha ku Uburundi nabarundi tugeze habi caane! Ukuri kubwicanyi buba mu Gihugu kurakwiye kuja ahagaragara!

  • Uwo Power Twaramuhinyuye!None Abasirikare Ba ONU Boza Gukor’iki Mu Burundi N’Abasirikare Bacu B’i Burundi Babuze Ico Bakora?Ejo Nyabamenja Bari Baje Gutera Amakambi Ya Gisirikare Ntanumwe Yacitse Wogutanga Inkuru Hanyuma Ngo Inteko Za ONU!Nimurungike Muri Somalia Izo Nteko Za ONU Nimba Muzizeye!I Burundi Nta Nteko Dukeneye!Ok

  • none ONU yamaze kwemanga ko hari abafise ibirwanisho bahanganye na leta ko yajaga ivuga ko ari aba civil atabirwanisho bafise?

  • Nibemere Ibiganiro Natwedupfukame,dusenge Imana,igire,icihinduye!

  • Nibemere Ibiganiro Natwedupfukame,dusenge Imana,igire,icihinduye!

  • Vyarabananiye kuva kera nimureke rero twitorere inyishu!!!!

  • Amajambo yanyu yaraturambiye, ni muvuuge canke mureke ico twipfuza s’amajambo ariko dukeneye ibikorwa, kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu gihugu. Aho mwakavugiye ni kera gira mukore.

  • ariko kayemwe aho bakavugiye ibiganiro abantu bakabandanya gupfa bizodushikanahe?mbega ko abarundi bagiye kugarukana amahoro somali bigashimwa twohokuki iburundi.MANA nutabare abana bawe!

  • ikigaragara cho leta yuburundi nti yipfuza ibiganiro ONU nayonidomo babaho yewe nimana yonyine

  • Abazungu nta rukundo badufitira,kuki badakinga kdi abantu bahony?

  • abantu barikobaritswa muburundi Imana ikwiye kubabahekereza mumugongo mukagenda mubahece gusik,isi ikuweho..aho mvuze onu..ubumwe bwa africa..ubumwe bwa buraya..america..abobose basoboye gutabara ariko ntibatabare ,, nukuvuga iyo abantu bagwanye bakicana abarihafi nibo baba babicisije nne amakungu nimwebwe muri kwicisa abarundi muzobabazwe nabana banyu abantu barikumarana mubona mukaguma muyayata.emama. ibihano emama muzorungika inteko namwe ntazomufise.mwozibanye mwozirungice zigatabara abantu batarahona..nako mwifuzako twogabanuka ngoturi bensi nimba tubaremereye niyaturemye ntiraremegwa gusa nuko tuyiremeza ivyaha dukora..ok nimba bisoboka turatabaze nimudutabare.. ariko muri somali nahandi muba mwaratabaye ngira nuko ahensi arabazungu

  • Rekana Nabo Banzungu Aho Bahere Bavuga , Bakomey ,kururima Gusa ,nimba Bakunda Uburundi , Nibabutabare ,yaravyase , Kurekura,

  • Rekana Nabo Banzungu Aho Bahere Bavuga , Bakomey ,kururima Gusa ,nimba Bakunda Uburundi , Nibabutabare ,yaravyase , Kurekura,

  • Asha abo bazungu burya mwizeye ko aribo bazozana amahoro muburundi!!!!! eeh komeza mwicana ngo abazungu barabibabaye ahubwo bobo bashaka duhone bitorere ubutare bitabagoye.ahubwo mutama nakomeze kugira baze baganire abo bazungu tubibagire ntanico bamaze atarugukokeza ingwano,mu Rwanda abantu bicwa baraba ubu naho mu burundi hamaze gupfa benshi ngwibiganiro kuva aho bavugiye ivyacu mu burundi nibabivemwo tuzovyimarira

  • Wabonyehe ahumusirikare wigihugu ashira ibirwanisho hasi? Arega burya iyumusirikare adatewe ikirwanisho abayagishizehasi, ariko umuvyogoroje aratora ikirwanisho ukwonikwo abasirikare kw’Isi yose bimereye.

  • Mbe jewe sinatahuye umutwe wamjambo wiki kinyamakuru"impande zose gushira ibiwanisho hasi" mvega leta yoshira ibigwanisho hasi gute? Ahubwo nibarinde imipaka nubusugire bwigihugu abapolisi nabo bahashe abavurunganya umutekano babikore bubaha amategeko y’Imana n’Igihugu

  • Ibujumbura Bimeze Gute?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.