IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inguvu zirakwiye kwongerezwa mu guhasha amabi afatiye ku gitsina

Inguvu zirakwiye kwongerezwa mu guhasha amabi afatiye ku gitsina

mardi 10 Kigarama 2013

Amabi ashingiye ku gitsina si agaseseshwa rumuri, aribonekeza mu gihugu c’Uburundi. Ni muri iyo ntumbero igihugu c’Uburundi cifadikanije n’amakungu mu gushiraho iminsi 16 yahariwe kurwanya ayo mabi. Ni akaryo ku barongoye abandi guhera ku rwego rwo hasi, abategetsi batandukanye, abafata ingingo, imiryango, amashirahamwe mpuzamakungu, hamwe n’abanyagihugu bose ko gukorera hamwe bakayarwanya.

Kurwanya amabi akorerwa abakenyezi ntibiraba gusa abakenyezi kuko iyo hari amahoro mu rugo, ni akarere kose karonkerako. Ni nayo mpamvu isi yose itegerezwa kurwanya ayo mabi yivuye inyuma. Amashirahamwe mpuzamakungu arakwiye kwongereza inguvu mu kurwanya ayo mabi afatiye ku gitsina, hamwe n’ukurwanya ukudahana abayakora.

Mw’itangazo ryasohowe n’umunyabanga nshingwabikorwa mu nama mpuzamakungu y’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini (CIRGL), bavuga ko amabi akorerwa abakenyezi mu turere turimwo intambara atuma imibiri yabo iba ari ikirimbiro ry’abarwanyi. Ayo mabi rero atuma bagira imibabaro itagira uko yovugwa, kuko ishwanyagura imitima y’imiryango yabo hamwe n’akarere kose. Ninayo mpamvu hageze ko ibintu bihinduka ku neza y’akarere kose.

Imico y’abarundi yamenyereje abagore kutubahuka umugabo, ari nayo mpamvu akenshi abakenyezi bakorerwa amabi bahitamwo kugumya ibanga, mbere ntibiture ubutungane kugira bubatunganirize. Abakenyezi benshi muri abo bashima kugumya ibanga baragira ingorane gushika aho ibintu vyunyuka bamwe bakahakura ubumuga. Abagabo barakwiye bari bakwiye guhindura ingendo, bakishira mu kibanza cabo bagore bahohoterwa.

Mwomenya rero ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Kigarama ariho ya minsi 16 yahariwe kurwanya amabi ashingiye ku gitsina yarangiye.

.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.