IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Indamutso nshasha "Tugire amahoro, ubumwe, ibikorwa, iterambere (...)

Indamutso nshasha "Tugire amahoro, ubumwe, ibikorwa, iterambere n’ubutungane

mardi 6 Myandagaro 2013

Kuva kuri uno munsi igenekerezo rya 6 Myandagaro 2013, umukuru w’igihugu yahamagariye abarundi kuramukanya indamutso nshasha ivuga iti : "TUGIRE AMAHORO, UBUMWE, IBIKORWA, ITERAMBERE N’UBUTUNGANE". Ivyo vyashikirijwe uno munsi n’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega, aho Petero Nkurunziza yari mu birori vyo gutanguza icese umugambi werekeye inyigisho z’ugukunda igihugu. Kugira mumenye ido n’ido ry’uwo mugambi n’icatumye muri Leta bawutanguza, uruganda rw’iyandikiro rw’ikinyamakuru IGIHE rwashimye kubashikiriza ijambo ry’umukuru w’igihugu muri ivyo birori.

1. Tubanje gushimira Imana Mushobora vyose yatugiriye neza ikaduha ku buntu iki igihugu ciza c’Uburundi, ikaba yatugejeje kuri uno musi aho turamutse dutanguza icese umugambi werekekeye inyigisho z’ugukunda n’ugukundisha igihugu c’amavukiro.

2. Ni umugambi uhambaye utumbereye gushika ku bintu bikomeye, ukaba werekeye abariho ubu n’abazovuka ejo kugira uwo ari we wese ntasigare inyuma mu bijanye n’ugukunda igihugu catwibarutse, Uburundi bwacu, impetso twese yaduhetse. Ni uko rero, ijambo twashikirije kw’italiki ya mbere Mukakaro 2013 rikaba ritashe kuva ubu.

3. Duhereye ubu, Abarundi bose ata numwe avuyemwo, abajejwe amabanga ahambaye mu gihugu, abana, urwaruka, abakuze, eka n’abageze muza bukuru nyene, umwe wese aratewe akamo ngo akore ibishoboka vyose ngo umugambi wo gukwiragiza inyigisho zibakundisha igihugu zitangure gutangwa hose.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, Batumire bahire

4. Inzego zirongoye Uburundi zasanze ari ngombwa y’uko Abarundi bojijuka, bose iyo bava bakagera, bakavavanura n’ingeso mbi zasesereje Uburundi. Inyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu zitegerezwa gushikira bose ata wikumiriye canke ngo ataramurwe, maze bose bategere y’uko Abarundi bakwiye kugaruka kuri ya mico myiza yamye iranga abasokuru bacu, ikabafasha kwubaka gihugu cifashe, kikaronka izina mu makungu.

5. Imico ndangamutima nk’ugufashanya, ugutererana, guhana indaro, kuramukanya n-igishika cinshi, ukwigumya, ugutuza ubuhumbu, Umuziro ukudashera, ukugendera ibanga, kuba abantu bikwije ubuntu, urupfasoni, Ukwubaha, ugutuza ikinyoma mu bantu, n-iyindi mico myiza tutarinze kudondagura, ngivyo ibigiye gusubizwa umutamana muri kino gihugu ciza Imana yaduhaye, kandi dusangiye twese.

6. Guhera uno musi rero, duhamagariwe kuvavanura burundu n’inyifato ibereye udukoko two mw’ishamba. Kukaba nkako, hari abantu bihaye izindi ngendo, bagafata urwitwazo ngo bagenze henshi bagenderwa na benshi, ngo imico yaracanganye, abandi bakitwaza amagume igihugu cacu cagiye kiracamwo, ariko hari n-ivyatewe n-ukwimenyera hamwe n’ukutitaho itunga rya bose.

Rwaruka munteze abiri,

7. Baca umugani mu kirundi ngo « izija guhona zihera mu ruhongore ».

8. Igihugu cacu kizorushiriza kuba ciza mu gihe kizobona umwete mwerekana mu bikorwa wongerekanye, mu gihe muzokwerekana ubwenge n’ubwira mukorana ata wushobora kubacishamwo ijisho. Nta kibereye Uburundi kurusha abasore n-abigeme bakerebutse, bazi ubwenge kandi batazera inze.

9. Tuboneyeho akanya ko gusubira gushimira icese imiyabaga y’Uburundi idasiba gutera iteka igihugu cacu mu kuba iya mbere mu mahiganwa mpuzamakungu, n’abo bose batera iteka ingo n’imiryango yabo mu vyo barangura bitandukanye.

10.Turabizi twese, ubwira n’ubukerebutsi mu bikorwa ntibirinda imyaka, amashure canke urugero rw’ubutunzi umuntu aba afise. Abarundi bose barashoboye kwitanga, kutaba indyarya, kugendera ibanga no kugendera ubuntu. Barashobora gutera iteka Uburundi.

11.Igihugu kirahumana mu gihe gifise urwaruka ataco rwitaho, urwaruka ruhurumbira ubuzima bworoshe rwibaza ngo rworonka mu mahanga canke kubiyita abagira neza. Ariko uko ni ukwihenda, kuko aho umuntu yataye uruzogi ni ho aba afise imizi n’amamuko.

12.Turateye akamo rero urwaruka, tururarika ngo rukunde ukuruta imitumba n’amakartiye ruvukamwo, gutyo rwitegurire guteza imbere amakomine, ryo soko ry’iterambere rirama. Nta muntu numwe ashobora kugira aho ashitse yirengagije ingorane zihanze umuryango n’ababanyi, haba ku gatumba canke muri « quartier » avukamwo. Muratwumva neza, ntidushaka kubuza abantu gutembera canke ngo tuboshe kwanka abanyamahanga. Ihi bambe we !

Kuva uyu musi :

13. Tugiye gukora ibishoboka vyose ngo urwaruka rugire « amaligala » indahiro. Ayo mahuriro yari asigaye umengo ni yo mashure yeze, ugasanga urwaruka ni ho rwigira ingeso mbi n’ububegito bwose nk’ubuhumbu, ubusuma, ukunywa ibiyayuramutwe, ugufata ku nguvu abakenyezi n-abigeme, hamwe n-ayandi mazimwe yose afise ingaruka mbi ku mutekano, iteka ry-igihugu na kazoza k-urwaruka.

Kuva uyu musi :

14. Twese, na cane cane urwaruka, dutegerezwa kwihatira gufata ijambo ishengero ryakinje, nko ku misi y’urubanza, tukarivuga mu kirundi gitomoye, ata kudidinganya, ata kuzindwa, no kuvanga indimi. Abarundi bose bahamagariwe kumenya no gutandukanya ibibujijwe, ibirekuwe, n’ivyo bashobora kwihanganira.

Kuva uyu musi,

15. Amaligala atagerezwa gusubirizwa amahwaniro n-ibikino ndangakaranga bisubiza umutamana imico myiza yamye iranga igihugu cacu nko kuvuza ingoma, kuvyina no gutamba, guca imigani, ibitito, kuvuga amazina, twubahirije intara kama z’Uburundi.

Barundi, Barundikazi, Batumire bahire,

16. Ukubona twavuze cane ivyerekeye urwaruka, bisigura yuko bose bemera ko abakiri bato ari bo Burundi bw’ejo n’ubw’uno musi, kandi ko bategerejwe kubitegera no kubigendera.

17. Aha n’abakuze ntitwabibagiye. Uruhara rwabo mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi ni ntangere. Turararitse abakuze ngo barandurane n’imizi mu mvugo yabo ya misi yose imigani itabereye ihora ikoreshwa n’abatazirikana akaranga bakigira nk’abigovyora ngo : « ikiza kitaguhitanye kiraguhitaniza » canke ngo « impfizi ntiyimirwa », ngo « inkokokazi ntibika isake iriho », canke ngo « umugabo ni uwurya utwiwe n’utwabandi », imyibutsa ifatiye ku bikoko bakayigira iyabo.

18. Guhera ubu rero, nimushire ku muzirikanyi yuko « umugabo ari uwurya ivyo yakoreye, agafungura utwiwe yatubiriye akuya runtu ». Kukaba nkako, inyifato mbi zisasirwa ahanini indava n’imvugo itabereye. Turasavye abakuze ngo birinde guha urwaruka akarorero kabi, ahubwo bababere umuco urumurikira, nakare imbuto itewe niyo imera kandi umuntu atanga ico afise.

19. Vyongeye kandi, guhera ubu Abarundi bagiye kugira indamutso imwe rudende ngo : TUGIRE AMAHORO, UBUMWE, IBIKORWA, ITERAMBERE N’UBUTUNGANE.

Barundi, Barundikazi,

20. Nkuko twabivuze tugitangura, uwu mugambi werekeye inyigisho z’ugukunda igihugu uraba Abenegihugu bose baciye ubwenge kandi bamaze gutahura ibivugwa kuva ku ndongozi nkuru z’Igihugu gushika ku benegihugu bose mu budasa bwabo, mu mibano yabo, no mu mirimo bajejwe.

Banyakwubahwa, Batumire bahire Barundi, barundikazi, Ncuti z’Uburundi

21. Kuva kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2013, twarashinze umugwi ukwirikiranira hafi ibikorwa vy’Umugambi werekeye Inyigisho zo Gukunda Igihugu. Turasavye abawugize ngo batere baja imbere kandi bakore bivuye inyuma kugira iki kivi gihambaye dutanguye kize kigire ico gihindura mu gihugu.

22.Tuboneyeho akaryo ko gushimira Umugwi wari ushinzwe gutegura uyu Mugambi ku gikorwa gikomeye bakoze. Turashimiye kandi n’abo bose baterereye mu kugishira mu ngiro, na cane cane abagenzi n’incuti z’Uburundi bari ngaha, bakaba bama badushigikira mu vy’Ubuhinga n’Uburyo.

23.Kukaba nkako, uyu Mugambi uzokwama uhinyanyurwa uko imisi igenda ubuhinga bwo kubandanya ishirwa mu ngiro ry’ingingo zawo hisunzwe ingendo yorohereza abato canke abasaza. Uko bigenda kwose, tubasavye gukwirikiza inzira bise « ntimusinzire » (méthode active et participative)iha ijambo ababa bariko barigishwa.

24.Ibi rero ntibizomera nk’ivyiyadukije : ugusigurira abantu ico inyigisho zo gukunda igihugu zirondera, abo zerekeye, ihangiro ryazo n’ubuhinga zisaba, ivyo vyose birondera kuraba ibihe bigezwemwo. Ni uko rero, nkuko vyama bigenda mu migambi yose itigira ntanyiganyizwa, uyu Mugambi wateguwe kugira ngo ube nk’urumuri rumurikira ibikorwa, uzoza urasuzumwa uko haciye igihe kinaka, usubirwemwo, ukosorwe kandi utunganywe hakurikijwe ibibazo biriho. Vyoneye uyu mugambi uzogendana n’uwundi w’inkoramutima ujanye n’umutekano (stratégie Nationale de sécurité).

25.Muri iyo ntumbero rero, ibintu vyinshi birashobora guhinduka mu vyerekeye ugukorana kw’inzego, ukugwirirana kwabadufata mu mugongo, n’ugutosora itunganywa ry’ibisata n’ubuhinga bikomotse kw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi. Bitunganywe neza rero ku buryo ibikorwa bitinjiranamwo, tumenye ikiriko kirakorwa n’uwuriko aragikora mu gihugu cose, uburyo busabikanywe neza.

26. Vyongeye, ibikorwa vyo gusigurira abenegihugu uburenganzira bwabo n’ivyo bategerezwa, ukwubaha Imana, ugukunda igihugu, ugukunda bene wabo, ugukunda ibikorwa biranguwe neza, ukwibwiriza, umutima wo korondera iterambere, ugutunganya aho abayobozi baganirira n’ababatoye, tutibagiye umwanya n’ibibanza vyo kuja inama n’ingingo mu kibano no ku rwego rw’igihugu cose, ivyo bizotuma dushikira ihangiro ryacu nyamukuru ryo kwubaka Igihugu kirangwa n’Amategeko be n’intwaro nziza twashize imbere mu Burundi muri wa mugambi wo « Guteza imbere no gutsimbataza Intwaro ibereye, kurwanya ubukene n’igiturire. »

27. Ese uno Mugambi w’Ugukundisha Igihugu wogira ico uterereye mu gusubira ku mico n’akaranga keza bizodufasha kwubaka Igihugu, ugafasha Abarundi kwama baririmba bazirikana rwa ruririmbo ruhayagiza Igihugu cacu no kugendera impanuro ziri muri rwo. Ni kuri ico cipfuzo dutanguje icese Umugambi wo w’inyigisho zo gukunda no gukundisha Benegihugu Uburundi bwacu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.