IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo y’ukwirukana umukozi wa BNUB yafatanwe amasasu yabaye (...)

Ingingo y’ukwirukana umukozi wa BNUB yafatanwe amasasu yabaye irahagarikwa

jeudi 12 Ruheshi 2014

Ingingo yari yafatiwe umukozi wa BNUB yari yafatanwe amasasu ku kibuga c’indege ca Bujumbura ntirashirwa mu ngiro. Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hamwe na BNUB bamenyesha ko ico kibazo bagiye kucigira hamwe mu mwumvikano.

Abednego Mutua yahora ajejwe umutekano mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) yari yahawe amasaha mirongo ine n’umunani (48heures) kugira abe yavuye ku butaka bw’Uburundi. Reta y’Uburundi yari yafashe iyo ngingo yo kumwirukana mu Burundi inyuma y’aho afatanwe amasaho abiri (Chargeurs) yuzuye amasasu, ku kibuga c’indege ca Bujumbura, mu gihe yagira afate urugendo mu ndege "Kenya Airways", rumushikana mu gihugu ca Kenya avukamwo, akaba yari agiye mu karuhuko. N’aho Reta y’Uburundi yagirije Abednego Mutua ko yirengagije amasezerano y’i Chicago, abuza gutwara ibirwanisho mu ndege igenderamwo abanyagihugu, mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) bagumye basigura ko ivyashikiye uwo mukozi kwabaye ukwihenda, n’ukwibagira gukura mu bikoresho vyiwe ayo masasu, kuko ataco yari kuba agiye gukoresha amasasu atagira inkoho.

Mw’itangazo basohoye inyuma y’ifatwa ry’iyo ngingo yo kwirukana mu Burundi Abedneo Mutua, BNUB yavuze ko Reta y’Uburundi itari kwihutira kumwirukana, kuko ico kibazo impande zompi zari kugitorera inyishu mu mwumvikano, zisunze amasezerano ahuza ONU n’Uburundi, ari nakwo gusaba ko iyo ngingo yohagarikwa.

Amakuru dukura mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ubwo bushikiranganji bwoba bwaratahuye ko kuba uwo mukozi wa BNUB yarafatanwe amasasu ku kibuga c’indege ryoba ryabaye nk’isanganya rivuye ku kwibagira. Iyo ngingo y’ukwirukana Abednego Mutua yahora ajejwe umutekano wa hafi (Sécurité rapprochée) wa Parfait Onanga Anyanga yabaye irabangira, impande zompi zikaba zaratanguye ibiganiro, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu mu mwumvikano.

Mu kurindira ikizova muri uwo mwumvikano, uwo mukozi wa BNUB, Abednego Mutua ari mu Burundi, mu mabanga yiwe ya minsi yose, nk’uko vyahora.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.