Accueil > Amakuru > u Burundi > Indwara zitandukanye zirabangamiye impunzi z’abarundi mu Rwanda
Indwara zitandukanye zirabangamiye impunzi z’abarundi mu Rwanda
lundi 11 Rusama 2015
Impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’impunzi ya Mahama mu karere ka Kirehe, zirabangamiwe n’indwara z’umusonga, malariya, gucibwamo.Hari n’abavyeyi bemeza ko abana babo barwaye Kwashi.
Ucinjira mw’ikambi, ushikira aho bandikira impunzi zishasha n’aho abarwaye bivuriza. Haba aho bandikira bashasha canke kw’ ivuriro, hose haba hari abantu benshi, umwe wese ashaka gufashwa imbere y’uwundi.
Mw’ ihema riri imbere y’ivuriro, uhasanga impunzi zicaye ku ntebe zirindiriye kubonana n’abaganga. Abaticaye ku ntebe baba baziryamyeko, mu gihe abandi basa n’abaremvye, baba baryamye hasi.

Mu bitaro bito vyubatswe mw’ihema muri iyo kambi, harwariyemwo abantu bagizwe ahanini n’abakuze. Abaja kwivuza bavuga ko bamara umwanya munini barindiriye abaganga, kubera abarwayi ari benshi, mu gihe n’abavuwe kugira baronke imiti, bibatwara umwanya munini,bigatuma haba abarara batayironse.

Ibiharuro bitangwa n’abaganga n’uko muri iyo kambi, abarwayi bashika 200 aribo bakirwa ku munsi, aho igitigiri kinini nico abarwaye malariya badashobora kuja munsi ya 60 ku munsi.
Nta musegetera n’umwe uboneka muri iyo kambi, ndetse no mu bitaro bito bito bihari ntayirimwo. Bigashoboka ko arico gituma hibonekeza indwara ya Malariya muri yio kambi.

Izindi ndwara zibonekeza muri iyo kambi y’impunzi ya Mahama ni gucibwamo n’umusonga. Ariko rero, hari n’igitigiri kinini c’abana bafise ibibazo vyo gufungura nabi nk’uko vyemezwa n’abavyeyi babo ko hari abarwaye kwashi.
Abana bafise ibibazo vyo gufungura nabi barenga 300. Bashirwa mu kibanza kimwe bahagabwa umusururu. Mu gikoni kimwe kiri mw’ikambi ya Mahama, ahatekerwa uwo musururu ngo amasafuriya manini icenda niyo atekwa ku munsi agahabwa abo bana bafise ibibazo vyo gufungura nabi.

Kuba hari abana barwaye kwashi muri iyo kambi, ngo nta gitangaza kirimwo nk’uko vyemezwa na Nzohabanayo Therence aserukira izo mpunzi.
Yavuze ati “Kuba umwana arwaye kwashi biva ku buryo twafungura turi mu Burundi.
Iwacu nta nfungurwa nyinshi zari zihari ku buryo wovuga ngo abantu bose bashobora kuba bavyibushe. Abarwaye kwashi si bose, hari bamwe barwaye, hari abakomeye n’abadakomeye. Abarwayi kwashi si benshi ku buryo umuntu yovuga ko hari abashobora kwicwa n’inzara.”
Inzara ivuza uruhwa, amazi nayo akaronkwa n’umugabo
Zimwe mu mpunzi zivuga ko zimaze igihe zidahabwa infungurwa zihagije naho ubuyobozi buvuga ko ivyo bwari bufise vyose bwabitanze.

Hari abavuga ko bamaze indwi yose bahawe ikilo kimwe c’ibigori mu gihe kandi ngo ari umuryango w’abantu barenga 5. Ivyo ngo bituma hari igihe barara badafunguye ,canke bakabihebera abana,abavyeyi bakihangana.
Ikindi kibazo cibonekeza ni kuronka ibikoresho vy’isuku,kuko ngo bibasaba kuzingazinga ibivomesho kugira baronke ingene bamesa impuzu canke kugira boge.
Ku mavomo atatu ari muri iyo kambi, haba hari umurongo munini w’abantu baje kuvoma. Bamwe baba binginga basaba kuronka n’amazi na makeya yo kunwa.
Amazi yaho aza ari make ku buryo hari abarara batavomye, bakarindira aho azozira ari menshi.
Utabizi wokwibaza ko ari ikambi y’abana
Abana baba bari impande n’impande. Bidegemvya mu mabarabara, abandi batembera muri iyo kambi ingana na hegitari 50 z’iyo kambi. Nibo baba batetse canke bari aho bavomera amazi kuko abavyeyi baba bagiye kurondera ivyo bafungura.

HCR ivuga ko igiye kubashiriraho ihema rinini bazoza barahuriramwo kugira bashobore kwiga bigishijwe na bamwe mu mpunzi bari abigisha.
Mu bihumbi birenga 17 biba muri iyo kambi, igitigiri kinini kigizwe n’abana, barenga ica kabiri c’impunzi zose zimaze kuhashika, nkuko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR.
Imbonerakure ngo zarabatoteza
Vyakunze kuvugwa ko urwaruka ruva mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ruhohotera abanyagihugu rubabuza umutekano. Kubera gutinya kugirirwa nabi, bamwe ngo bahisemwo guhunga.

Bemeza ko bazi abantu bari mu mbonerakure, babatera ubwoba.
Umwe yavuze ati “Nahunze itotwezwa, amacakubiri y’abo tudasangiye ubwoko ntiduhuze n’umugambwe, ubutegetsi buriho bwashizeho abasirikare batazwi babigisha kurasa bakabaha n’inkoho mw’ ijoro turyamye baraza bakatuvyura bakadutera ubwoba ko bazotwica, bakanatwiba.’’
Bamwe ntibazi icatumye bahunga
Benshi bavuga ko bahunze ibibazo vy’umutekano muke baterwa n’Imbonerakure. Abandi bakavuga ko bari bafise amakenga ko igihugu c’Uburundi kigiye kuja mu ntambara bigashobora gutuma bapfa , gityo bahitamwo guhunga.
Gusa, bamwe mu baganiriye na IGIHE, berekanye ko icatumye bahunga gitandukanye n’ivyo ahubwo ko babonye hari abahunze, nabo bakazinga ivyabo bagahungira mu Rwanda.

Yavuze ati“ None ko nabonye abandi bagenda nanje nkaca nza.”
U Rwanda rwisunze amategeko y’igihugu ajanye n’impunzi, ndetse rwisunze amasezerano mpuzamakungu, rwahaye uburenganzira bwo kuba mu Rwanda nk’impunzi abarundi bashika ku bihumbi 11 kubera ko baje ikivunga nk’impunzi.
Abarenga ibihumbi 50 nibo bamaze guhunga, muri bo abarenga ibihumbi 25 bahungiye mu Rwanda.
Ibihugu bitandukanye birimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya vyerekanye ko Reta y’Uburundi ikwiye gufata iya mbere igatorera inyishu ibibazo bituma abanyagihugu babandanya guhunga.
Amatora yatumye bamwe bagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza abandi bagahunga, yitezwe mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro,iherutse gutangaza ko Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza ku kiringo kigira gatatu ariko hari abatavyemera. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza, bavuze ko iyo ngingo ihengamye baca batangura imyiyerekano.Bavuga ko batazova mw’ibarabara umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atavuze ko atazokwitoza.







Van Naris Mugisha
Messages
11 Rusama 2015, 12:21, par yusuf
ubu kweri raisi ntiyogira ikigogwa ko nama mubona mwisegero ariko asenga reba igene bene bacu bariko barajura jura bapfa nigwara
11 Rusama 2015, 12:27, par mutabazi
Igihe.com gisigaye kimeze nka RTLM cyangwa radio Muhabura. Abo barundi bahunze inzara n’ikimenyimenyi inzara yo mw’itumba nirangira bazitahira hanyuma mukorwe n’ikimwaro
11 Rusama 2015, 12:33, par TITI
Haha kumbe bitwaje ikiringo ca piter kugira bahunge inzara!
Sinshigikiye ihonyarwa ry aaccord d’arusha , mais ndabona ko abahuga ba profise kugira baje kurinka imfashanyo za gusa kumwe bari baramenyereye muri za 93.
11 Rusama 2015, 13:11, par iratubona
Ubu hungiro si murwanda ni muhungirekwayesu, Niho har amahoro
11 Rusama 2015, 13:28, par alexandre
Abo batutsi reka bakome iyo baba bibuka ayo badukoreye guhera 1972 reka babanze bakome aho bahungiye mu rwanda
11 Rusama 2015, 13:48, par bima
Mwisi Nta Mahoro Arimo,umurimo Reka Tuwuharire Iyaduhanze,itabare Abarundi.
11 Rusama 2015, 13:55, par nshimirimana ariona
Dieu vs aime rien n, est possible ndabaremesheje
11 Rusama 2015, 14:20, par Bigirimana Isaac
Birababaje Icombona Bohunguka Bakagaruka Kuko Natw Twaremey Tugma Mu Bdi Kandi Ntangorane Dufis.Kirets Mugisagara Hari Imigmuko. Ntantambara Isumba Iyobarimwo Barundi Benewacu Nukuri Ngeragej Kuraba Nimutahe Kuko Birababa Ego Nimba Harivyo Mwumva Bivugwa Bizorangra Kandi Uwizey’ Imana Ntatetegwa Garuke Rero Mureke Kwicwa Nimbeho Inzara Nibindi Aho Mu Rwanda Sibwo Buhungro Kuko Ndabona Mutorohew .Menyako Ubuhungiro Ari Igisabisho.
11 Rusama 2015, 15:00, par gutabara
Mana tabara impunzi zabarundi kuko nabo nabana nkabandi .gusa sinzi Nina byaba byemewe NGO nampe umiryango umwe ube wibera murugo kuko nange narahungiyeyo baramgaahije peee, ababisobanukiweumbire nzageyo gusaba one family
11 Rusama 2015, 15:07, par Mutabira yakabiti
Biragoye kugirabahuguke kuko bategerezwa kuba ibitambo vyabanye politike, abonyene bazopfaribeshi bicweningwara hanyuma hazogaruke imparurwa. Mbemurazi abantu twafishirije mumakambi yatanzaniya bishwe ningwara zitandukanye ukuntubangana?
11 Rusama 2015, 15:15, par ntaconzoba
mbega ntubona ko hahunga abahutu gusa......
11 Rusama 2015, 15:28, par Kalim
Uvugira izo mpunzi ati: Iwacu nta nfungurwa nyinshi zari zihari ku buryo wovuga ngo abantu bose bashobora kuba bavyibushe.
None ga yemwe ico bahunze ntikiriko kiribonekeza!
11 Rusama 2015, 15:28, par vuganeza
Ariko mana yanje za urahora abawe bapfuye kuva 65 bazira amako,mbega biratangaje,bagiye bikiriza ngo mu rwanda hateye imbere,hakaba hakibayo ugucibwamwo,na kwashi nayo barayigwaye!,ntitwari twavuzeko abo batutsi bahunze ubukene kuko bamenyereye ivya pam kuva 93 batacibuka gukora!Nabo ngo oya duhunze imbonerakure,aka kanya abana bafashwe na kwashi bafashwa na hcr !ntivyumvikana!!Mwebwe mwarabonye aho abantu bata ingo kubera kwankiriza umuhutu,bagahunga kuducafuza ngo tubabuza akami ka muntu ngo badukwegere amakungu ku mutwe,natwe iyo nda twarayirayeko ariko tweho twahunga urupfu réellement,burya imana ihora ihoze,ni bukebuke ariko irishura kandi igahora
11 Rusama 2015, 15:42, par mutabazi
Nawe uhungira ubwayi mukigunda nibaze neza mu Rwanda. Kagame abonye imboga atarushye kuko amaraso y’abanyarwanda yayahaze. Nibitegure udufuni mumunsi iri imbere kuko azabasubiza i Burundi abanyujije muri Rweru
11 Rusama 2015, 16:02, par kabwa
Alexandre,
uraboshwe ukwiye gusengerwa. Hari uwo wamenye mu bari mubuhungiro yagukoreye ikibi muri 1972?
Abavuze nabo ko bishwe n’inzara nabo, kumbure harimwo bamwe bamwe simpaririye. None wumva PITAPITA atoheba kw’itoza namba abanyagihugu atwaye imyaka cumi baronka amahoro mu nda bagiye mw’ikambi y’impunzi mu rwanda gusumba bagumye mu ngo zabo? Aho nshize iruhande ihonyangwa ry’ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha abuza umukuru w’igihugu kwitoza ikiringo ca gatatu.
11 Rusama 2015, 16:28, par peace
yoooooooooooooo!!!! birateye ikigongwe n’ukuri ubuse ahobavuye abasigayeyo babayiki!!??, mwarabahenze mwe mwigumira ibujumbura.
11 Rusama 2015, 17:11, par vuganeza
@kabwa
sinziko wibaza ko abo ubwira ari nkawe(ibijuju),none peter niwe yari kuja kubarimira ivyo barya?Vyabananiye kurima ngo bigaburire baca baja kubesha ngo ni imbonerakure,none ubu ni Peter yategerezwa kubarimira !!!La vache!!!!!Imana iriko iriyerekana!Nagire kandi nunganire alexandre,nimba atawo muri 72 arimwo bose n’imyungu ya rwa ruyuzi ntivyumvikana ingene bokora irementanya nkiryo ry’imbonerakure n’interahamwe batavyigishijwe na ba se babikoresheje mu 72!
11 Rusama 2015, 18:29
N’ukuri barabeshwe kugira HCR y’ironkere akazi kare yarabaryosheryoshe ibatora ku mupaka na Bus ibashiriye indya baca baguma batél bagenzi babo basigaye Iburundi ngo bahunge none raba vraiment!!!Aho ntibokwitahira mugabo Mayina umugambi w’ababwiye ngo Bahunge ntibarawurangura!!!
11 Rusama 2015, 20:25, par Nukuri Abobantu Nibagarukirweko Guko Nabantu Nkatwe
Ndikumukiza Joram
11 Rusama 2015, 21:05, par kaburantwa
Izo mpunzi nizitahe ntangwano iri muburundi
11 Rusama 2015, 21:41, par amani barutwanayo
jew mbona botah kukonatw turimuhira ntacotwabay kand jew mbona nubwob bwoguhiganwa nankurnziza kubra ataco bohanoba gusa barabateyikigongw
12 Rusama 2015, 00:57, par vuganeza
@ ntaconzoba
Rimire nta muhutu ahunga inzara barabe neza mitwe yabo n’imyungu wa rwa ruyuzi.Umuhutu ntashobora guhunga inzara ararima,ariko somalia ,ethiopie n’ahandi mu mililo inzara yama iriko irabahashura birigwa basutamye gusa badakora hanyuma mu nyuma ngo ni imbonerakure zabahungishije kugira bahamagare abazungu baze babahe ubutegetsi pour qu’ils puissent s’engraisser sur nos epaules comme des porcs,ariko ubu ibintu birakomeye!!!
12 Rusama 2015, 05:30, par ahishaniye joas
ndababajwe nabenewacu bari murwanda bapfuye nabi birababaje cane ariko bihangane imana irababona
12 Rusama 2015, 09:58, par OKAY
vuganeza
Jewe ndi Umuhutu. Ntakubesha, Urafise vyinshi uzosigura Imbere y’Imana basi. Ntiwigire umuvugizi w’abahutu, ntanumwe yagutumye kutuvugira. Kandi umuntu wese niyasigura ico yakoze kugatwe kiwe, sinizera ko ivyo uzobitahura nk’ikibazo c’abahutu n’abatutsi. Ivyo umengo waraturubuye mumutwe, sinzi ko amajambo yawe afasha umuhutu numwe muburundi. Amajambo maze gusoma yandikwa nawe aransesema. Kandi uri ikimaramaza mumuryango w’abahutu! Mbega urazi histoire yaba hutu twese? abacu bishwe n’aba DD, ntibari abahutu? umu pastor yishwe n’aba dd, ntiyari umuhutu? abana bahitanye n’ibitero vy’aba dd, ntibari abana babahutu? Nivyo twese twarababaje abarundi bagenzi bacu, ariko gikuru n’ukwubahana. Kandi Kwigira umuhanga ntaco bimaze. Mugihe gito gusa, twese tuzoba twitwa abahisi (marehemu), ariko ivyo dukora ngaha tuzobitwarana iyo tuzoja. Kwitonda mu kwubaha ibiremwa vy’imana birakenewe. Nimba urya agize uku, si ngombwa ngo nawe ugire uku. Buri muntu azohabwa ingero ikwiranye nivyo yakoze.
12 Rusama 2015, 21:00, par vuganeza
@okay
Kabisa,umututsi ankubite ikofe nce ntega irindi tama ,maze! la vie de la bible.Rero shahu ok ivyo nandika nibiguseseme udahwe je m’en fiche,wewe ubuzima bwawe nubwanje buratandukanye ibintu ntitumvyumva kumwe,ce n’est pas parce que aba fdd bishe abahutu ko nca nibagira amajenocide mwadukoreye naho ubesha ngo uri umuhutu.Mbega kubera iki mushaka ko abahutu tuduga kuri utwo tu bavures tw’abahutu ngo dusamburane.vraiment nimba uri umuhutu uri ikijuju,micombero yamaze abahutu bagaza araza,hanyuma buyoya,ubona bataguma bari hamwe ,ko batavuga nkivyo udedemba abahutu nkawe je regrette twabahaze,ubabajwe nuko mvuga ivyo mushakako binyegezwa musubire muduturire mu ma pine,encore une fois ça ne marche pas tes explication à la con urahendesha ayo ma théorie yawe abandi bahutu atari jewe!Izo mana jewe sinkiri muri vyo,wewe bandanya wubahe ivyo iremwa vyazo!
13 Rusama 2015, 00:11, par Okay
Vuganeza
Ushaka wokwitonda. Nimba uwo mutavuga rumwe wese aca ahinduka umututsi, canke nimba ari umuhutu naho agaca aba ikijuju, numva uremerewe. Amaraso y’abantu arahuma. Mbega ko abo batutsi wama wikokomora ari ibice 14% gusa, natwe tukaba turi 85%, hanyuma biteko tukaba twari dufise izindi ntwari z’abahutu ziri muri DD, FNL n’ahandi zigomba kwitoza, kuki tutari gukina politique yo kugumiza igihugu mumaboko y’abahutu tutarinze gutuma ubwoko bwose buhunga igihugu? Nuko Nkurunziza atanezwe nivyo vyamoko. ashaka kwigungira kubutegetsi hanyuma akaca ashaka kubicisha mumoko kugira ngo tubimufashemwo. Mbega wibaza ko abahutu turi ibijuju vyo gukurikira umuntu arondera inyungu ziwe? Ugwo rukundo mudukunda rufatiye he? Mbega hamwe mwofata Rwasa ari wenyene mwijoro, mwomureka agataha? Mwofata Ntiba, Mwomureka akigira? Sha nimugeze aho ubu twese turazi umwansi wacu uwariwe. Ntuduhendeshe utwo tujambo tw’amacakubiri kunyungu zanyu. Nimugende neze, nayo abahutu turacashaka uwutwitaho. Nayo mwebwe sasure ivyanyu twarabihimvye. IYO BUMENYA UMWE ......heraheza
13 Rusama 2015, 00:34, par world
@vuganeza
Je nagira ngo nije umuhutu ndumwe akugaya, none hariho n’abandi benshi babona kure nkanje. Erega shahu nkuko "OKAY" yabivuze, abahutu twese turatahura utwo tuntu muri kwigira. Kira kantu kose ushatse kuvuga: Abahutu, abahutu, Abahutu. Ntuze uradufatira hamwe twese ikivunga. iyo ningwara ugwaye wewe na sobuja NKURUNZIZA. Ko mushaka kutugira ikiraro canyu, mwariyumviriye musanga nimwe mwize mwenyene? Abo batutsi wanka, niyaja kubutegetsi akikubita agashi akadutwara neza, akitaho abanyagihugu atari ubwoko bumwe, agahana abagirizwa ivyaha, maze igihugu cacu kigatera imbere, tuzomwubaha nk’umurundi. Niyo yigira surivu naho, niho rero uzoca ubona umuhutu yashavuye ukuntu ameze. Nayo mweho gombe mutembagare ntaco mutumariye. Muri abicanyi gusa mushaka kutugira ikiraro canyu. Tuveko mureke gutukisha Abahutu. Ipu!!
13 Rusama 2015, 00:50, par @##
@Vuganeza Wewe uvuga ngo ubuzima bwawe nubwabandi buratandukanye, ariko mukuvuga ugaca ubashiramwo bose? ndaguTwenze. Ngo abahutu tuzogiruku, yamara bakwiyamye uGaca ubiyama nawe. Ni wewe uri ikijuju kabisa. Kandi ndazi nanje ko uHava unyita umututsi. Jewe nd’umuhutu aha MuRumonge. Natwe turi kubarabira kugwenge basha ntimubone duhoze. mushaKA mwoguma hamwe. Nimwe mugomba kuTwononera no kuduTukisha. UMusi tuzobashwaramwo ntimuzoTangare igipfa caBuriwe nimpongo. MuraKoze.
18 Rusama 2015, 03:41, par vuaganeza
@##
Uragapfa utabaye umuhutu,uzokwirara muri ba nde,uzosige nde?Niwaheza kwirara mu bahutu benewanyu uzoca uba umukundwa mu batutsi,mbe abo uraba ukinumira ni bande,iyo langage d’assassin si iyumuhutu,muraza si bimw vya 72
28 Rusama 2015, 18:34, par Havyarimana
Nukuri nyakubahwa Petero Nkurunziza narabe ico yokora kuri bino biriko biraba mu burundi kuko ni se barundi.
15 Gitugutu 2015, 11:06, par Ndumasabo Jean Methode
Mbega yemwe aya magogwo abarundi bariko barabona bayatewe nabategetsi bigihugu kandi aribo bobakijije amagorwa bazoca bayakizwa niki? Mana y’uburundi nisi yose wewe utanga utahawe turagusavyengo ugarukire abarundi nuburundi kuko tugeze ahatemba! mbega kwibindi bihugu biva hasi biduga hejuru nayo twebwe tukaba tuva hejuru tuja hasi amaherezo nayahe! nubane natwe Mana kuko tukwizigiye. Amen!
15 Gitugutu 2015, 11:08, par Ndumasabo Jean Methode
Mbega yemwe aya magogwo abarundi bariko barabona bayatewe nabategetsi bigihugu kandi aribo bobakijije amagorwa bazoca bayakizwa niki? Mana y’uburundi nisi yose wewe utanga utahawe turagusavyengo ugarukire abarundi nuburundi kuko tugeze ahatemba! mbega kwibindi bihugu biva hasi biduga hejuru nayo twebwe tukaba tuva hejuru tuja hasi amaherezo nayahe! nubane natwe Mana kuko tukwizigiye. Amen!