Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Indwara ruhonyabitoke iriko irarwanywa biboneka
Indwara ruhonyabitoke iriko irarwanywa biboneka
dimanche 1er Ruhuhuma 2015
Abarundi basabwa ko batoza barahanahana imivyaro y’igiterwa c’igitoke ,mu ntumbero yo kurwanya indwara ruhonyabitoke.
Iyo ndwara yari imaze iminsi igisibije mu turere tutari duke tw’igihugu, ikaba yariko irageragezwa kurwanywa nk’uko bivugwa na Odetta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi. Avuga ko kugira ituzwe rwose, abanyagihugu bogerageza, bakareka kuza barahanahana imivyaro y’ibitoke. Mukamenya ko igitoke gifashwe n’iyo ndwara, kigira imitoto ibenje, ndetse n’imihanyu yaco ugasanga isa n’iyumye imbere.
Ariko rero uwo mushikiranganji akaba ashima rwose uruhara abafasha Uburundi bagize kugira iyo ndwara irwanywe bimwe biboneka. muri kino gihe, akamenyesha ko iyo ndwara yagabanutse cane ndetse agasaba abanyagihugu kwirinda guhanahana imitsinda y’ibitoke idapimwe.
Aristide Nizigire
Messages
1er Ruhuhuma 2015, 20:54, par Nuwera
Urakoze mushikiranganji wuburimyi nubwozi mugihugu cacu kurizompanuro zokwitwibutsa ko twokwirinda kuzaturahanahana imivyaro yibitoke IDAPIMYE.
Ariko nyakwubahwa mushikiranganji nkumubanyi agombakuguha imivyaro yibitoke baryabagoronome twamana kumitumba badufasha kubijanye nivyuburimyi nubworoze hanomuma commune yacu, turashoborakubikorako bakadufasha gupima iyomivyaro yibitoke twobatugomba guhanahana nkabenegihugu?
Noronka inyishu ahanyene kobarakandi karusho, kuko ubivuze narimazimisi ngiranyamasezerano nabantu yokunkotesha ahantu hangana na hecteure 10 mukiringo cimyaka 10 gusa.
Nkabanariko ndiyegereza abantu batandukanye kugirabazondose imivyaro yibitoke nkabanarikonditegura kuzoshiramungiro uwomugambi mumpera zuyumwaka wa 2015 mumezi ya Munyonyo na Kigarama mugutera ivyobitoke.
Arikokuhategura bisanibigiye gutanguravuba imyitegurorero irakaze kumpandezose mugicecambere cimyiteguro nukurondera imirwimyishi itandukanye yokurima kugira mukiringo cukwezikumwe hose hazobe haheze kurimwa, iyindimyiteguro nuko ndikondataga amafaranga ndayaha abazompa umyavu.
Hakabaho nikindigikorwa cabantu batazobaribake bazotera iyomivyaro yibitoke mukiringo kitarenze amezi 2 nukuvuga ukwezi kwa 11 nukwa 12 vyuyumwaka.
Iyindimyiteguro niyuko inyuma yoguteza iyomivyaro yibitoke nyuma yamezi 12 (umwaka) harihumurwi utazobarimuto wamaho wogucungera umutekano wivyobitoke kuko ababizi bavugako inyuma yumwaka uteje ibitoke ngo bibabitanguye kwama arinaho bishobora gutangura kubangamirwa nabasuma.
Ariko muriyomyiteguro harimwo nabandibantu bataribake bazokomeza gukorera isuku mwivyobitoke hasi nokurivyo ubwavyo, kugerubu mazekuronka amasoko atarimake nzoshoreramwo umwimbu wivyobitoke hiryanohino mugihugu.
Ndabivuzeko cane kugirasinzohamve nkora ibinyuranye nivyabajejwe indimo bifuriza abenegihugu.
Niyaba aribirebire mukunsigurira mwombarira muti: niwigore uturondere tugufashe kukwereka ukuzoronka iyomiryaro yibitoke ndaziko kubarondera bitazongora mwebwe murazwi ahokubaronderera.
Ikindi gituma ndabikaramwo nuko abobemeye kuntiza iryotongo twavuganyeko nzotangura kubaha amafranga igicecambere mumwaka uza, kukotwumvikanye konzoyabaha imice 10 nukuvuga burimwaka hariho amafranga ntegerezwa kubaha atabura kugiranabo baronke ukobabandanya imigambiyabo yamisiyose.
Sishaka kuzobatesha umwanyawubusa canke nanje ngontumwanya, arinavyo bivyara guhomba kuko.
Abahingabambwiyeko nzokora imwaka ibirintakintu ndatangura kwinjiza ngumagusa mpembabakozi nongera nsohora amahera yokugura ibintubitandukanye, atariko nyuma yimyaka 2 imodoka zokuza gushomba ibitoke vyeze ngozizotangura gutondakumurongo burimusi.
Barashiboye nokugereranya amahera nshobora kuzozandaronka burimusi barayambariye nasanze ntagihombo, kandi nabobene kuntiza ayomatongo imyaka 10 izohera baramaze kwikenura bimwe biboneka.
Nizereko bizoshobora nokubera akarorero nabandi bakabonako ukoresheje itongoryawenabi ubahonabi kubera ubutamenya murakoze. Nuwera.